Ja ku birimwo

Kubera iki Ivyabona vya Yehova badahimbaza imisi mikuru imwimwe?

Kubera iki Ivyabona vya Yehova badahimbaza imisi mikuru imwimwe?

 Ivyabona vya Yehova bamenya gute ko bohimbaza umusi mukuru kanaka canke ko batowuhimbaza?

 Imbere yo gufata ingingo yo guhimbaza umusi mukuru kanaka canke kutawuhimbaza, Ivyabona vya Yehova barasuzuma ico Bibiliya ivuga. Imisi mikuru imwimwe usanga iteye kubiri n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Ivyabona vya Yehova ntibahimbaza imisi mikuru mwene iyo. Ku bijanye n’iyindi misi mikuru idateye kubiri n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, Icabona wese arihitiramwo, akihatira kugumana ‘ijwi ryo mu mutima ryiza imbere y’Imana n’abantu.’​—Ivyakozwe 24:16.

 Ng’ibi ibibazo bimwebimwe Ivyabona vya Yehova bibaza igihe bafata ingingo yo guhimbaza umusi mukuru kanaka canke kutawuhimbaza: a

  •   Uwo musi mukuru woba ushingiye ku nyigisho idahuye n’Ivyanditswe?

     Ico Bibiliya ivuga: “‘Nimuve muri bo . . . , kandi mwitandukanye na bo,’ ni ko Yehova avuga, ‘kandi mureke gukora ku gihumanye.’”​—2 Abakorinto 6:15-17.

     Kugira Ivyabona vya Yehova bitandukanye rwose n’inyigisho zihumanye, ni ukuvuga zidahuye n’ivyo Bibiliya yigisha, ntibahimbaza imisi mikuru irangwa n’ibintu bikurikira:

     Imisi mikuru ishingiye ku kwemera izindi mana canke kuzisenga. Yezu yavuze ati: “Yehova Imana yawe ni we utegerezwa gusenga, kandi ni we wenyene utegerezwa gukorera igikorwa ceranda.” (Matayo 4:10) Kubera ko Ivyabona vya Yehova bakurikiza iryo tegeko, ntibahimbaza Noweli, Pasika canke Umusi mukuru w’abakozi, kuko iyo misi mikuru ikomoka mu vyo gusenga izindi mana atari Yehova. N’ikindi kandi, ntibahimbaza imisi mikuru nk’iyi:

    •  Kwanzaa. Izina Kwanzaa “rivuye mu majambo y’igiswahili matunda ya kwanza, asigura ‘ivyamwa vya mbere,’ [ivyo] bikaba vyerekana ko uwo musi mukuru ukomoka ku misi mikuru ya mbere y’iyimbura yahimbajwe muri Afrika.” (Encyclopedia of Black Studies) Naho hari ababona ko uwo musi mukuru atari uw’idini, igitabu kimwe kiwugereranya n’umusi mukuru wo muri Afrika aho ivyamwa vya mbere “bishikanirwa ibimana na ba sogokuruza mu ntumbero yo kubashimira.” Congerako giti: “Iyo ntumbero nyene yo gushimira ba sogokuruza ku bw’imihezagiro batanga ni yo ituma Abanyamerika bakomoka ku Banyafrika bahimbaza umusi mukuru witwa Kwanzaa.”​—Encyclopedia of African Religion.

      Kwanzaa

    •  Umusi mukuru wo hagati mu gatasi. Ni “umusi mukuru wo gutera iteka imanakazi kwezi.” (Holidays, Festivals, and Celebrations of the World Dictionary) Urimwo umugirwa “w’uko abagore bo mu rugo kanaka bapfukama imbere y’iyo manakazi.”​—Religions of the World​—A Comprehensive Encyclopedia of Beliefs and Practices.

    •  Norouz (Nowruz). “Uwo musi mukuru ukomoka mw’idini ry’Abazorowasiteri, kandi ni umwe mu misi myeranda kuruta iyindi yo ku kirangamisi c’iryo dini. . .  Kuri uwo musi sasita baraha ikaze imana y’Umurango yitwa [Rapithwin], ikaba yabonwa ko yaba yahambwe ku nguvu n’imana y’Urushana mu mezi haba hakanye. Bayakiriza ibirori nk’uko biri mu migenzo y’Abazorowasiteri.”​—United Nations Educational, Scientific and Cultural Organization.

