Ja ku birimwo

Kugendera Beteli

Turagutumiye n’igishika cinshi ngo uzoze kugendera ibiro vyacu vy’amashami, ibikunze kwitwa Beteli. Ku biro vy’amashami bimwebimwe hariho amaratiro umuntu ashobora kwitemberezamwo.

Gusubira kugendera Beteli: Mu bihugu vyinshi, abantu barasubiye kugendera ibiro vyacu vy'amashami kuva ku wa 1 Ruheshi 2023. Wipfuza ayandi makuru, nuyabaze ibiro vy'ishami ushaka kugendera. Turakwinginze ntuzogendere Beteli mu gihe boba bagutoye korona, ufise ibimenyetso vy’inkorora canke giripe, canke uherutse kumarana umwanya n’umuntu batoye korona.

Ostraliya

Amaratiro

Iratiro ry’ivya kahise. Niwirabire ingene igikorwa co kwamamaza inkuru nziza cagiye kiratera imbere muri Ostralaziya.

Aho batunganiriza amavidewo. Abahatemberera bararonka akaryo ko kumenya ingene rwa rukurikirane rw’amavidewo Inkuru yerekeye igikorwa ca Yezu ruriko ruratunganywa. Bazobona ibibanza vyubatse nk’ivyo muri kahise, ariko bazobiraba bari kure kugira ntibaciremwo abariko barahakorera.

Adrese n’inomero za telefone

Inzira wojana