Ja ku birimwo

Umuzimyamiriro yari mw’ikonji yararokoye abantu

Umuzimyamiriro yari mw’ikonji yararokoye abantu

Hari ku wa mungu igenekerezo rya 5 Nzero 2014, igihe Serge Gerardin yabona isanganya riteye ubwoba ari muri bisi, agiye kw’iteraniro ry’Ivyabona vya Yehova hafi y’i Paris mu Bufaransa. Yigana ati: “Umuduga warasetse ibariyeri y’ibeto ikingira ikiraro, uca utarikira mu kirere. Uwo muduga waciye useka nya kiraro, uca urarurumba maze ugwa ugaramye.”

Serge amaze imyaka irenga 40 akora akazi ko kuzimya imiriro. Yaciye ubwo nyene agira ico akoze, narirya ari umuhagarikizi mw’ishirahamwe rimwe rijejwe kuzimya imiriro. Avuga ati: “Naho twariko duca ku rundi ruhande rw’ibarabara, narasavye umushoferi w’ibisi ngo ahagarare, nca nsubira inyuma kuraba uwo muduga wariko urasha.” Serge yarumvise umuntu aboroga avuga ngo: “Ntabara! Ntabara!” Yigana ati: “Nari nambaye ikoti n’ikaruvati, kandi nta gikoresho na kimwe co gutabara nari mfise. Ariko ayo maborogo yaranyeretse yuko abo bantu bari bagishobora kurokorwa!”

Serge yarazungurutse uwo muduga maze abona umuntu yari yabuze ico afata n’ico areka, aca aramutabara. Serge avuga ati: “Yarambwiye ko muri uwo muduga hari hasigayeyo abandi babiri. Ico gihe imiduga itari mike yari yahagaze. Mugabo kubera ko hari ubushuhe n’imbeya bikaze, abantu ntibashobora kuhegera.”

Abashoferi b’ibikamyo batari bake baraje bafise ibizimyamuriro. Serge yaciye abereka ukuntu bobikoresha mu kuzimya nya muduga, imbeya zica zirahwama gatoyi. Umushoferi w’uwo muduga hari ukuntu yari yafatiwe munsi yawo. Serge hamwe n’abandi bari bahagaze ng’aho baciye baduza nya muduga maze barakwega uwo mushoferi bamukurayo.

Serge avuga ati: “Muri ako kanya, umuriro waciye usubira kururumba!” Mugabo hari uwundi muntu yari akirekera afashwe na bene ya misipi abicaye mu miduga bambara. Haciye hashika uwundi muzimyamiriro yari mw’ikonje, yambaye bene ya makoti y’insato abatwara amapikipiki bambara. Serge avuga ati: “Naramubwiye ko uwo muduga wagira uturike, duca dufata ingingo yo gukwega uwo muntu tumufashe amaboko.” Ata n’umunota urahaca, nya muduga waciye uturika.

Igihe abajejwe kuzimya imiriro be n’abaganga bashika, baritwararitse abari bamerewe nabi bongera barazimya uwo muriro. Baravuye Serge aho yari yakomeretse be n’aho yari yahiye ku biganza. Igihe yariko arurira ya bisi agiye kw’iteraniro, abantu benshi barirukanze iyo ari, baramushimira.

Serge arashima kubona yarahaserutse. Avuga ati: “Nariyumvamwo ko gufasha abo bantu ari ibanga Yehova Imana yanje yanjeje. Ikinshimisha ni uko nashoboye gufasha mu kurokora abo bantu.”