    •  Shab-e Yalda. Nk’uko igitabu kimwe kibivuga, uwo musi mukuru “urafitaniye isano n’ivyo gusenga Mithra,” imana y’umuco. Hari n’abavuga ko uwo musi mukuru woba ufitaniye isano n’ivyo gusenga imana zuba y’Abaroma n’iy’Abagiriki. b​—Sufism in the Secret History of Persia.

    •  Umusi mukuru wo gushima. Cokimwe na Kwanzaa, uwo musi ukomoka mu misi mikuru y’iyimbura yagirwa kera ijanye no gutera iteka imana zitandukanye. Mu nyuma, “iyo migenzo ya kera yahavuye yinjizwa mu madini y’abakirisu.”​—A Great and Godly Adventure​—The Pilgrims and the Myth of the First Thanksgiving.

     Imisi mikuru ishingiye ku kwemera ibintazi canke ku kwizigira igihamana. Bibiliya ivuga ko “[aba]tunganiriza imeza imana y’Umugisha” bari mu “baheba Yehova.” (Yesaya 65:11) Ku bw’ivyo, Ivyabona vya Yehova ntibahimbaza imisi mikuru ikurikira:

    •  Ivan Kupala. Igitabu kimwe (The A to Z of Belarus) kivuga giti: “Abantu benshi bemera ko kuri uwo musi wa [Ivan Kupala] ivyaremwe birekura ububasha nsigabwenge, maze abarinda n’abafise amahirwe bakironkera kuri ubwo bubasha.” Mu ntango, wari umusi mukuru w’abapagani kandi bawuhimbaza ku musi w’umwaka waba ufise amasaha y’umurango menshi kuruta iyindi yose mu gice ca ruguru c’isi. Ariko igitabu kimwe kivuga giti: “Abapagani bamaze kwemera kuba abakirisu, uwo musi mukuru waciye ufatanywa n’umusi mukuru wa Ekleziya wo kwibuka Yohani Umubatizi.”​—Encyclopedia of Contemporary Russian Culture.

    •  Umwaka mushasha ufatiye ku mboneko z’ukwezi (w’Abashinwa canke w’Abanyakoreya). Igitabu kimwe (Mooncakes and Hungry Ghosts​—Festivals of China) kivuga giti: “Muri ico kiringo c’umwaka, ikintu ca mbere kiba kiraje ishinga umuryango, abagenzi n’incuti ni ukuronka imigisha muri uwo mwaka, gutera iteka imana n’imizimu no kwipfurizanya imigisha.” N’umwaka mushasha w’Abanyakoreya “uba ugizwe no gusenga ba sogokuruza, imigenzo yo kwirukana impwemu mbi no kwiyemeza ko uwo mwaka mushasha uzobamwo imigisha hamwe no kugira ubupfindo kugira bamenye ivyo uwo mwaka mushasha ubabikiye.”​—Encyclopedia of New Year’s Holidays Worldwide.

      Umwaka mushasha w’Abashinwa

     Imisi mikuru ishingiye ku ciyumviro c’uko umuntu adapfa ngo ahere. Bibiliya iratomora neza ko umuntu apfa agahera; nta kintu kitaboneka gisigara iyo apfuye. (Ezekiyeli 18:4) Ku bw’ivyo, Ivyabona vya Yehova ntibahimbaza imisi mikuru ikurikira, kuko ishingiye ku ciyumviro c’uko umuntu afise umutima ubandanya kubaho iyo apfuye:

    •  Umusi w’abapfuye. Nk’uko igitabu kimwe kibivuga, uwo ni umusi “wo kwibuka abapfuye bose.” Kibandanya giti: “Nko kuva mu 500 inyuma ya Kristu gushika mu 1500, abantu benshi bemera ko kuri uwo musi imitima yaba iri mw’ipurugatori yiyereka ababa barayigiriye nabi itarapfa, ikaboneka imeze nk’imizimu canke abapfumu.”​—New Catholic Encyclopedia.

