Ja ku birimwo

Ubuhanga buzogufasha mu buzima

Ubuhanga buzogufasha mu buzima

Raba ubuhanga be na kamere zihambaye ubwirizwa kuba ufise kugira ube umuntu yitaho ibintu.

Gucungera inyiyumvo

Noshobora gute gucungera inyiyumvo zanje?

Ni ibisanzwe ko ukuntu abakiri bato biyumva biza birahindagurika ariko benshi birabahagarika umutima. Ariko inkuru nziza ni uko ushobora gutahura ukwo kuntu wiyumva kandi ukavyihanganira.

Woshobora gute gucungera inyiyumvo zica intege?

Uwu mwimenyerezo ugenewe kugufasha kwihanganira inyiyumvo zica intege.

Umubabaro ufise urashobora guhera

Wokora iki igihe wumva urengewe n’umubabaro?

Ni igiki comfasha kwirinda ivyiyumviro bica intege?

Kwisunga izi mpanuro birashobora kugufasha kwiga kubona ibintu mu buryo bwiza.

Noshobora gute gutsinda ishavu?

Hari Ivyanditswe bitanu vyo muri Bibiliya bishobora kugufasha kuguma utekanye igihe usomborokejwe.

Niwige gutsinda ishavu

Raba ibintu bitanu bishingiye kuri Bibiliya vyogufasha gutsinda ishavu.

Novyifatamwo gute ndi mu maganya?

Ibintu bitanu vyotuma amaganya agufasha aho kuguteza ingorane.

Novyifatamwo gute igihe nshikiwe n’ivyago?

Abakiri bato barigana ivyabafashije kwihangana.

Nonanira gute ibigeragezo?

Raba ibintu bitatu bihambaye wokora kugira unanire ivyipfuzo bibi.

Wonanira gute inyosha mbi?

Kunanira inyosha mbi ni icerekana ko uri umusore nyawe canke umwigeme nyawe. Raba ibintu bitandatu vyogufasha gukomeza icipfuzo co kunanira inyosha mbi maze ukirinda ingorane.

Umwanya n'amahera

Ni gute nokoresha neza umwanya wanje?

Hariho ibintu bitanu vyogufasha kwirinda gutakaza umwanya wawe.

Nokwirinda gute kurengerwa n’ibikorwa?

Ivyo biterwa n’iki? Woba uri mu gusanzara? Nimba ari ko bimeze, ni igiki wokora?

Wokora iki ngo ureke kuba nzobandabikora?

Raba impanuro z’ingene umuntu yoreka kuba nzobandabikora!

Ivyo abakiri bato bavuga ku bijanye no kuba nzobandabikora

Umviriza ivyo abakiri bato bavuga ku bijanye n’intambamyi ziri mu kuba nzobandabikora be n’ivyiza biva ku gukoresha umwanya wawe ubigiranye ubukerebutsi.

Abakiri bato baravuga ibijanye n’amahera

Raba impanuro zijanye no kuziganya amahera, kuyakoresha no kuyabona mu buryo bubereye.

Ni gute nokoresha neza amahera yanje?

Vyoba birashika ukinjira mu mangazini ugiye kuratira ijisho gusa, mugabo ugasohokana ikintu kizimvye? Nimba vyaragushikiye, iki kiganiro ni rwawe.

Ingene nokoresha neza amahera yanje

Nukore uwu mwimenyerezo kugira utandukanye ivyo ukeneye n’ivyo ushaka, uce ubona ingene wokoresha neza amahera uronka.

Ukuntu wokoresha neza amahera yawe

Nukoreshe neza amahera ufise ubu kugira uzoyikoreko niwayakenera.

Kugira ivyo uryohoye

Nokwifata gute igihe nakoze ikosa?

Twese turakora amakosa, ariko si twese twigira ku makosa yacu.

Ivyogufasha kwemera gukosorwa

Guhanurwa canke gukosorwa bishobora gute kugufasha n’igihe biba bibabaza?

Kubera iki nkwiye kuba imvugakuri?

None kubesha nta nyungu birimwo?

Woba uri imvugakuri?

Niwisuzume biciye kuri uwu mwimenyerezo ugizwe n’ibice bitatu.

Ico wokora igihe habaye amahinduka

Amahinduka yama yabaye. Raba ingene abakiri bato bamwebamwe bavyifashemwo neza mu mahinduka.

Nitaho ibintu ukungana iki?

Abakiri bato bamwebamwe barahabwa umwidegemvyo mwinshi kuruta abandi. Ni igiki gituma ibintu bigenda gutyo?

Nokwiga gute kwitunira ku vyo nkora?

Raba ibiringo bitatu aho ubuhinga bwa none bushobora gutuma utitunira ku kintu be n’ico wokora kugira ngo urushirize kwitunira ku vyo ukora.

Kubera iki wokwiga urundi rurimi?

Ni intambamyi izihe umuntu ashobora guhura na zo? Kandi ni ivyiza ibihe bivamwo?

Ivyogufasha kwiga urundi rurimi

Kwiga ururimi rushasha bisaba kwimenyereza, umwanya n’akigoro. Uwu mwimenyerezo uzogufasha kumenya ingene wokwiga ururimi rushasha kandi ukarumenya.

Noba ngeze kwimuka nkava i muhira?

Ni ibiki worimbura imbere yo gufata iyo ngingo ihambaye?

Igihe bibaye ngombwa ko usubira muhira

Woba warigeze kuja kwibana, mugabo usanga ubuzima buragoye? Ehe raba impanuro zogufasha.

Kubana neza n'abandi

Wokora iki ufise amasoni?

Ntuhombe abagenzi beza be n’ibintu vyiza wari kumenya.

Nkore iki ko abandi banyinuba?

Igihambaye kwoba ari ukumera nk’abantu bisunga ivyiyumviro bitabereye canke kwigumira uko usanzwe uri?

Kugira imico myiza vyoba bihambaye?

Canke muri ino si ya none vyarataye igihe?

Kubera iki nkwiye gufasha abandi?

Gukorera abandi ivyiza birakugirira akamaro n’imiburiburi mu buryo bubiri. Ubwo buryo ni ubuhe?

Ico wokora mu gufasha abandi

Abantu ushobora gufasha bari hafi yawe. Ibi vyiyumviro wokwifashisha birerekana ibintu bitatu bisanzwe wokora mu gutangura.

Nokora iki mu gihe abandi bamvugavuga?

Woshobora gute kwihanganira urusaku kugira ngo ntirugire ico rukoze kuri wewe no ku kuntu uzwi?

Nobigenza gute umugenzi ambabaje?

Niwibuke ko ata zibana zidakomanya amahembe. Wokora iki none umugenzi wawe avuze canke agakora ikintu kikubabaza?

Wokora iki igihe hari uwugutoteza?

Benshi mu batotezwa bumva ko batagira gitabara. Iki kiganiro kirasigura icokorwa kugira ibintu birushirize kugenda neza.

Nokwihanganira gute agatotezo?

Urashobora kudahindura uwugutoteza ariko urashobora guhindura uko uvyifatamwo utotejwe.

Nuneshe uwugutoteza utamuriye n’urwara

Raba igituma hari abatoteza abandi n’ingene wovyifamwo igihe utotejwe.