Ja ku birimwo

Kubera iki bigoye cane kuronka amahoro kw’isi?

Kubera iki bigoye cane kuronka amahoro kw’isi?

Inyishu Bibiliya itanga

 Utwigoro abantu bagize two kuzana amahoro kw’isi nta co twavuyemwo kandi nta co tuzokwigera tuvamwo kubera imvo zitari nke:

  •   “Umuntu agenda, si ivyiwe kuyobora intambuko yiwe.” (Yeremiya 10:23) Abantu ntibaremanywe ubushobozi canke uburenganzira bwo kwitegeka, akaba ari co gituma batazoshobora gushika ku mahoro arama.

  •   “Ntimushire ivyizigiro vyanyu mu ndongozi z’abantu; nta muntu ashobora kubakiza. Iyo bapfuye, basubira mu mukungugu; uwo musi imigambi yabo yose irahera.” (Zaburi 146:3, 4, Good News Translation) Abakuru b’ibihugu, mbere n’ababa babitumwe n’imvo nziza kuruta, ntibashobora gutorera umuti wamaho ibintu biteza intambara.

  •   “Mu misi ya nyuma hazobaho ibihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira. Kuko abantu bazoba ari . . . inkazi, badakunda iciza, abaguranyi, intumva, abivyimvya.” (2 Timoteyo 3:1–4) Tubayeho mu “misi ya nyuma ” y’iyi si mbi, aho usanga hiraye inyifato zituma bitoroha kuronka amahoro.

  •   “Haragowe isi n’ikiyaga, kuko Shetani amanutse kuri mwebwe, afise ishavu ryinshi, azi ko afise igihe gito.” (Ivyahishuwe 12:12) Umwansi w’Imana ari we Shetani yarakororewe mu micungararo y’isi agumizwa ng’aho, akaba atuma abantu bigana agatima kiwe k’ubunyamaswa. Mu gihe akiri “umutware w’iyi si,” ntidushobora kwigera tubaho mu mahoro.—Yohani 12:31.

  •   “[Ubwami bw’Imana] buzojanjagura ubwo bwami bwose [burwanya Imana] bubuherengeteze, yamara bwobwo buzohangama gushika ibihe bitagira urugero.” (Daniyeli 2:44) Ubwami bw’Imana buzohaza icipfuzo dufise co kuba mw’isi irimwo amahoro arama, si intwaro y’abantu izobigira.—Zaburi 145:16.