Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Kumenya Imana biratuma tuba abagenzi bayo

Kumenya Imana biratuma tuba abagenzi bayo

Umuremyi wacu si umunyabubasha gusa, ariko arafise n’izindi kamere nziza cane kandi yipfuza ko twiga ibimwerekeye kugira tube abagenzi biwe. (Yohani 17:3; Yakobo 4:8) Ni co gituma yaduhishuriye vyinshi ku bimwerekeye.

Umuremyi wacu arafise izina ry’uruharo

“Kugira bamenye yuko wewe, uwitwa Yehova, ari wewe wenyene Musumbavyose kw’isi yose.”​—ZABURI 83:18.

Bibiliya yigisha ko Yehova ari we Mana yonyene y’ukuri. Ni we yaremye isi n’ijuru n’ibiriko vyose. Ni we wenyene dukwiye gusenga.​—Ivyahishuwe 4:11.

Yehova ni Imana y’urukundo

“Imana [ni] urukundo.”​—1 YOHANI 4:8.

Yehova abicishije kuri Bibiliya no ku vyo yaremye araduhishurira ibintu vyinshi bimuranga. Urukundo ni co kintu nyamukuru kimuranga. Ivyakora vyose abitumwa n’urukundo. Uko twiga ivyerekeye Yehova ni ko turushiriza kumukunda.

Yehova ni Imana y’imbabazi

“Uri Imana ikunda kubabarira.”​—NEHEMIYA 9:17.

Yehova arazi ko tudatunganye. Ni co gituma yiteguriye kutubabarira. Iyo tumusavye imbabazi kandi tukihatira kudasubira gukora amakosa, aratubabarira kandi ntaduhanira ibicumuro yamaze kutubabarira.​—Zaburi 103:12, 13.

Yehova yipfuza ko tumusenga

“Yehova ari hafi y’abamwambaza bose . . . Azokwumva ugutabaza kwabo, abakize.”​—ZABURI 145:18, 19.

Yehova ntashaka ko tugira imigirwa idasanzwe canke ko dukoresha ibishusho mu kumusenga. Arumviriza amasengesho yacu nka kurya umuvyeyi akunda abana biwe abatega yompi.