Ja ku birimwo

ICOFASHA UMURYANGO

Kuganira n’abana bawe ibijanye n’inzoga

Kuganira n’abana bawe ibijanye n’inzoga

 Serugo umwe yitwa Alexander avuga ati: “Igihe twaganira ibijanye n’inzoga n’umukobwa wacu ari ryo rya mbere, yari afise imyaka itandatu. Twaratangaye cane kuko twasanze azi ibiruta ivyo twari twiteze.”

 Ico ukwiye kumenya

 Kuganira n’abana bawe ibijanye n’inzoga birahambaye. Nturindire ko umwana wawe aba umuyabaga. Serugo umwe wo mu Burusiya yitwa Khamit avuga ati: “Ese iyo tumenya tukaganira n’umuhungu wacu ibijanye no kunywa inzoga ku rugero rubereye kuva akiri muto! Nagiye kumenya ko bihambaye akaba kabaye. Nasanze umuhungu wacu yama aranywa inzoga kandi afise imyaka 13.”

 Kubera iki ukwiye kuvyitwararika?

  •   Abandi banyeshure, amahayanishwa na televiziyo birashobora kugira akosho ku bijanye n’ingene umwana wawe abona inzoga.

  •   Ibigo vyo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe gukinga no kurwanya indwara bivuga ko inzoga zinyobwa n’abatarakwiza imyaka zigera ku bice 11 kw’ijana vy’izinyobwa muri Amerika.

 Ntibitangaje rero kuba abajejwe amagara y’abantu basaba ko abavyeyi bigisha abana babo ibijanye n’akaga k’inzoga kuva bakiri bato. None wobigenza gute?

 Ico wokora

 Niwiyumvire ingene wokwishura ibibazo umwana wawe yoshobora kukubaza ku bijanye n’inzoga. Abana bakiri bato usanga bipfuza kumenya ibintu, abamaze gukura bobo bararushaho. Rero, ni vyiza ko wiyumvira ingene uzokwishura. Nk’akarorero:

  •   Nimba umwana wawe ashaka kumenya ingene inzoga imeze, woshobora kumubwira ko umuvinyu umeze nka jus ikanyura, ikiyeri na co kikarura.

  •   Nimba umwana wawe ashaka guhonja inzoga, woshobora kumubwira ko inzoga ikaze cane ku mwana. Numubwire ingaruka z’inzoga: Inzoga iratuma umuntu yumva amerewe neza, ariko kunywa inzoga zirenze bituma umuntu agira ibizunguzungu, agakora ibintu vy’ubupfu kandi akavuga ibintu bizotuma mu nyuma yicuza.​—Imigani 23:29-35.

 Rondera kumenya utuntu n’utundi. Bibiliya ivuga iti: “Umunyabwenge wese azokorana ubumenyi.” (Imigani 13:16) Nurondere kumenya ingaruka z’inzoga, amategeko y’igihugu agenga inzoga n’uturimbi igihugu cashinze. Ivyo bizotuma ushobora gufasha neza umwana wawe.

 Niwibwirize kuyaga n’umwana wawe ibijanye n’inzoga. Sebibondo umwe wo mu Bwongereza yitwa Mark avuga ati: “Ibijanye no kunywa inzoga birashobora gucanganya abana. Narabajije umuhungu wanje w’imyaka umunani ico yiyumvira ku bijanye no kunywa inzoga, ko vyoba ari vyiza canke ari bibi. Namuyagishije mu buryo busanzwe kandi ivyo vyatumye ambwira ingene abona ibintu ata kurya umunwa.”

 Niwayaga kenshi n’umwana wawe ibijanye n’inzoga, ivyo uzomubwira bizomuguma mu bwenge. Bivanye n’imyaka afise, iyo uriko uramwigisha ibijanye n’inzoga nushiremwo n’ibindi vyigwa vyo mu buzima bwa misi yose, nk’ibijanye n’amategeko y’ibarabara be n’ivyerekeye igitsina.

 Nube intangakarorero. Abana bameze nka kurya kw’igishifo gikwega amazi bakijobetsemwo. Barigana ibibakikuje kandi ubushakashatsi bwerekana ko abavyeyi ari bo bagira akosho kanini ku bana babo. Nimba unywa inzoga kugira wiyibagize ingorane, umwana wawe azoca abona ko kunywa inzoga ari wo muti w’ingorane. Rero nubere akarorero keza umwana wawe. Niwiyemeze neza ko unywa inzoga ku gihe kibereye..

Ingene unywa inzoga bizobera abana bawe akarorero keza canke kabi