    •  Umusi mukuru wa Qingming (Ch’ing Ming) n’uw’imizimu ishonje. Iyo misi mikuru ibiri igenewe gutera iteka ba sogokuruza. Igitabu kimwe kivuga ko ku musi wa Ch’ing Ming, “ibifungurwa, ibinyobwa n’amahera y’inoti biturirwa kugira biyemeze ko abapfuye badasonza, batanyoterwa canke batabura amahera.” Ico gitabu kivuga kandi ko “mu kwezi kw’imizimu ishonje, canecane mw’ijoro aho ukwezi kuba ari igisyo, [abahimbaza uwo musi mukuru bemera ko] haba hariho imigenderanire hagati y’abazima n’abapfuye kurusha mu yandi majoro yose, kikaba ari co gituma bihambaye ko hafatwa ingingo zose zishoboka zo guhoyahoya abapfuye no gutera iteka ba sogokuruza.”​—Celebrating Life Customs Around the World​—From Baby Showers to Funerals.

    •  Chuseok. Igitabu kimwe kivuga ko uwo musi mukuru ugizwe no “gushikanira ibifungurwa n’umuvinyu imizimu y’abapfuye.” Ayo mashikanwa yerekana ko “bemera yuko umutima ubandanya kubaho ikibiribiri kimaze gupfa.”​—The Korean Tradition of Religion, Society, and Ethics.

     Imisi mikuru ifitaniye isano n’ubupfumu. Bibiliya ivuga iti: “Uwuragura, umunyamageza canke umuntu arondera ibimenyetso bitara ibizoba canke umupfumu, canke uwuzirikisha abandi ubupfumu canke umuntu ahanuza uwuvugana n’ibiremwa vy’impwemu canke uwagize umwuga ukubura ibizoba canke umuntu asiguza abapfuye . . . [ni] ikintu giteye ishishi kuri Yehova.” (Gusubira mu vyagezwe 18:10-12) Kugira Ivyabona vya Yehova bagume bitandukanije n’ubupfumu, harimwo n’ivyo kuragurira ku nyenyeri, ntibahimbaza Halloween canke imisi mikuru ikurikira:

    •  Umwaka mushasha wa Sinhala na Tamil. Igitabu kimwe kivuga giti: “Mu migirwa ya kera ifitaniye isano n’uwo musi mukuru . . . harimwo uwo gukora ibikorwa bimwebimwe ku biringo kanaka abaragurira ku nyenyeri bavuga ko ari vyo bitera imigisha.”​—Encyclopedia of Sri Lanka.

    •  Songkran. Izina ry’uwo musi mukuru wo muri Aziya “riva mw’ijambo . . . ryo mu rurimi rwitwa Sanskrit risobanura ‘kugenda’ canke ‘guhindura,’ kandi [kuri uwo musi mukuru] ni ho izuba riba ryimukiye mu kigwi c’inyenyeri ca Aries.”​—Food, Feasts, and Faith​—An Encyclopedia of Food Culture in World Religions.

     Imisi mikuru ijanye no gusenga kwagirwa mu gihe c’Itegeko rya Musa, ariko iryo Tegeko rikaba ryaheranye n’incungu ya Yezu. Bibiliya ivuga iti: “Kristu [ni] we herezo ry’Itegeko.” (Abaroma 10:4) Abakirisu baracungukira ku ngingo ngenderwako zo muri rya Tegeko Imana yaha Abisirayeli biciye kuri Musa. Ariko ntibahimbaza imisi mikuru yavugwa muri iryo tegeko, canecane imisi mikuru yerekeza kuri Mesiya kuko bemera ko yamaze kuza. Bibiliya ivuga iti: “Ivyo [bintu ni] igitutu c’ibizoza, mugabo umutumba ni uwa Kristu.” (Abakolosayi 2:17) Kubera ko iyo misi mikuru yashikije intumbero yayo kandi ikaba yahavuye ishirwamwo imigenzo iteye kubiri na Bibiliya, Ivyabona vya Yehova ntibayihimbaza. Raba imwimwe muri yo:

    •  Hanoukka. Uwo musi mukuru ni uwo kwibuka igihe Abayuda basubira kwinjira urusengero rw’i Yeruzalemu. Ariko Bibiliya ivuga ko Yezu yabaye Umuherezi Mukuru w’“ihema [canke urusengero] rinini kuruta kandi ritunganye kuruta ritakozwe n’amaboko, ni ukuvuga, ritari iryo muri ibi biremwa.” (Abaheburayo 9:11) Abakirisu babona ko urwo rusengero rw’ikigereranyo rwasubiriye rwa rusengero rw’i Yeruzalemu.

