Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 IBIHUGU N’ABABIBAMWO

Tuje mu Butaliyano

Tuje mu Butaliyano

UBUTALIYANO ni igihugu c’ubudasa: Hamwe usanga hari inkombe ndende z’ikiyaga, ahandi hari imisozi y’ibibuyebuye; mu bumanuko usanga mu ci hari ubushuhe bukaze, mu buraruko na ho hakaba imbeho izura inzara mu rushana. Vyongeye, Ubutaliyano ni igihugu c’imisozi y’ibirunga, ariko mikeya gusa muri yo ni yo igicira ibirunga, nk’uwitwa Stromboli n’uwitwa Etna.

Ubutaliyano ni kimwe mu bihugu vy’i Buraya bibamwo abantu benshi cane. Carabayemwo abantu b’ubwoko butandukanye, harimwo n’Abarabu, aba Byzantins, Abagiriki, aba Normands n’Abanyafenisiya.

Ingenzi zirakunze guca mu migende y’amazi y’igisagara ca Venize ziri mu twato twitwa gondoles

Ico gihugu kirimwo ibintu vyinshi vy’agaciro vyerekana kahise kaco be n’ubuhinga bwaco mu bijanye n’ivy’utugenegene. Mu bisagara vyinshi vyo muri ico gihugu urahasanga ibisigarira vy’inyubakwa z’Abagiriki n’Abaroma ba kera, izubatswe mu buryo bwa kera bwitwa baroque n’ubwitwa renaissance. Urasahanga n’ibicapo, ibishusho bibajwe mu mabuye y’agaciro yitwa marimari, be n’amabombo vyahinguwe n’abanyatugenegene bakomakomeye, nka Bernin, Michel-Ange, na Raphaël.

Ibifungurwa birafise ikibanza kidasanzwe mu buzima bwo muri ico gihugu kandi imigenzo myinshi yaho usanga ifitaniye isano n’ubuhinga bwaho bwo guteka. Kenshi babanza gufungura imfungurwa bita makaroni canke supageti, bahejeje bagaca barenzako inyama canke ifi biri kumwe n’imboga. Barakoresha cane amavuta y’imyelayo, narirya bayirima cane. Imfungurwa zitwa piza n’izitwa risotto ni imfungurwa zizwi cane ko zikomoka mu Butaliyano.

Abataliyano barafungura cane imfungurwa zitwa supageti na makaroni

Abataliyano birazwi ko ari abantu b’igishika, bakirana kandi bakunda kwifatanya n’abandi. Barakunda ikiyago, akaba ari co gituma akenshi ushobora kubabona batera inkuru mu bibanza bihuriramwo abantu benshi canke ukababona bagenda baratera inkuru mu nzira.

Benshi mu baba mu Butaliyano bavuga ko bari muri Ekleziya Gatolika ya Roma, mugabo bake ni bo bama bagiye mu misa. Bivugwa ko akosho iryo dini ribafiseko kagabanutse cane mu myaka mirongo iheze, uravye nk’ukuntu benshi muri bo badakurikiza ivyo ryigisha mu bijanye no gukorora inda be n’ukwahukana.

Mu Butaliyano hari Ivyabona vya Yehova benshi. Birazwi ko bigisha Bibiliya mu gikorwa barangura co kwamamaza inkuru nziza be n’uko babaho bisunga ivyo Bibiliya yigisha. Muri ico gihugu hari amashengero y’Ivyabona vya Yehova arenga 3.000, menshi muri yo akaba agerageza kubwira inkuru nziza abantu bavuga izindi ndimi atari igitaliyano. Biribonekeza ko abantu baho bavuga indimi z’inyamahanga bakeneye kwigishwa Bibiliya, narirya igitigiri c’abanyamahanga baba mu Butaliyano cigwije na gatatu nko mu myaka cumi irangiye.

WARI UBIZI?

Naho Vatikano iri mu gisagara ca Roma, ni igihugu cigenga kuva mu 1929, akaba ari co gituma Abataliyano bayifata nk’ikindi gihugu.

Imisozi y’ibibuyebuye yitwa Dolomites, iri mu buraruko bushira ubuseruko bw’Ubutaliyano