Ja ku birimwo

BIBILIYA IRAHINDURA UBUZIMA

“Wamenga ndafise ivyo umuntu yokwipfuza vyose”

“Wamenga ndafise ivyo umuntu yokwipfuza vyose”
  • YAVUTSE MU 1962

  • IGIHUGU AKOMOKAMWO: Kanada

  • KAHISE: Yabaho mu buhumbu

KAHISE KANJE

 Navukiye i Montréal, igisagara kinini co mu ntara ya Québec. Tuvukana turi bane, kandi abavyeyi bacu bari abantu bakundana cane. Twakuriye mu karere keza cane k’i Rosemont. Mu muryango wacu harangwa amahoro.

 Nkiri umwana narakunda Bibiliya. Ndibuka ko ngifise imyaka 12 nasomye mw’Isezerano rishasha inkuru y’ubuzima bwa Yezu, kandi narayikunze cane. Narakozwe ku mutima n’ukuntu yakunda abandi kandi akabagaragariza impuhwe, nca nipfuza kumera nka we. Ikibabaje, maze gukura ico cipfuzo carakamanganye nca ntangura kugendana n’abantu b’ingeso mbi.

 Dawe yari umucuraranzi (yavuza saxophone). Uretse ko yampaye igicurarangisho ciwe, yaranatumye nkunda umuziki cane, uca uba wo mwuga wanje. Narakunda umuziki ku buryo ntatevye no kwiga igitari. Bidatevye twe n’abagenzi twaragize umugwi wo gucuraranga umuziki wa rock kandi twama turemesha ibiteramo. Abantu ba karuhariwe mu vy’ugutunganya umuziki barambonye baca baransaba ko boza baramfasha gusohora imiziki. Naragiraniye kontara na stidiyo ikomeye. Imiziki yanje yaciye itangura gukundwa cane kandi yama ivuzwa kw’iradiyo muri Québec.

 Wamenga ndafise ivyo umuntu yokwipfuza vyose. Nari nkiri muto kandi nari rurangiranwa. Nakora ibintu nkunda cane kandi bikandonsa amahera menshi. Ku murango narinonora imitsi, nkishura ibibazo vy’abamenyeshamakuru, nkifotoza n’abafana ngatanga n’ibiganiro kuri televiziyo. Mw’ijoro na ho nararemesha ibiteramo nkaja no mu birori. Natanguye kunywa inzoga nkiri muto kugira ndinduke ndi imbere y’abafana, mu nyuma ndahava ntangura kunywa ibiyayuramutwe. Sinatinya kwigerezako kandi nari igihumbu.

 Hari abipfuza kumera nkanje kubera babona nsa n’uwuhimbawe. Ariko imbere muri jewe numva ata co maze, canecane igihe naba ndi jenyene. Narumva ndengewe n’amaganya. Ikibabaje, igihe nari ngeze ku rwego rukomeye, babiri mu bansohorera umuziki barahitanywe na SIDA. Vyaramvunye umutima. Naho nakunda umuziki, ingeso umuntu yaca agira zaranshisha.

UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE

 Naho nariko ndaroranirwa, hariho ikintu cambabaza cane. Naribaza igituma akarenganyo kiraye n’igituma Imana itagira ico ikoze. Nama nsenga Imana ndayisaba inyishu z’ivyo bibazo. Igihe kimwe ndangije urugendo nari mazemwo imisi, narasubiye gusoma Bibiliya. Naho vyinshi mu vyo nasomye ntabitahuye, narabonye ko umuhero utegerezwa kuba wegereje.

 Igihe nariko ndasoma Bibiliya, narabonye ko Yezu yigeze kumara imisi 40 yisonzesheje. (Matayo 4:1, 2) Nibwiye ko hamwe na jewe nobigira, kumbure Imana yonyiyereka. Naciye nishingira itariki nzotangurirako. Hasigaye indwi zibiri ngo iyo tariki igere, hari Ivyabona babiri badodoye ku muryango, nca ndabaha ikaze nk’aho nari ndabiteze. Narahanze amaso umwe muri bo yitwa Jacques, nca ndamubaza nti: “Ni igiki kitwemeza ko tubayeho mu misi ya nyuma?” Mu kunyishura yarazinguruye Bibiliya, ansomera muri 2 Timoteyo 3:1-5. Naciye ndabacucagira ibibazo. Naratangajwe n’inyishu zumvikana bampaye kandi zose zari zishingiye kuri Bibiliya. Bamaze kungendera nka kangahe, narabonye ko bidakenewe ko nisonzesha.

 Naratanguye kwiga Bibiliya n’Ivyabona ntahorereza. Nahavuye mwesha urushatsi nari mfise, nca ndatangura kwitaba amakoraniro yose ku Ngoro y’Ubwami. Ukuntu banyakiranye igishika vyaranjijuye ko nari nubuye ukuri.

 Ariko ntiwumve, kugira nshire mu ngiro ivyo nariko ndiga, nari nkeneye kugira ibintu bikomeye mpinduye mu buzima. Nabwirizwa guheba ibiyayuramutwe n’ubuhumbu. Nabwirizwa kandi kuvavanura n’agatima ko kwikunda nari mfise nkarushiriza kwitaho abandi. Kubera ko nari nireranye abana babiri, nabwirizwa kwiga kwitwararika ukuntu biyumva kandi nkabigisha Ijambo ry’Imana. Narahevye ivy’umuziki nca ndonka akazi mw’ihinguriro rimwe, aho nahembwa inticantikize.

 Kugira ayo mahinduka yose ntihari aho gutuma umwana. Guheba ibiyayuramutwe ntivyanyoroheye kandi vyarashitse nka kangahe ndasubira kubinywa. (Abaroma 7:19, 21-24) Kuvavanura n’ubuhumbu ni vyo vyambereye urugamba rutoroshe. Vyongeye, akazi nakora kararuhisha cane, agahembo k’inticantikize na ko kakaza gasongera isibe. Umushahara w’amezi atatu wangana n’ayo naronka mu masaha abiri gusa nkiri umuririmvyi.

 Isengesho ryaramfashije kudatana n’akabando. Kwama nsoma Bibiliya na vyo nyene vyaramfashije cane. Hariho ivyanditswe vyandemesheje cane. Kimwe ni ico mu 2 Abakorinto 7:1, ahahimiriza abakirisu “[kwiyuhagira] ubuhumane bwose bw’umubiri n’ubw’umutima.” Ikindi canditswe cankuye amazinda yuko nshobora guheba ingeso mbi ni ico mu Bafilipi 4:13, ahavuga hati: “Muri vyose, ndonka inkomezi ndabikesheje umwe ampa ububasha.” Yehova Imana yarishuye amasengesho yanje yongera aramfasha gutahura ukuri kwo muri Bibiliya no kugushira mu ngiro. Ivyo vyaramvyuriye umutima wo kumwegurira ubuzima bwanje. (1 Petero 4:1, 2) Nabatijwe mu 1997.

IVYIZA NAHAKUYE

 Ndazi neza ko mba narapfuye iyo mbandanya ubuzima narimwo. Ariko ubu ndahimbawe cane. Umukenyezi wanje nikundira Elvie na we nyene yarambereye umuhezagiro. Twe na we turamara umwanya munini turiko turigisha abandi Bibiliya. Ivyo biratuma ngira umunezero mwinshi. Ndashimira cane Yehova kubona yarankwegereye kuri we.​—Yohani 6:44.