    •  Rosh ha-Shana. Uwo ni umusi utangura umwaka ku kirangamisi c’Abayahudi. Muri Isirayeli, kuri uwo musi mukuru abantu barashikanira Imana ibimazi bidasanzwe. (Guharūra 29:1-6) Ariko Yezu Kristu, ari we Mesiya, yatumye “ikimazi n’ishikanwa bihagarara.” Mwene ivyo bimazi rero nta gaciro bigifise ku Mana.​—Daniyeli 9:26, 27.

  •   Uwo musi mukuru woba uremesha ivyo kuja hamwe kw’amadini?

     Ico Bibiliya ivuga: “Uwemera asangiye iki n’uwutemera? Kandi urusengero rw’Imana ruhuza rute n’ibigirwamana?”​—2 Abakorinto 6:15-17.

     Naho Ivyabona vya Yehova bihatira kubana amahoro n’abandi kandi bakubahiriza uburenganzira umuntu wese afise bwo gusenga aho ashaka, baririnda imisi mikuru iremesha ivyo kuja hamwe kw’amadini mu buryo bukurikira:

     Imisi mikuru itera iteka umuntu yubahwa cane mu vy’idini canke iremesha abantu bo mu madini atandukanye guhurira hamwe ngo basangire igisabisho. Igihe Imana yinjiza ihanga rya Isirayeli mu gihugu gishasha carimwo abantu basenga izindi mana, yaribwiye iti: “Ntuze ugirane isezerano na bo canke imana zabo. . . . Hamwe wokorera imana zabo, vyokubera umutego.” (Kuvayo 23:32, 33) Ku bw’ivyo, Ivyabona vya Yehova ntibahimbaza imisi mikuru ikurikira:

    •  Loy Krathong. Mu gihe c’uwo musi mukuru wo muri Tayilande, “abantu barafata amababi bakayakoramwo amabakure, bagaca bayashiramwo amabuji canke udukoni tw’imibavu, maze bakayarekurira mu kiyaga. Bivugwa ko ayo mabakure ari ubwato bujanye kure imikoshi. Ariko mu vy’ukuri, uwo musi mukuru ni uwo kwibuka amakanda meranda ya Buda.”​—Encyclopedia of Buddhism.

    •  Umusi mukuru wo kwigaya. Nk’uko umutegetsi umwe yabivuze mu kinyamakuru kimwe co muri Papouasie-Nouvelle-Guinée, abahimbaza uwo musi mukuru “baremera akarangamutima kagenga abakirisu.” Avuga ko uwo musi “uremesha abanyagihugu bose kubaho bisunga amategeko agenga abakirisu.”​—The National.

    •  Vesak. “Ni wo musi mweranda kuruta iyindi yose ku Babuda, ukaba ari umusi wo kwibuka ivuka rya Buda, ukumurikirwa kwiwe, n’urupfu rwiwe ari kwo gushikira ubuhirwe ntangere bita Nirivana.”​—Holidays, Festivals, and Celebrations of the World Dictionary.

      Vesak

     Imisi mikuru ishingiye ku migenzo y’idini itigishwa muri Bibiliya. Yezu yabwiye indongozi z’amadini ati: “Mwatituye ijambo ry’Imana kubera imigenzo yanyu.” Yababwiye kandi ko ugusenga kwabo kwari ukw’ubusa kuko bigisha “amabwirizwa y’abantu.” (Matayo 15:6, 9) Kubera ko Ivyabona vya Yehova bagumiza ku mutima iyo ngabisho, hariho imisi mikuru myinshi y’idini badahimbaza.

    •  Épiphanie (Umusi mukuru w’abami batatu, Timkat, canke Los Reyes Magos). Abawuhimbaza baba bariko bibuka ibatisimu ya Yezu canke igihe ba bamajusi baja kuraba Yezu. Nk’uko igitabu kimwe (The Christmas Encyclopedia) kibivuga, uwo musi mukuru “waratumye imisi mikuru y’abapagani yagirwa mu rushana icika iya gikirisu. Iyo misi mikuru yatera iteka imana z’amazi atemba, inzuzi n’imigezi.” Timkat ni uwundi musi mukuru bifitaniye isano, ukaba “ushingiye cane ku migenzo.”​—Encyclopedia of Society and Culture in the Ancient World.

