Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 ICOFASHA UMURYANGO | KURERA ABANA

Wofasha gute umukobwa wawe w’umuyabaga arengewe n’umwitwarariko?

Wofasha gute umukobwa wawe w’umuyabaga arengewe n’umwitwarariko?

INGORANE

Umukobwa wawe akubwiye ko arengewe n’umwitwarariko. Uciye utangara, ukibwira uti: ‘Umwana w’imyaka 13 yoba aragera kugira umwitwarariko?’ Ariko imbere yo kubibwira umukobwa wawe, nurimbure ibintu bimwebimwe bishika mu buzima bishobora gutuma yumva arengewe.

IKIBITERA

Amahinduka aba ku mubiri. Amahinduka aba bukwi na bukwi ku mubiri w’umukobwa igihe atanguye kugera mu bigero, arashobora gutuma agira amaganya menshi, na canecane igihe aba atanze bagenziwe gukura canke bamutanze. Uwitwa Anna, * ubu akaba afise imyaka 20, avuga ati: “Ndi mu bakobwa batanze abandi kwambara isutiye, bikaba vyaratuma numva mbuze amahoro. Numva umengo simeze nk’abandi bakobwa bo mu rugero rwanje, ukamenga ndi ikiburirane!”

Uguhindagurika mu kuntu yiyumva. Uwitwa Karen, ubu akaba afise imyaka 17, avuga ati: “Vyarambabaza cane kubona ntumva icatuma nirirwa ndyohewe, mw’ijoro na ho nkarara ndarira n’amaso agatukura. Naribaza ingorane mfise nkayibura. Wamengo nta co nshoboye gukora ngo ndeke kwiyumva gutyo.”

Gutangura kuja mu butinyanka. Umwigeme yitwa Kathleen avuga ati: “Nta ko mawe atari yakoze ngo antegure, ariko igihe natangura kuja mu butinyanka wamengo ntewe ntiteguye. Noga kenshikenshi kubera ko naguma numva umengo ndahumanye. Vyongeye, basazanje batatu barancokoza ntibangirire n’akagongwe. Ivyago nagira muri ico kiringo bo babibona nk’ibintu vyo kujajurako.”

Akosho k’abandi. Umwigeme yitwa Marie, ubu akaba afise imyaka 18, yigana ati: “Igihe nari mfise imyaka iri hagati ya 12 na 14, akosho k’urunganwe kari gakomeye cane. Kw’ishure abana wasanga bafata nabi uwo wese babona ko atameze nka bo.” Uwitwa Anita w’imyaka 14 na we avuga ati:  “Uwugeze mu myaka ngezemwo arakenera cane kwumva ko bagenziwe batamwanka, ahandi ho aca yumva ko agowe.”

ICO WOKORA

Numuremeshe akuyagire umwitwarariko afise. Mu ntango yoshobora gutinyatinya kubikuyagira. Mugabo niwihangane, ukurikize impanuro Bibiliya itanga yo ‘gutebuka kwumva, ugateba kuvuga.’Yakobo 1:19.

Ntufatire mu rwara umwitwarariko wiwe. Niwibuke yuko ataramenya utuntu n’utundi nkawe. Rero nta vyinshi aramenya ku bijanye n’umwitwarariko umushikira be n’ingene yovyifatamwo.Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Abaroma 15:1.

Ntumuhe ibikorwa vyinshi vyiyongera ku vyo kw’ishure. Igitabu kimwe (Teach Your Children Well) kivuga yuko abakiri bato bafise ibikorwa vy’umurengera “kenshi bagaragaza ibimenyetso vyerekena ko barengewe n’umwitwarariko, canecane bikabonekera ku ngorane z’amagara nk’ukumeneka umutwe canke ukuribwa mu nda.”Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Abafilipi 1:9, 10.

Raba neza ko aruhuka bihagije. Itiro ni co kintu abayabaga benshi bafata minenegwe. Ariko rero, igihe umukobwa wawe ataruhuka bihagije biragabanya ubushobozi bwiwe bwo kwiyumvira, bikanamugora kumenya ingene yirinda kurengerwa n’umwitwarariko.Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Umusiguzi 4:6.

Mufashe kuronka uburyo bwiza bwo kuruhuka mu mutwe. Kwinonora imitsi birafasha abakobwa bamwebamwe kuruhuka mu mutwe. Bibiliya na yo nyene ivuga yuko “kumenyereza umubiri bigira akamaro.” (1 Timoteyo 4:8) Abandi bakobwa basanze kugira agakaye bandikamwo ukuntu biyumva bibafasha kutarengerwa n’umwitwarariko. Umwigeme yitwa Brittany w’imyaka 22 avuga ati: “Nkiri muto cane narandika ibijanye n’ingorane ntaba nshoboye gutorera umuti. Ivyo vyaramfasha gutahura ukuntu niyumva vy’ukuri ku bijanye n’iyo ngorane, bigaca binyorohera kuyitorera umuti canke kuyihoza.”

Numubere akarorero keza. Wewe ubwawe uvyifatamwo gute igihe ufise umwitwarariko? Woba wiha ibikorwa vy’umurengera maze hageze ko ubikora bikagushusha umutwe? Woba ukora cane birenze, nturonke n’umwanya w’ibihambaye kuruta ibindi mu buzima? Mu Bafilipi 4:5 havuga hati: “Ukugira ibitegereka kwanyu kumenyekane.” Niwibuke ko umwana wawe w’umuyabaga yitegereza akarorero utanga, kaba keza canke kabi.

^ par. 6 Muri iki kiganiro, bamwebamwe si ko basanzwe bitwa kubera ko bitashimwe ko bamenyekana.