Ja ku birimwo

Imana yoba ari Ubutatu?

Imana yoba ari Ubutatu?

Inyishu Bibiliya itanga

 Amadini menshi y’abakirisu yigisha yuko Imana ari Ubutatu. Ariko rero, raba ivyo igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi (Encyclopædia Britannica) kivuga: “Ryaba ijambo Ubutatu canke inyigisho nyezina y’Ubutatu nta na kimwe kiboneka mw’Isezerano rishasha . . . Iyo nyigisho yagiye iratsimbatazwa mu binjana n’ibindi kandi habanje kuba impari nyinshi.”

 Nkako, ya Mana yandikishije Bibiliya ntiyigera ivugwa ko iri mu bigize Ubutatu. Raba iyi mirongo yo muri Bibiliya:

 “Yehova Imana yacu ni Yehova umwe.”—Gusubira mu vyagezwe 6:4.

 “Wewe, uwitwa Yehova, [ni] wewe wenyene Musumbavyose kw’isi yose.”—Zaburi 83:18.

 “Kugira ngo baronke ubuzima budahera, ni uko baguma bironsa ubumenyi bwerekeye wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’ubwerekeye uwo watumye, Yezu Kristu.”—Yohani 17:3.

 “Imana ni imwe gusa.”—Abagalatiya 3:20.

 Kubera iki amadini menshi y’abakirisu avuga ko Imana ari Ubutatu?