    •  Iyurizwa mw’ijuru rya Bikira Mariya. Uwo musi mukuru ushingiye ku ciyumviro c’uko nyina wa Yezu yaduze mw’ijuru afise umubiri w’inyama. Igitabu kimwe kivuga ko “abakirisu bo mu ntango batari bazi ico ciyumviro be n’uko ata na hamwe kiri mu Vyanditswe.”​—Religion and Society​—Encyclopedia of Fundamentalism.

    •  Isamwa ata gicumuro rya Bikira Mariya. “Iciyumviro c’uko [Mariya] yasamwe ata gicumuro nticigishwa mu Vyanditswe . . . Ni inyigisho ya Ekleziya.”​—New Catholic Encyclopedia.

    •  Ikarema. Nk’uko igitabu kimwe kibivuga, ico kiringo co kwihana no kwisonzesha cashizweho “mu kinjana ca kane,” haciye imyaka irenga 200 Bibiliya ihejeje kwandikwa. Ku bijanye n’umusi wa mbere w’ikarema, ico gitabu nyene kivuga giti: “Umugenzo w’uko abakirisu basigwa iminyota ku wa gatatu w’iminyota wakwiragiye hose kuva kuri ya Nama y’i Bénévent yo mu 1091.”​—New Catholic Encyclopedia.

    •  Meskel (canke Maskal). Igitabu kimwe kivuga ko uwo musi mukuru wo muri Etiyopiya ari uwo kwibuka “itorwa ry’Umusaraba nyakuri (umusaraba Kristu yabambweko). Kuri uwo musi baracana imiriro maze bagatamba bayizunguruka.” Ariko Ivyabona vya Yehova ntibakoresha umusaraba mu gusenga.​—Encyclopedia of Society and Culture in the Medieval World.

  •   Uwo musi mukuru woba utera iteka umuntu, ishirahamwe canke ikimenyetso kiranga igihugu?

     Ico Bibiliya ivuga: “Ibi ni vyo Yehova avuze: ‘Aravumwe umuntu w’umugabo yizigira umuntu yakuwe mw’ivu, akishimikiza koko ukuboko kwiwe kw’inyama, umutima wiwe ukava kuri Yehova.’”​—Yeremiya 17:5.

     Naho Ivyabona vya Yehova bubaha abantu nka bo, mbere bagasenga babasabira, ntibahimbaza imisi mikuru ikurikira:

     Imisi mikuru itera iteka umutegetsi canke uwundi muntu ahambaye. Bibiliya ivuga iti: “Ni mureke kwishimira abantu, abari n’impwemu gusa mu mazuru yabo: mbega bamaze iki?” (Yesaya 2:22, Bibiliya Yera) Ni co gituma Ivyabona vya Yehova badahimbaza nk’akarorero umusi mukuru w’ivuka ry’umutegetsi kanaka.

     Imisi mikuru yo guha icubahiro ibendera ry’igihugu. Ivyabona vya Yehova ntibahimbaza Umusi mukuru w’ibendera. Uti kubera iki? Kubera ko Bibiliya ivuga iti: “Mwirinde ibigirwamana.” (1 Yohani 5:21) Muri iki gihe abantu bamwebamwe ntibabona ko ibendera ari ikigirwamana, ni ukuvuga ikintu gisengwa, ariko umuhinga mu vya kahise yitwa Carlton Hayes yanditse yuko “ibendera risengwa.”

     Imisi mikuru ihayagiza aberanda. Intumwa Petero yavyifashemwo gute igihe umugabo umwe atinya Imana yamwunamira? Bibiliya ivuga iti: “Petero amukura hasi, avuga ati: ‘Haguruka; na jewe ndi umuntu.’” (Ivyakozwe 10:25, 26) Yaba Petero canke izindi ntumwa, nta n’umwe yemeye guhabwa icubahiro kidasanzwe. Ku bw’ivyo, Ivyabona vya Yehova ntibahimbaza imisi mikuru yo gutera iteka abafatwa ko ari aberanda, nk’iyi ikurikira:

    •  Umusi mukuru w’aberanda bose. “Ni umusi mukuru wo gutera iteka aberanda bose . . . Inkomoko yawo ntizwi.”​—New Catholic Encyclopedia.

