Ja ku birimwo

Kubera iki dukwiye gusenga mw’izina rya Yezu?

Kubera iki dukwiye gusenga mw’izina rya Yezu?

Inyishu Bibiliya itanga

 Dutegerezwa gusenga Imana mw’izina rya Yezu kuko ari bwo buryo bwonyene Imana yadushiriyeho kugira tuyiyegereze. Yezu yavuze ati: “Ni jewe nzira n’ukuri n’ubuzima. Nta wuza kuri Data adaciye kuri jewe.” (Yohani 14:6) N’ikindi kandi, Yezu yabwiye intumwa ziwe z’intahemuka ati: “Ni ukuri kwose ndabibabwiye: Nimwasaba Data ikintu ico ari co cose azokibaha mw’izina ryanje.”—Yohani 16:23.

Izindi mvo zituma dusenga mw’izina rya Yezu

  •   Tuba duteye iteka Yezu na Se wiwe Yehova Imana.—Abafilipi 2:9-11.

  •   Tuba twerekanye ko dukenguruka urupfu rwa Yezu, tukabona ko ari yo ntunganyo Imana yadushiriyeho ngo turonke ubukiriro.—Matayo 20:28; Ivyakozwe 4:12.

  •   Tuba twerekanye ko twemera uruhara ntangere Yezu afise rwo kuba umuhuza hagati y’Imana n’abantu.—Abaheburayo 7:25.

  •   Tuba twerekanye ko twubaha igikorwa Yezu arangura bwa Muherezi Mukuru ashobora kudufasha kuba abantu bemewe imbere y’Imana.—Abaheburayo 4:14-16.