Ja ku birimwo

INSOBANURO Y’IMIRONGO YO MURI BIBILIYA

Yohani 14:27: “Amahoro ndayabasigaranye”

Yohani 14:27: “Amahoro ndayabasigaranye”

 “Ndabasigiye amahoro, ndabahaye amahoro yanje. Sindayabaha nk’uko isi iyatanga. Imitima yanyu ntihagarare canke ngo itekerwe n’ubwoba.”​—Yohani 14:27, Bibiliya y’isi Nshasha.

 “Amahoro ndayabasigaranye, amahoro yanje ndayabagabiye. Jeho sindayabagabira nk’uko ab’isi bagaba. Imitima yanyu ntihagarare, kandi ntitinye.”​—Yohani 14:27, Bibiliya Yera.

Ico muri Yohani 14:27 hasobanura

 Mu gukoresha ayo majambo, Yezu yarakuye amazinda abayoboke biwe ko batari bakwiye kwiganyira birenze igihe bari mu ngorane. Nk’uko Imana yamufashije, na yo yari kubafasha bakagumana amahoro.

 Ni amahoro nyabaki Yezu yasigiye canke yahaye abayoboke biwe? Yezu yabaye amahoro yiwe, ya mahoro nyene we yari afise. Ayo mahoro ntiyari ayafise kubera ata ngorane n’imwe yariko aracamwo. (Yohani 15:20; 16:33) Naho Yezu yashikiwe n’akarenganyo amaherezo baramwica, yari afise amahoro atuma adahungabana mu bwenge no mu mutima. (Luka 23:27, 28, 32-34; 1 Petero 2:23) Yaratekana cane kubera yari azi ko Umuvyeyi wiwe Yehova a amukunda kandi ko amushima.​—Matayo 3:16, 17.

 Yezu yahaye amahoro abigishwa biwe mu kubakura amazinda ko we na Se wiwe babakunda kandi ko babashima. (Yohani 14:23; 15:9, 10; Abaroma 5:1) Ayo mahoro bayaronka kubera bizera ko Yezu ari Umwana w’Imana kandi yarabafasha kudahagarika umutima cane. (Yohani 14:1) Naho Yezu yari agiye gutandukana n’abigishwa biwe, yarabasezeraniye ko impwemu nyeranda y’Imana yobafashije kuronka amahoro no gutekana. (Yohani 14:25-27) Abemeye gukurikira Yezu bogize umutima rugabo wo guhangana n’ingorane, bazi yuko Yehova abashima be n’uko abashigikiye.​—Abaheburayo 13:6.

 Igihe Yezu yari kw’isi, abantu bari bafise umugenzo wo kuramukanya mu kwipfurizanya amahoro. (Matayo 10:12) Naho ari ukwo, Yezu ntiyipfurije gusa amahoro abayoboke biwe ahubwo yarabahaye amahoro. Vyongeye, amahoro Yezu yabahaye aratandukanye cane n’amahoro ayo ari yo yose isi b ishobora gutanga. Isi irashobora guha abantu amahoro ku rugero kanaka biciye ku bugenzi, ubutunzi, kuba rurangiranwa canke ku bukuru umuntu afise. Ariko amahoro Yezu atanga ntavana n’ingene ibintu vyifashe mu buzima. Ni amahoro umuntu agumana mu mutima.

Amakikuro yo muri Yohani 14:27

 Yezu yabwiye ayo majambo abayoboke biwe b’intahemuka mw’ijoro ry’imbere y’uko apfa. Muri iryo joro, yababwiye ko agiye kubasiga. (Yohani 13:33, 36) Ivyo vyaratuntuje abigishwa biwe. (Yohani 16:6) Rero Yezu yarabakuye amazinda, arabaha imvo yotuma badahagarika umutima ngo ni uko agiye kubasiga.

 Ayo majambo Yezu yavuze arashobora kuremesha abakirisu muri iki gihe. Na twebwe turashobora kuronka amahoro. (2 Abatesalonika 3:16) Igihe tubaye abigishwa ba Yezu, turamenya ko we na Se wiwe Yehova badukunda be n’uko badushima. (Abakolosayi 3:15; 1 Yohani 4:16) Ni co gituma tudakwiye kwiganyira birenze. Kubera iki? Kubera ko Imana iri ku ruhande rwacu.​—Zaburi 118:6; Abafilipi 4:6, 7; 2 Petero 1:2.

 Nurabe aka kavidewo kugira umenye incamake y’igitabu ca Yohani.

a Yehova ni izina ry’uruharo ry’Imana. (Zaburi 83:18) Raba ikiganiro kivuga ngo “Yehova ni nde?

b Muri Bibiliya, ijambo “isi” rirashobora kwerekeza ku bantu batagamburukira Imana.