    •  Umusi mukuru wa Bikira Mariya w’i Gwadelupe. Uwo musi mukuru ni uwo gutera iteka “umurinzi wa Megizike,” bamwe bakaba bavuga ko ari Mariya nyina wa Yezu. Bivugwa ko yiyeretse umurimyi nciyaho mu 1531.​—The Greenwood Encyclopedia of Latino Literature.

      Umusi mukuru wa Bikira Mariya w’i Gwadelupe

    •  Umusi wo kwita umwana izina. Igitabu kimwe kivuga ko “umusi wo kwita umwana izina ari umusi mukuru w’umweranda yitwa izina ryahawe uwo mwana ku musi wo kubatizwa canke ku musi wo gukomezwa.” Congerako yuko “ari umusi udasanzwe wo gukora ibikorwa vy’idini.”​—Celebrating Life Customs Around the World​—From Baby Showers to Funerals.

     Imisi mikuru ifitaniye isano n’imigambwe canke n’ivyo guteza imbere imigwi kanaka y’abantu. Bibiliya ivuga iti: “Ni vyiza guhungira muri Yehova kuruta kwizigira umuntu yakuwe mw’ivu.” (Zaburi 118:8, 9) Ivyabona vya Yehova ntibahimbaza Umusi mukuru w’urwaruka canke Umusi mukuru w’abakenyezi kubera bipfuza kwerekana ko bizigiye yuko Imana ari yo izotorera umuti ingorane zihanze isi. Si abantu bazozitorera umuti. Ni co gituma kandi badahimbaza Umusi mukuru wahariwe kwiganzura ubuja canke iyindi misi mikuru mwene iyo. Ahubwo bizigiye ko Ubwami bw’Imana ari bwo buzokuraho ingorane z’amacakubiri n’ubusumbasumbane hagati y’abantu.​—Abaroma 2:11; 8:21.

  •   Uwo musi mukuru woba ufise intumbero yo kwerekana ko igihugu kanaka canke ubwoko kanaka buruta ubundi?

     Ico Bibiliya ivuga: “Imana [nti]gira nkunzi, mugabo mw’ihanga iryo ari ryo ryose umuntu ayitinya kandi agakora ivy’ubugororotsi iramwemera.”​—Ivyakozwe 10:34, 35.

     Naho Ivyabona vya Yehova benshi bakunda ibihugu bavukiyemwo, baririnda imisi mikuru ifise intumbero yo kwerekana ko igihugu kanaka canke ubwoko kanaka buruta ubundi, nk’uko bidondorwa aha munsi:

     Imisi mikuru itera iteka igisirikare. Yezu ntiyahimirije abigishwa biwe kuja mu ntambara, ahubwo yababwiye ati: “Mubandanye gukunda abansi banyu no gusabira ababahama.” (Matayo 5:44) Ku bw’ivyo, Ivyabona vya Yehova ntibaja mu misi mikuru yo gutera iteka abasoda, ushizemwo n’iyi ikurikira:

    •  Umusi mukuru witwa Anzac. “Anzac ni umusi wahariwe ingabo zo muri Ostraliya n’izo muri Nouvelle-Zélande. Uwo musi wahavuye uhinduka uwo kwibuka abaguye ku rugamba.”​—Historical Dictionary of Australia.

    •  Umusi mukuru w’abahoze mu gisirikare c’igihugu (Umusi w’icibutso canke Uwa mungu w’icibutso). Iyo misi mikuru ni iyo gutera iteka “abahoze mu gisirikare c’igihugu hamwe n’abapfiriye ku rugamba.”​—Encyclopædia Britannica.

     Imisi mikuru yo kwibuka kahise k’igihugu canke kwikukira. Ku bijanye n’abigishwa biwe, Yezu yavuze ati: “Si ab’isi, nk’uko nanje ntari uw’isi.” (Yohani 17:16) Naho Ivyabona vya Yehova bahimbarwa no kumenya kahise k’igihugu kanaka, ntibaja mu misi mikuru ikurikira:

    •  Umusi mukuru wa Ostraliya. Nk’uko igitabu kimwe kibivuga, uwo musi ugenewe kwibuka “igihe abasirikare b’Abongereza baduza ibendera ryabo mu 1788 maze bagatangaza ko Ostraliya igiye mu bihugu bakoroniza.”​—Worldmark Encyclopedia of Cultures and Daily Life.

