Ja ku birimwo

7 RUSAMA 2015
Angola

Ivyabona barafashije abatewe n’imyuzure muri Angola

Ivyabona barafashije abatewe n’imyuzure muri Angola

Ingoro y’Ubwami y’Ivyabona vya Yehova i Lobito yari yuzuye urwondo n’amazi gushika kuri santimetero 70.

LUANDA muri Angola: Guhera ku wa 11 Ntwarante 2015, imvura y’isegenya yaratumye haba imyuzure yahitanye abantu 85 yongera isambura amazu 119 mu ntara ya Benguela iri nko ku bilometero 500 uvuye i Luanda ku murwa mukuru. Ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova muri Angola vyavuze ko ata Cabona yapfuye, mugabo ko amazu 11 y’Ivyabona yasambutse canke arononekara cane. I Lobito, Ingoro y’Ubwami imwe, ni ukuvuga inyubakwa yaho basengeramwo, na yo nyene yarononywe n’umwuzure.

Bukeye ico kirura c’imvura giteye, Ivyabona barashizeho komite ijejwe gutabara abashikiwe n’ivyago kugira irabe ivyononekaye maze itunganye ukuntu ibatabara. Ivyabona baragarukiye ku bo basangiye idini n’abo batarisangiye bo muri ako karere. Kuri iyo Ngoro y’Ubwami y’i Lobito, abitanze barakuye urwondo n’amazi vyari vyaduze gushika kuri santimetero 70. Barasanuye n’ibindi bintu ku gihe kugira bashobore kugira rimwe mu makoraniro adasanzwe ku mpera y’umushamvu yakurikiye iryo segenya ryari ryabiciye bigacika. Abaserukira ibiro vy’ishami ry’Ivyabona vya Yehova vyo muri Angola baragiye kuri ayo makoraniro bavuye i Luanda, barahumuriza Ivyabona baho bongera barabaremesha mu vy’Imana.

Ivyabona bo ng’aho bitanze barasukuye bongera barasanura Ingoro y’Ubwami i Lobito.

Umuvugizi w’Ivyabona vya Yehova muri Angola ari we Todd Peckham, avuga ati: “Turifatanije n’abo bose bariko barihanganira ingaruka z’iyo myuzure ikomeye. Ibiro vy’ishami vyo muri Angola bizobandanya guhagarikira igikorwa ca komite yo gutabara abashikiwe n’ivyago vyongere bifate mu mugongo abantu bo muri ico kibano.”

Uwujejwe amakuru:

Ku rwego mpuzamakungu: J. R. Brown wo mu Biro bijejwe amakuru, tél. +1 718 560 5000

Muri Angola: Todd Peckham, tél. +244 222 460 192