Ja ku birimwo

KU WA 30 KIGARAMA 2013
Kyrgyzstan

Sentare ya Kirgistani ishigikira abanse kuja mu gisirikare babitumwe n’ijwi ryabo ryo mu mutima

Sentare ya Kirgistani ishigikira abanse kuja mu gisirikare babitumwe n’ijwi ryabo ryo mu mutima

I BISHKEK muri Kirgistani—Ku wa 19 Munyonyo 2013, abagize Sentare nkuru ijejwe kwubahiriza Ibwirizwa nshingiro yo muri Kirgistani bose ata n’umwe avuyemwo baremeje ko itegeko ryo muri ico gihugu rijanye n’ibikorwa bisubirira ivya gisirikare riteye kubiri n’ibwirizwa nshingiro kandi ko rirenga ku burenganzira umuntu afise mu bijanye no gusenga. Iyo Sentare yategetse Leta gusubiramwo iryo tegeko kugira ngo haboneka ibikorwa vy’ukuri atari ivya gisirikare vyokorwa n’abanka gukora ibikorwa vya gisirikare babitumwe n’ijwi ryabo ryo mu mutima.

Mu 2009, Kirgistani yarashizeho itegeko ritanga uburenganzira bwo gukora ibikorwa bisubirira ivya gisirikare. Ariko, vyahavuye bigaragara ko ivyo bikorwa vy’ukuri vyagenzurwa n’abasirikare. Abakora ivyo bikorwa bacungerwa n’abasirikare, kandi bamwe barategekwa gutanga amahera yo gushigikira ibikorwa vya gisirikare. Abakora ivyo bikorwa barangije baca bashirwa ku rutonde rw’abasirikare b’integabizoza. Ivyo vyatumye Ivyabona vya Yehova banka gukora ivyo bikorwa, ico kikaba caratumye abatari bake bashengezwa muri sentare.

Ingingo yafashwe muri Munyonyo yarerekanye ko Ivyabona bari bafise imvo zumvikana zo kwanka ivyo bikorwa bisubirira ivya gisirikare bahabwa gukora kandi ko batariko baragerageza kwanka gukora ibikorwa atari ivya gisirikare babwirizwa gukora. Ahubwo, iyo Sentare yasanze Ivyabona bari bafise umutima ukunze wo gukora ibikorwa bisubirira ivya gisirikare igihe atari ivya gisirikare koko. Vyitezwe ko imanza zose zerekeye Ivyabona zaburanishijwe zizosubirwamwo maze hagafatwa ingingo hisunzwe iryo tegeko ryasubiwemwo.

Khamit Iskakov, umuvugizi w’Ivyabona vya Yehova muri Kirgistani, avuga ati: “Turetse ko iyo ngingo izotorera umuti ikibazo kijanye no kwanka kuja mu gisirikare umuntu abitumwe n’ijwi ryiwe ryo mu mutima, izofasha kandi mu kwereka abategetsi bo muri Kirgistani ko Ivyabona vya Yehova ari idini ryiyubashe kandi riri kw’isi yose.”

Aderese z’ahavuye amakuru:

Ku rwego mpuzamakungu: J. R. Brown, wo muri Biro bijejwe amakuru, tel. +1 718 560 5000

Kirgistani: Khamit Iskakov, tel. +996 770 778 885