    •  Umunsi mukuru wa Guy Fawkes. Uwo ni “umusi mukuru w’igihugu wo kwibuka igihe Guy Fawkes n’abandi Bagatolika b’indyadya bagerageza kwica Umwami Yakobo wa mbere n’abari bagize inama nshingamateka [y’Ubwongereza] mu 1605 ariko bikanka.”​—A Dictionary of English Folklore.

    •  Umusi mukuru wo kwikukira. Mu bihugu vyinshi, uwo ni “umusi wahariwe kwibuka igihe igihugu cikukira kikava mu bukoroni.”​—Merriam-Webster’s Unabridged Dictionary.

  •   Uwo musi mukuru woba urangwa n’ingeso zo kurenza urugero canke ubushegabo?

     Ico Bibiliya ivuga: “Igihe carenganye [kira]hagije c’ukuba mwarakoze ukugomba kw’amahanga igihe mwagendera mu bikorwa vy’ubushirasoni, mu nambu zikomeye, mu kunywa umuvinyu birenze urugero, mu kwidagadura, mu guhiganwa mu kunywa, no mu vy’ugusenga ibigirwamana kw’ikizira.”​—1 Petero 4:3.

     Ivyabona vya Yehova barakurikiza iyo mpanuro mu kwirinda imisi mikuru irangwa no kunywa birenze urugero hamwe n’ibiteramo birimwo ukwidagadura kurenze. Ivyabona vya Yehova barahimbarwa no guteramana n’abagenzi kandi baramutse bahisemwo kunywa inzoga, baribuka kwigerera. Barihatira gushira mu ngiro impanuro yo muri Bibiliya igira iti: “Mwaba murya canke munywa canke mukora ikindi kintu cose, mukore vyose ku bw’ubuninahazwa bw’Imana.”​—1 Abakorinto 10:31.

     Ku bw’ivyo, Ivyabona vya Yehova ntibaja mu birori birimwo intambo zikabura inambu y’umubiri (nk’ivyitwa carnavals) canke mu bindi birori biremesha ingeso Bibiliya yiyamiriza. Aho harimwo umusi mukuru w’Abayahudi witwa Purimu. Naho kera wari umusi wo kwibuka ukurokorwa kw’Abayuda mu kinjana ca gatanu imbere ya Kristu, igitabu kimwe kivuga ko ubu uwo musi “usigaye uhimbazwa nk’uwitwa Mardi Gras canke Carnaval y’Abayahudi.” Benshi mu bawuhimbaza “bariyoberanya (abagabo bakambara impuzu z’abagore), ugasanga barangwa n’akaguma, bakanywa inzoga zirenze, bakavuza n’urwamo rwinshi.”​—Essential Judaism.

 Naho Ivyabona vya Yehova badahimbaza imisi mikuru imwimwe, boba bakunda imiryango yabo?

 Ego. Bibiliya itwigisha gukunda incuti zacu zose no kuzubaha, tutarinze kuraba idini zirimwo. (1 Petero 3:1, 2, 7) Ariko ntiwumve, igihe Icabona ca Yehova ahevye guhimbaza imisi mikuru imwimwe, bamwe mu ncuti ziwe boshobora kubabara, bakumva ko abahemukiye. Ku bw’ivyo, Ivyabona vya Yehova benshi barasubiriza umutima mu nda incuti zabo ko bazikunda, bakazisigurira mu bugwaneza igituma badahimbaza iyo misi mikuru, kandi bakazigendera mu bindi biringo.

 Ivyabona vya Yehova boba babuza abandi guhimbaza imisi mikuru imwimwe?

 Oya. Baremera ko umwe wese afise uburenganzira bwo kwifatira ingingo. (Yosuwa 24:15) Ivyabona vya Yehova “[baratera] iteka abantu b’uburyo bwose,” batarinze kuraba idini barimwo.​—1 Petero 2:17.

a Iki kiganiro ntikirimwo imisi mikuru yose Ivyabona vya Yehova badahimbaza, kandi nticerekana ingingo ngenderwako zose zo muri Bibiliya zijanye n’imisi mikuru.

b Vyakuwe mu gitabu Mithra, Mithraism, Christmas Day & Yalda canditswe na K. E. Eduljee, urupapuro rwa 31-33.