Ja ku birimwo

Ikibanza c’iratiro c’i Patterson i New York muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Udufoto: Abashitsi bahimbawe kubera bariko baragira uruhara mu gice c’iratiro kivuga ngo «Igisagara co mu kinjana ca mbere kivugwa muri Bibiliya.»

KU WA 26 NZERO 2024
AMAKURU YO KW’ISI YOSE

Ikibanza c’iratiro c’i Patterson kirafasha abantu kubona no kwiga ibintu ngirakamaro

Ikibanza c’iratiro c’i Patterson kirafasha abantu kubona no kwiga ibintu ngirakamaro

Ku wa 1 Nzero 2024, ikibanza c’iratiro c’i Patterson caruguruwe, kikaba kiri i Patterson ahari Ikigo ntanganyigisho ca Watchtower i New York muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Igice nyamukuru c’iryo ratiro cataziriwe ngo «Igisagara co mu kinjana ca mbere kivugwa muri Bibiliya.» Umuvukanyi Isaiah Miller akorera mu rwego rw’amaratiro kuri Beteli avuga ati: «Igisagara kivugwa muri Bibiliya cubatswe kugira gifashe abantu kubona no kwiga ingene abantu bari babayeho igihe Yezu yaba ng’aha kw’isi. Amatohoza yagizwe yerekana ko kwiga ari ngirakamaro ku bantu bose utaravye imyaka bafise.» Umuntu umwe ahejeje gutembera yavuze ati: «Iri ratiro ryatumye numva umenga nibereye muri Isirayeli ya kera. Vyari vyiza cane.»

Iki gice c’iri ratiro kirafasha abantu kumenya ibijanye n’ibikoko, ibifungurwa, ibiterwa hamwe n’ibikorwa vya misi yose ababa mu gisagara ca Isirayeli co mu kinjana ca mbere bakora. Nk’akarorero, hari ibiti vy’umwelayo vyakozwe hakoreshejwe iforoma y’ibiti vy’umwelayo vyo muri Isirayeli ya kera. Abagendera iryo ratiro barashobora gusya intete bakoresheje urusyo, bagaca babandaniriza ahari ubwato bwo kuroba busa n’ubwo Yezu n’abigishwa biwe bakoresha. Umuvukanyi umwe yavuze anezerewe ati: «Numvise umenga ndiko ngira uruhara muri ya nkuru yo muri Bibiliya, igihe Yezu yabwira ikiyaga ati: “Hora! Tekereza!”» (Mariko 4:39) Abaje kugendera iryo ratiro baraja kuraba ahantu hameze nk’isinagogi yo mu bihe vya kera, bagashobora kwiha ishusho bicaye kandi bariko barumviriza bitonze ijambo ry’Imana ririko rirasomwa n’ijwi ryumvikana.

Amafoto yerekana igisagara co mu bihe vya Bibiliya (ukurikije uko urushinge rw’isaha rugenda uhereye hejuru i bubamfu): ubwato bakoresha mu kuroba mu kinjana ca mbere, urusyo, isinagogi n’isoko

Rebecca na Marcos bariko bariga ukuntu bakora agatebe k’imbaho ko mu gihe ca Bibiliya

Ikindi kintu gishimishije kigize iryo ratiro ni uko ushobora kuyaga n’abavukanyi n’abadada baba biyambitse nk’abantu baba mu bisagara vya Isirayeli bigatuma umenya ukuntu abantu bo mu gihe ca Yezu bari babayeho. Abatemberera iryo ratiro barashobora kugira uruhara mu bintu bitandukanye vyari bimenyerewe gukorwa mu gihe ca Yezu. Marcos w’imyaka cumi avuga ati: «Ikintu nakunze cane kwari gufasha umubaji wo muri Isirayeli gukora intebe.» Rebecca w’imyaka umunani avuga ati: «Nanje ivyo narabikunze cane, ariko kandi nararyohewe ndiko ndasya intete z’ingano kugira zivemwo ifarine.»

Uretse ico gice c’iryo ratiro, hariho ibindi bice bitatu vyo gutemberamwo. Igice ca mbere citwa «Ibiceri vyo mu kinjana ca mbere bivugwa muri Bibiliya» kikaba cerekana ibiceri vyakoreshwa mu kinjana ca mbere, harimwo n’itetaradarakima yaboneka gake. Igice ca kabiri c’iratiro citwa ngo «Abana bawe bose bazokwigishwa na Yehova» kirafasha abantu kumenya neza amashure atunganywa n’ishirahamwe rya Yehova kandi kikerekana ivyiza biva mu kwigishwa na Yehova. Igice ca gatatu na co kivuga ngo «Kuburanira inkuru nziza no gutuma yemerwa n’amategeko» kikaba kitubwira uburorero bw’abavukanyi n’abadada b’abizigirwa bo mu bihugu bitandukanye bahanganye n’uruhamo, kikerekana n’ukuntu ishirahamwe rya Yehova ryabashigikiye cane.

Uva i bubamfu uja iburyo: Aherekana «Ibiceri vyo mu kinjana ca mbere bivugwa muri Bibiliya», igice c’iratiro citwa «Abana bawe bose bazokwigishwa na Yehova» hamwe n’icitwa «Kuburanira inkuru nziza no gutuma yemerwa n’amategeko»

Abavukanyi na bashiki bacu bo kw’isi yose baratumiwe kuza bagatemberera iratiro ryacu ry’i Patterson, akaba ari ingabire iva kuri Yehova izotuma bakomeza ukwizera kwabo. Ubwo ni ubundi buryo Yehova akoresha mu kwerekana ko akunda cane kandi aha agaciro abasavyi biwe.​—Yakobo 1:17.