Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

BE MASO! No 4 2017 | Woba utakironka umwanya kubera akazi?

Muri iki gihe, abantu barafatirwa cane n’akazi ku buryo bataronka umwanya wo kwitwararika abandi, imiryango na yo ikahabonera.

None twokoresha gute umwanya wacu neza?

Umugabo umwe w’incabwenge yanditse ati: “Urushi rw’akaruhuko ruruta amashi abiri y’igikorwa c’ubutame n’ukwiyahagura ukurikira umuyaga.”​—Umusiguzi 4:6.

Iki kinyamakuru Be maso! kirerekana impanuro nziza cane zodufasha gukoresha neza umwanya wacu, nko kuraba neza ivyo twoshira imbere y’ibindi.

 

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Woba utakironka umwanya kubera akazi?

Abenshi bavuze ko bigoye cane gushitsa ivyo basabwa ku kazi no mu miryango yabo. None biterwa n’iki? Hoba hari ico umuntu yokora?

Inyoni y’igitangaza

Kera abantu biyumvira ko inyoni zitwa sternes arctiques buri mwaka ziguruka nk’ibilometero 35.200 iyo zivuye kw’isonga rya ruguru ry’umubumbe w’isi zija kw’isonga ry’epfo zikongera zikagaruka. Ariko ivyo abahinga bubuye biratangaje cane.

‘Izina ryiza riruta itunga ryinshi’

Turashobora kugira izina ryiza n’icubahiro imbere y’abantu. Gute?

ICOFASHA UMURYANGO

Igihe abana batakiba muhira

Abubakanye benshi baragira ingorane zikomeye igihe abana babo bageze mu bigero maze bakaja kuba ahandi. Ni ibiki vyobafasha kumenyera ubwo buzima bushasha?

IKIGANIRO TWAGIRANYE NA

Umuhinga w’ubwonko asigura icatumye yemera Imana

Umuhinga Rajesh Kalaria aratuyagira ibijanye n’akazi akora be n’ivyo yemera. Ni igiki catumye akunda ivy’ubuhinga bwa siyansi? Ni igiki catumye agira amakenga ku nkomoko y’ubuzima?

TWISUNZE BIBILIYA

Kugeragezwa

Ehe raba zimwe mu ngaruka zishikira abantu igihe bageragejwe ntibigumye: kuri bamwe imibano irasambuka, abandi bakarwara, abandi bakama biyagiriza. Izo ngaruka twozirinda gute?

VYOBA VYARIYADUKIJE?

Utwamwa tw’ubururu bukayangana cane

Utwo twamwa nta kintu kiri muri two gihingura iryo bara, ariko dufise ibara ry’ubururu rikayangana cane gusumba iry’ibindi bimera vyose. None iryo bara rikayangana ryatwo riva kuki?

Ibindi usanga kuri internet

Bibiliya yoba yomfasha kuronka agahimbare mu muryango?

Impanuro ziranga ubukerebutsi Bibiliya itanga ziramaze gufasha abagabo n’abagore amamiliyoni kuronka agahimbare mu rugo.

Monica Richardson: Umuganga asigura icatumye yemera Imana

Yaribajije nimba kwibaruka umwana coba ari ikintu ciyadukije canke ko hariho uwabitunganije. Ni iciyumviro ikihe yashitseko afatiye ku vyo amaze kwibonera mu kazi kiwe k’ubuganga?