Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IBIHUGU N’ABABIBAMWO

Endoneziya

Endoneziya

IGIHUGU ca Endoneziya kigizwe n’amazinga nka 17.000. Abantu baho bafise umutima mwiza, ukwihangana, urupfasoni n’ubwakiranyi bidasanzwe.

Abanyendoneziya barakunda gufungura umuceri n’izindi mfungurwa zikunze kuba zirimwo ibirungo, bagafungura n’ivyamwa. Mu duce tumwetumwe, abagize umuryango bafungura bicaye ku kirago, bagafata imfungurwa mu minwe hanyuma bakazikoza mu muceri. Abanyendoneziya benshi bavuga ko iyo bafunguye gutyo ari ho bumva neza akanovera k’ibifungurwa.

Icamwa citwa durion womengo ni igifinesi ni icamwa coroshe indani kandi gifise amazi menshi asosa.

Abanyendoneziya barakunda utugenegene, gutamba hamwe n’umuziki. Igicurarangisho kavukire bakoresha mu muziki citwa anklong, kikaba kigizwe n’utugegene tw’imigano tubohanije mu buryo bworoshe bashinga mu mugano urambitse. Iyo migano barayiregera kugira ngo igihe bakomanze nya gicurarangisho gice gisohora ijwi kanaka. Mu kuvuza umuziki, abacuraranzi bategerezwa kwumvikana, umwe wese agakomanga igicurarangisho ciwe umwanya wiwe ugeze.

Iyo nguge, iyikunze kuboneka mu kibira ca Sumatra be n’ica Borneo, ni co gikoko kinini kuruta ibindi vyose kw’isi biba mu biti. Ikigabo gikuze kirashobora gupima ibilo 90,7, amaboko yaco na yo agapima imetero 2,4 iyo ashanje

Gushika mu kinjana ca 15 G.C. (G.C. bisobanura “mu Gihe Cacu”), Abanyendoneziya benshi bari mw’idini ry’abahindu n’iry’ababuda. Mu kinjana ca 16, imico y’Abanyendoneziya yari imaze gutangura kwisunga idini ry’abisilamu. Abanyaburaya bagiye muri ico gihugu kurondera ibirungo mu kinjana ca 16 ni bo batangujeyo amadini y’abakirisu.

Ivyabona vya Yehova, bano bakaba bazwi kw’isi yose kubera igikorwa co kwigisha abantu Bibiliya, bakorera muri Endoneziya kuva mu 1931. Ubu muri ico gihugu hari Ivyabona vya Yehova barenga 22.000, bakaba bagira akigoro ko kubwira inkuru nziza abaragi baba muri ico gihugu. Mu mwaka umwe wa vuba, abaragi barenga 500 baraje kw’ikoraniro ridasanzwe ry’Ivyabona vya Yehova ryo mu rurimi rw’ibimenyetso ryari rijanye no kwibuka urupfu rwa Yezu Kristu.

Ikinyamakuru Be maso! gisohorwa mu ndimi 98, ushizemwo ikinyendoneziya (icitwa kandi Bahasa Indonesia)