Ja ku birimwo

Yezu yoba yazukanye umubiri w’inyama canke w’impwemu?

Yezu yoba yazukanye umubiri w’inyama canke w’impwemu?

Inyishu Bibiliya itanga

 Bibiliya ivuga ko Yezu “[yishwe] mu mubiri mugabo agirwa muzima [azurwa] mu mpwemu.”​—1 Petero 3:​18; Ivyakozwe 13:34; 1 Abakorinto 15:45; 2 Abakorinto 5:16.

 Amajambo Yezu ubwiwe yivugiye arerekana ko atozutse afise umubiri w’inyama n’amaraso. Yavuze ko yotanze “umubiri [wiwe] kugira ngo isi ironke ubuzima,” bwa ncungu y’umuryango w’abantu. (Yohani 6:51; Matayo 20:28) Iyo aza gusubirana umubiri wiwe igihe yazuka, yari kuba akuyeho iyo nkuka y’incungu. Ivyo ntivyari gushoboka kuko Bibiliya ivuga ko yatanze umubiri wiwe n’amaraso yiwe “rimwe rizima.”—Abaheburayo 9:11, 12.

Nimba Yezu yazukanye umubiri w’impwemu, ni gute abigishwa biwe bari gushobora kumubona?

  •  Ibiremwa vy’impwemu birashobora kwiyambika umubiri w’abantu. Nk’akarorero, hari abamarayika babigize mbere barasangira n’abantu ibifungurwa n’ibinyobwa. (Itanguriro 18:1-8; 19:1-3) Yamara, bagumye ari ibiremwa vy’impwemu kandi bari bashoboye gusubira mu karere k’impwemu.​—Abacamanza 13:15-21.

  •  Inyuma y’aho Yezu azukiye, vyarashika akaza ariyambika umubiri w’abantu, nka kurya nyene abamarayika babigira. Kubera ko yari ikiremwa c’impwemu, yari ashoboye kubonekera abantu no guca azimangana mu kanya isase. (Luka 24:31; Yohani 20:19, 26) Umubiri yiyambika aha si wo yiyambika hariya. Ni co gituma mbere n’abagenzi biwe somambike bamumenyera ku vyo yavuga no ku vyo yakora.​—Luka 24:30, 31, 35; Yohani 20:14-16; 21:6, 7.

  •  Igihe Yezu yiyereka intumwa Toma, yiyambitse umubiri wari ufise inkovu. Ivyo yabigize kugira ngo akomeze ukwizera kwa Toma, kubera ko Toma yakekeranya ku bijanye nimba Yezu yari yazutse.​—Yohani 20:24-29.