Ja ku birimwo

Bibiliya yoba yaragoretswe?

Bibiliya yoba yaragoretswe?

 Oya. Tugereranije ivyandikano vy’iminwe vya kera, turabona ko Bibiliya muri rusangi itahindutse naho yagiye irimurirwa ku bintu vyashobora kwononekara.

Ivyo vyoba bisigura ko ata gakosa na kamwe kigeze kajamwo mu kuyimura?

 Hari ivyandikano vya kera vya Bibiliya bitari bike vyubuwe. Tugereranije ivyo vyandikano turabona ko hariho udutandukaniro tutari duke. Ivyo vyerekana ko hariho udukosa twakozwe mu kuyimura. Twinshi muri utwo dutandukaniro ni dutoduto kandi nta co duhindura ku nsobanuro y’igisomwa. Ariko rero, hari amatandukaniro akomeye makeyi yibonekeje, bikaba bigaragara ko ari ibintu vyakozwe nkana kera cane kugira ubutumwa bwo muri Bibiliya bugorekwe. Raba uburorero bubiri:

  1.   Muri Bibiliya zimwezimwe za kera, muri 1 Yohani 5:7 harimwo aya majambo ngo: “mw’ijuru, Data, Jambo na Mutima mweranda: kandi abo batatu ni umwe.” Ariko rero ivyandikano vy’iminwe vyo kwizigirwa biremeza ko ayo majambo ataboneka mu bisomwa vyo mu ntango. Ayo majambo yongeweko mu nyuma. a Ni co gituma impinduro za Bibiliya zo kwizigirwa zo mu gihe ca none zayakuyemwo.

  2.   Izina ry’Imana ry’uruharo riraboneka incuro ibihumbi mu vyandikano vya Bibiliya vya kera. Yamara rero, impinduro zitari nke za Bibiliya zarisubirije amazina y’icubahiro nk’“Umukama” canke “Imana.”

Twokwemezwa n’iki ko ata yandi makosa menshi yimirije gutorwa?

 Hari ivyandikano vy’iminwe vyinshi vyubuwe, bica bituma vyoroha kubona amakosa yakozwe. b None ivyo vyandikano vyose vyerekanye gute ko Bibiliya dufise muri iki gihe ari iy’ukuri?

  •   Ku bijanye n’igisomwa co mu Vyanditswe vy’igiheburayo (ibikunze kwitwa “Isezerano rya kera”), incabwenge imwe yita William Henry Green yavuze iti: “Ntitwoba twihenze tuvuze ko ata kindi gitabu ca kera cazigamwe neza ukuraho.”

  •   Ku bijanye n’Ivyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu (ibikunze kwitwa “Isezerano rishasha” canke “Ubwuzure Bushasha”), umuhinga mu vya Bibiliya yitwa Frederic Fyvie Bruce yanditse ati: “Ikimenyamenya c’uko ivyanditswe mu Bwuzure Bushasha dufise ari ivy’ukuri kirarengeye kure n’iyo ikimenyamenya c’uko ivyanditswe n’abanditsi ba kera bitagira amakosa, bino akaba atawigera anarota avuguruza ko ari ivy’ukuri.”

  •   Umuhinga karuhariwe mu vya Bibiliya yitwa Frederic Kenyon yavuze ko “umuntu ashobora gufata Bibiliya mu minwe akavuga ata bwoba kandi ata mazinda ko afise Ijambo ry’Imana ry’ukuri, iryagiye rirahanahanwa ata kintu kinini gitakaye uko iyaruka ryagiye rirakurikira irindi mu myaka amajana iheze.”

Ni izindi mpamvu izihe zotuma twizigira ko Bibiliya yimuwe ata makosa?

  •   Abagiye barimura Bibiliya, baba Abayuda canke abakirisu, bose bagumijemwo inkuru zerekana amakosa akomeye yakozwe n’abasavyi b’Imana. c (Guharūra 20:12; 2 Samweli 11:2-4; Abagalatiya 2:11-14) N’ikindi kandi, baragumijemwo ivyanditswe vyiyamiriza inyifato iranga ubugambarazi y’ihanga rya Yuda be n’ivyiyamiriza imigenzo y’abantu. (Hoseya 4:2; Malaki 2:8, 9; Matayo 23:8, 9; 1 Yohani 5:21) Kuba abimuye Bibiliya baranditse izo nkuru ata makosa, vyerekana ko bari abizigirwa kandi ko bubaha cane Ijambo ry’Imana ryeranda.

  •   Ko Imana ari yo yahumekeye abanditse Bibiliya mu ntango, birumvikana rero ko yoyizigamye ngo ntishirwemwo amakosa. d (Yesaya 40:8; 1 Petero 1:24, 25) Kanatsinda, ntiyashaka ko igirira akamaro aba kera gusa, ariko yashaka ko na twebwe itugirira akamaro. (1 Abakorinto 10:11) Bisubiye, “ivyanditswe kera vyose vyanditswe kugira bitwigishe, kugira ngo biciye ku kwihangana kwacu no ku ruhoza ruva mu Vyanditswe tugire icizigiro.”—Abaroma 15:4.

  •   Yezu n’abigishwa biwe barasubiramwo amajambo yo mu Vyanditswe vy’igiheburayo. Ntibicura ko ico gisomwa ca kera kirimwo amakosa.​— Luka 4:16-21; Ivyakozwe 17:1-3.

a Ayo majambo ntaboneka mu candikano citwa Codex Sinaiticus, icitwa Codex Alexandrinus, icitwa Vatican Manuscript 1209, muri ya Bibiliya ya kera y’ikilatini yitwa Vulgate, muri Bibiliya yitwa Philoxenian-Harclean Syriac Version canke muri ya Bibiliya yitwa Peshitta yo mu gisiriyake.

b Nk’akarorero, harubuwe ivyandikano vy’ikigiriki birenga 5.000 vy’icitwa Isezerano rishasha canke Ivyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu.

c Bibiliya ntivuga ko abaserukira Imana bari abantu batagira amakosa. Ahubwo ivuga iti: “[N]ta muntu adacumura.”—1 Abami 8:46.

d Bibiliya irerekana ko Imana yayoboye ivyiyumviro vy’abayanditse, naho itagenda irababwira ivyo bandika ijambo ku rindi.​—2 Timoteyo 3:16, 17; 2 Petero 1:21.