Ja ku birimwo

Bibiliya yoba yigisha ko isi ifyase?

Bibiliya yoba yigisha ko isi ifyase?

Inyishu Bibiliya itanga

 Oya, Bibiliya ntiyigisha ko isi ifyase. a Bibiliya si igitabu ca siyansi. Ariko ivyo yigisha birahuye na siyansi y’ukuri. Ivyo Bibiliya ivuga vyama ari ivyo kwizigirwa “gushika ibihe bidahera.”​—Zaburi 111:8.

 Iyo Bibiliya ivuze ngo “imfuruka zine z’isi” iba ishaka kuvuga iki?

 Imvugo “impera zine z’isi” (iyo Bibiliya zimwezimwe zihindura ngo “imfuruka zine z’isi”) hamwe n’imvugo “impera z’isi” ntizikwiye gutahurwa uko nyene ziri, nk’aho isi yoba ari ikwadarato canke nk’aho yoba ifise impera. (Yesaya 11:12; Yobu 37:3) Ahubwo biboneka ko ari imvugo ngereranyo zisobanura isi yose. Bibiliya kandi irakoresha amerekero ane y’isi ishaka kuvuga isi yose.​—Luka 13:29.

 Ijambo ry’igiheburayo ryahinduwe ngo “imfuruka” canke “impera” biboneka ko ari imvugo mpinyanyuro ishingiye kw’ijambo “amababa.” Igitabu kimwe (The International Standard Bible Encyclopedia) gisigura giti: “Kubera yuko inyoni ikoresha amababa yayo mu gupfuka ivyana vyayo, [iyo mvugo y’igiheburayo] itekeye iciyumviro c’impera y’ikintu ico ari co cose kiramvuye.” Ico gitabu nyene congerako yuko muri Yobu 37:3 no muri Yesaya 11:12, “iyo mvugo isobanura inkengera, imipaka, canke impera z’isi.” b

 Vyagenze gute igihe Shetani yagerageza Yezu?

 Mu kugerageza Yezu, ‘Shetani yamujanye ku musozi muremure bidasanzwe, amwereka ubwami bwose bw’isi be n’ubwiza bwabwo.’ (Matayo 4:8) Hari abavuga ko iyo nkuru yerekana yuko hariho ahantu kw’isi umuntu ashobora guhagarara maze akabona isi yose. Ariko rero, “umusozi muremure bidasanzwe” uvugwa muri iyo nkuru ushobora kuba ari imvugo ngereranyo, si umusozi nya musozi. Raba igituma ico ciyumviro cumvikana.

  •   Kw’isi nta musozi nya musozi ubaho umuntu yohagararako ngo abone ubwami bwose bwo mw’isi.

  •   Shetani ntiyeretse Yezu ubwami bwose bwo mw’isi gusa, yaramweretse n’“ubwiza bwabwo.” Ico ni ikintu umuntu adashobora kubona ari kure. Birashoboka rero ko Shetani yeretse Yezu ivyo bintu mu buryo bw’iyerekwa. Ni nka kurya umuntu yokwereka amafoto y’ibibanza bitandukanye vyo kw’isi akoresheje projecteur.

  •   Inkuru isa n’iyo iri muri Luka 4:5 ivuga ko Shetani yeretse Yezu “mu kanya gatoyi ubwami bwose bw’isi,” ivyo bikaba bitoshoboka umuntu akoresheje amaso asanzwe. Ivyo vyerekana ko Shetani yeretse Yezu ivyo bintu akoresheje ubundi buryo. Ntiyari amaso asanzwe.

a Bibiliya ivuga ko Imana “yibera hejuru y’umuzingi w’isi.” (Yesaya 40:22) Ibitabu bimwebimwe bivuga ko ijambo “umuzingi” ryakoreshejwe ng’aho rishobora gusobanura ikintu ciburungushuye, naho atari incabwenge zose zivyemera. Uko biri kwose, Bibiliya ntishigikira iciyumviro c’uko isi ifyase.

b Integuro yasubiwemwo, Igitabu ca 2, urupapuro rwa 4.