Ja ku birimwo

Kwihanganira ivyago

Imibabaro

Bibiliya ivuga iki ku vyerekeye imibabaro?

Imana yoba yitaho ingorane n’imibabaro bidushikira?

Imibabaro​—Coba ari igihano c’Imana?

Imana yoba iteza indwara canke ivyago vy’ivyaduka kugira ihane abantu kubera ibicumuro bakora?

Novyifatamwo gute igihe nshikiwe n’ivyago?

Abakiri bato barigana ivyabafashije kwihangana.

Iterabwoba ryoba rizokwigera rihera?

Mu kurindira ko ubwoba n’ubugizi bwa nabi bivaho, hari ibintu bibiri Bibiliya ivuga ko vyoshobora gufasha abantu kwihangana igihe batewe na ba gaterabwoba.

Ni ibiki nkwiye kumenya ku bijanye no gukorerwa amabi mu vy’igitsina?—Igice ca 2: Ivyogufasha gusubirana

Soma ivyavuzwe n’abigeze guhohoterwa mu vy’igitsina wumve ingene bashoboye gusubirana.

Imana yoba yitaho imibabaro yacu?

Hari abantu batemera ko Imana ibaho kubera ibintu bibabaje babona. Raba ico Ijambo ry’Imana rivuga ku bijanye n’ukuntu Imana imererwa iyo dushikiwe n’imibabaro.

Kubera iki Imana ireka tugashikirwa n’ingorane?

Abantu benshi baribaza igituma isi yuzuyemwo urwanko n’ingorane. Bibiliya iratanga inyishu itomoye kandi ihumuriza.

Kubera iki Imana yaretse rya Honyabwoko ryagirirwa Abayahudi rikaba?

Abantu benshi barabajije igituma Imana yuzuye urukundo yoreka hakabaho imibabaro myinshi ukuraho. Bibiliya iratanga inyishu zimara akanyota!

Imibabaro igiye guhera!

Imana yasezeranye ko izokuraho ibintu vyose bitera imibabaro. Izobigira ryari kandi gute?

Kubura uwawe

Igihe uwawe apfuye

Raba ibintu ngirakamaro wokora kugira ngo wihanganire umubabaro uva ku kubura uwawe.

Igihe ushikiwe n’ivyago—Ukubura uwawe

Haraheze imyaka 16 Ronaldo abuze abantu batanu bo mu muryango bahitanywe n’isanganya ry’umuduga. Naho agifise imvune, yararonse amahoro yo mu mutima.

Ivyogufasha kwihanganira intuntu

Abatari bake barateye intambwe zabafashije kwihanganira intuntu.

Kubaho vyoba biri n’ico bimaze igihe wabuze uwawe?

Raba ivyiyumviro bitanu ngirakamaro bishobora kugufasha kwihangana igihe wabuze uwawe.

Iyo umuvyeyi apfuye

Kubura umuvyeyi bitera umubabaro utovugwa. Ni ibiki vyofasha uwukiri muto kwihanganira uwo mubabaro?

Icofasha abana babuze uwabo

Raba ingene Bibiliya yafashije abakiri bato batatu kuvyifatamwo neza aho baburiye uwabo.

Igihe umwana abajije ibijanye n’urupfu

Hari ibintu bine vyogufasha kumenya ingene wokwishura ibibazo umwana wawe akubaza n’ingene womufasha kuvyifatamwo neza iyo mubuze umuntu.

Abapfuye bazozuka—Wovyemezwa n’iki?

Bibiliya iratanga imvo zumvikana zibiri zituma twemera ko izuka rizoba.

Imfashanyo nziza kuruta

Bibiliya iratanga imfashanyo nziza kuruta.

Ivyago vy'ivyaduka

Bibiliya yoba yogufasha guhangana n’ihinduka rikomeye ry’ikirere?

Impanuro Bibiliya itanga zirashobora kugufasha imbere y’uko ivyago bitangura, igihe biriko biraba n’inyuma y’aho.

Ivyodufasha kurusimba hateye icago

Ibi vyiyumviro vyoshobora gutuma turokora ubuzima bwacu n’ubw’abandi.

Kubaho vyoba biri n’ico bimaze igihe hateye icago c’icaduka?

Bibiliya iratanga ubuyobozi ngirakamaro bushobora gutuma usubirana inyuma y’icago c’icaduka.

Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’ivyago vy’ivyaduka?

Vyoba ari ikimenyetso c’imisi y’iherezo? Imana yoba ifasha abatewe n’ivyago vy’ivyaduka?

Igihuhusi muri Filipine: Barihanganye biciye ku kwizera

Abarokotse ca gihuhusi gikomeye ciswe Haiyan baratwiganira ingene vyagenze.