Ja ku birimwo

Bibiliya ivuga iki ku bijanye no kwisonzesha?

Bibiliya ivuga iki ku bijanye no kwisonzesha?

Inyishu Bibiliya itanga

 Mu bihe vya Bibiliya, kwisonzesha vyaremerwa n’Imana igihe vyaba bigiranywe imvo nziza. Mugabo bigiranywe imvo mbi Imana ntiyabishima. Ariko ntiwumve, Bibiliya ntitegeka abantu muri iki gihe kwisonzesha canke kutisonzesha.

Ni ibiki vyatuma abantu bamwebamwe bo mu bihe vya Bibiliya bisonzesha?

  •   Igihe baba bashaka ko Imana ibafasha canke ibayobora. Abantu bari ku rugendo basubira i Yeruzalemu barisonzesheje kuko bipfuza ko Imana ibafasha. (Ezira 8:21-23) Rimwe na rimwe Paulo na Barunaba barisonzesha igihe baba bariko baragena abakurambere b’ishengero.​—Ivyakozwe 14:23.

  •   Igihe baba bipfuza gushitsa umugambi w’Imana. Yezu ahejeje kubatizwa yaramaze imisi mirongo ine yisonzesheje kugira yitegurire gukora ivyo Imana igomba mu murimo yagira atangure.​—Luka 4:1, 2.

  •   Mu kwerekana ko bigaye ibicumuro vyabo. Imana ibicishije ku muhanuzi Yoweli, yabwiye Abisirayeli bari bahemutse iti: “Nimungarukeko n’imitima yanyu yose, mwisonzesha, murira, muboroga.”​—Yoweli 2:12-15.

  •   Mu guhimbaza umusi w’impongano. Mw’Itegeko Imana yari yahaye Abisirayeli, harimwo ibwirizwa ryabasaba kwisonzesha ku musi mukuru w’impongano bahimbaza buri mwaka. a (Abalewi 16:29-31) Muri ico kiringo vyari bibereye kwisonzesha kuko vyibutsa Abisirayeli yuko badatunganye be n’uko bakeneye ko Imana ibaharira.

Ni imvo zitabereye izihe zituma abantu bisonzesha?

  •   Kwiyerekana. Yezu yavuze ko kwisonzesha ari ikintu umuntu akwiye gukora ku giti ciwe kandi mw’ibanga, bikaba hagati yiwe n’Imana.​—Matayo 6:16-18.

  •   Kwigira umugororotsi. Kwisonzesha ntibituma umuntu aca aruta abandi, haba mu nyifato runtu canke mu gukunda Imana.​—Luka 18:9-14.

  •   Kurondera gupfukapfuka ibicumuro umuntu akora nkana. (Yesaya 58:3, 4) Imana yashima gusa ukwisonzesha kwagirwa n’umuntu agamburuka kandi yigaya abikuye ku mutima ibicumuro yaba yakoze.

  •   Gushitsa umugenzo w’idini. (Yesaya 58:5-7) Muri uwo muce, Imana imeze nk’umuvyeyi adahimbarwa n’uko abana biwe bamwereka ko bamukunda ari uko barinze kubahata, aho kubikora babikuye ku mutima.

Abakirisu boba basabwa kwisonzesha?

 Habe namba! Imana yasaba Abisirayeli kwisonzesha ku musi mukuru w’impongano. Ariko uwo musi mukuru Imana yarawukuyeho igihe Yezu yatanga rimwe rizima impongano y’ibicumuro vy’abantu bigaya. (Abaheburayo 9:24-26; 1 Petero 3:18) Abakirisu ntibakigengwa n’Itegeko rya Musa, n’umusi w’impongano ukaba wari mu bigize iryo tegeko. (Abaroma 10:4; Abakolosayi 2:13, 14) Ariko ntiwumve, umukirisu wese ni we yifatira ingingo yo kwisonzesha canke kutisonzesha.​—Abaroma 14:1-4.

 Abakirisu baratahura ko kwisonzesha bitari mu bigize ugusenga kwabo. Nta na hamwe Bibiliya yerekana ko kwisonzesha ari vyo bituma umuntu agira agahimbare. Ahubwo nyabuna, abakirisu b’ukuri bakorera Imana banezerewe kuko bigana kameremere ka Yehova, ya “Mana ihimbawe.”​—1 Timoteyo 1:11; Umusiguzi 3:12, 13; Abagalatiya 5:22.

Ivyiyumviro bitari vyo ku vyerekeye ukuntu Bibiliya ivuga ivyo kwisonzesha

 Iciyumviro kitari co: Intumwa Paulo yategetse abakirisu bubatse kwisonzesha.​—1 Abakorinto 7:5, King James Version.

 Ukuri: Ivyandikano vy’iminwe vya kera vya Bibiliya ntibivuga ivyo kwisonzesha mu 1 Abakorinto 7:5. b Biragaragara ko abimuzi ba Bibiliya ari bo bongeye ivyo kwisonzesha muri uwo murongo no mu yindi nka Matayo 17:21; Mariko 9:29 n’Ivyakozwe 10:30. Impinduro za Bibiliya zo muri iki gihe nka zose zirakuramwo ico ciyumviro kitari co.

 Iciyumviro kitari co: Abakirisu barakwiye kwisonzesha mu kwibuka ya misi 40 Yezu yamara yisonzesheje mu bugaragwa inyuma y’ukubatizwa.

 Ukuri: Yezu ntiyigeze ategeka ico kintu, kandi nta na hamwe mu Vyanditswe herekana ko abakirisu bo mu ntango boba barabigize. c

 Iciyumviro kitari co: Abakirisu barakwiye kwisonzesha igihe bibuka urupfu rwa Yezu.

 Ukuri: Yezu ntiyategetse abigishwa biwe kwisonzesha igihe bibuka urupfu rwiwe. (Luka 22:14-18) Naho Yezu yavuze ko apfuye abigishwa biwe bokwisonzesheje, ntiyabivuze nk’itegeko; yariko avuga gusa ivyobaye. (Matayo 9:15) Bibiliya yategetse abakirisu bari bashonje kuva iwabo bariye imbere y’uko baja guhimbaza Icibutso c’urupfu rwa Yezu.​—1 Abakorinto 11:33, 34.

a Ku bijanye n’umusi w’impongano, Imana yabwiye Abisirayeli iti: “Muze mwibabaze.” (Abalewi 16:29, 31) Vyiyumvirwa ko iyo mvugo yerekeza ku kwisonzesha. (Yesaya 58:3) Kanatsinda Bibiliya imwe (Contemporary English Version) ihavuga iti: “Mutegerezwa kureka kurya kugira mwerekane ko mubabajwe n’ivyaha vyanyu.”

b Raba igitabu A Textual Commentary on the Greek New Testament, canditswe na Bruce M. Metzger, integuro ya gatatu, urupapuro rwa 554.

c Ku bijanye na kahise k’imisi 40 y’ikarema, igitabu kimwe (New Catholic Encyclopedia) kigira giti: “Mu binjana bitatu vya mbere, ikiringo co kwisonzesha mu kwitegurira Pasika nticarenza indwi imwe; akenshi camara umusi umwe canke ibiri. . . . Ahantu ha mbere havugwa ivy’imisi 40 ni mu ngingo igira gatanu y’ivyapfunditswe muri ya nama y’i Nicée (yabaye mu 325), naho abahinga bamwebamwe batemera neza ko ico kiringo cerekeza kw’ikarema.”​—Integuro ya kabiri, igitabu ca 8, urupapuro rwa 468.