Ja ku birimwo

Imana yoba ari yo ikwiye kubazwa imibabaro idushikira?

Imana yoba ari yo ikwiye kubazwa imibabaro idushikira?

Inyishu Bibiliya itanga

 Bibiliya irabihakana yivuye inyuma. Imibabaro ntiyari mu mugambi Yehova Imana yari afitiye abantu. Ariko rero, umugabo n’umugore ba mbere baragararije ubutegetsi bw’Imana, bashima kuza barihitiramwo iciza n’ikibi. Barahevye Imana maze barashikirwa n’ingaruka z’ico kintu.

 Muri iki gihe turashikirwa n’ingaruka ziva kuri ukwo guhitamwo nabi kwabo. Mugabo Imana si yo ituma abantu bashikirwa n’imibabaro.

 Bibiliya ivuga iti: “Iyo umuntu ari mu kigeragezo, ntavuge ngo: ‘Ndiko ngeragezwa n’Imana.’ Kuko Imana idashobora kugeragezwa n’ibintu bibi, eka na yo ubwayo nta we ibigerageresha.” (Yakobo 1:13) Imibabaro irashobora gushikira umuntu uwo ari we wese, mbere n’abashimwa n’Imana.