Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 IKIGANIRO TWAGIRANYE NA | FRÉDÉRIC DUMOULIN

Umushakashatsi asigura icatumye yemera Imana

Umushakashatsi asigura icatumye yemera Imana

Umuhinga yitwa Frédéric Dumoulin aramaze imyaka irenga cumi agira ubushakashatsi mu bijanye n’imiti kuri Kaminuza y’i Gand mu Bubiligi. Yarigeze kuba atemera Imana. Mugabo yahavuye ajijuka ko Imana ari yo yaremye ubuzima, ubu akaba ari Icabona ca Yehova. Ikinyamakuru Be maso! carabajije Frédéric ibijanye n’akazi akora be n’ivyo yemera mu vy’Imana.

Hoba hari uruhara idini ryagize mu buzima bwawe ukiri umwana?

Egome. Mawe yari umugatolika. Ariko igihe nasoma ivyerekeye za ntambara z’amadini (Croisades) be na ya Sentare ya gatolika (Inquisition) yarwanya ivyitwa ngo ni inyigisho z’ivyaduka, narashegeshwe n’idini nca numva ndazinutswe ikintu cose kijanye na ryo. Narasomye n’ivyerekeye amadini atari ay’abakirisu, nsanga na yo nyene nta kigenda. Igihe nari mfise imyaka 14, nabona ko ibibi vyari vyiraye mu madini vyerekana ko Imana itabaho. Aho rero tumariye kwiga ibijanye n’ihindagurika kw’ishure, naciye mbona ko ubuzima bwabayeho biciye kuri iryo hindagurika.

None vyagenze gute ngo ukunde siyansi?

Mfise imyaka indwi, barampaye icuma rugagamisha (microscope), gisigara ari co gikinisho nkunda cane. Mu vyo nihweza nkoresheje ico cuma, harimwo udukoko dutangaje, nk’ibinyugunyugu.

Ni igiki catumye urondera kumenya inkomoko y’ubuzima?

Mfise imyaka 22, narahuye n’umuhinga umwe mu vya siyansi, akaba yari Icabona ca Yehova. Yemera ko Imana ari yo yaremye ubuzima. Emwe, narumiwe. Niyumviriye yuko mu kanya gato noshoboye kumwereka ko ivyo yemera ari ubupfu. Ariko icantangaje ni uko yishuye ibibazo vyanje mu buryo bwumvikana. Naciye nipfuza kumenya vyinshi ku vyerekeye abantu bemera Imana.

Haciye amezi makeyi, narahuye n’ikindi Cabona ca Yehova yari azi cane ivy’ubuvuzi. Ambajije nimba noshima ko ansigurira ivyo yemera, naremeye kubera ko nipfuza kumenya igituma abantu bemera Imana. Nashaka kumuzimurura.

Woba warashoboye kumwereka ko yazimiye?

Noba mbeshe. Naciye ntangura kugira ubushakashatsi ku vyerekeye inyigisho zerekeye inkomoko  y’ubuzima. Naratangaye kubona abahinga bamwebamwe bakomakomeye bavuga ko n’akagingo ngengabuzima gasanzwe kuruta utundi, gahanitse cane ku buryo kadashobora kuba kakomotse kw’isi. Bamwe muri bo biyumvira yuko mwene utwo tugingo ngengabuzima twakomotse ahandi atari ng’aha kw’isi. Hari ukudahuza gukomeye ku bijanye n’inkomoko y’ubuzima.

Hoba none hari ico bahurizako?

Igitangaje ni uko abahinga mu vya siyansi benshi bahuriza ku vy’uko ngo hari ukuntu ihindagurika ryatumye ibintu bidafise ubuzima bivamwo ibifise ubuzima. Naratanguye kwibaza nti: ‘Nimba badahuza ku kuntu ubuzima bwashoboye kubaho ata Muremyi, ni igiki kibemeza ko bwabayeho biciye kw’ihindagurika?’ Naciye rero ntangura kwihweza ico Bibiliya ivuga ku bijanye n’inkomoko y’ubuzima.

Ni ivyiyumviro ibihe washitseko ku bijanye na Bibiliya?

Uko narushiriza kwiga Bibiliya, ni ko narushiriza kujijuka yuko ivuga ukuri. Nk’akarorero, nta gihe kirekire cane kirahaca abahinga mu vya siyansi bubuye ibimenyamenya vyerekana ko isi n’ijuru vyagize intango. Yamara, umurongo wa mbere wo muri Bibiliya, uwumaze imyaka nka 3.500 wanditswe, uvuga uti: “Mu ntango Imana yaremye amajuru n’isi.”1 Nasanze Bibiliya itigera yihenda igihe cose ivuze ibijanye na siyansi.

Nasanze Bibiliya itigera yihenda igihe cose ivuze ibijanye na siyansi

Ubumenyi ufise mu vya siyansi bwoba bwaratumye bikugora kwemera Imana?

Oya. Igihe natangura kwemera Imana, nari maze imyaka itatu niga ivya siyansi kuri kaminuza. Gushika n’uno musi, uko ndushiriza gutohoza ukuntu ibinyabuzima bimeze, ni ko ndushiriza kujijuka yuko hariho Umuremyi.

Woduha akarorero?

Egome. Narize ibijanye n’ukuntu ubumara buva mu binyabuzima (toxine) be n’imiti bigira ico bikoze ku binyabuzima. Ikintu kintangaza cane ni ukuntu ubwonko bwacu bukingirwa utunyabuzima twitwa bagiteri be n’ibindi bintu vyobugirira nabi. Hariho ico twogereranya n’igihome gitandukanya amaraso n’utugingo ngengabuzima tw’ubwonko bwacu.

None igitangaje muri ivyo ni igiki?

Haraheze imyaka irenga ijana abashakashatsi babonye yuko ibintu vyinjiye mu maraso bica bishika ahantu hose mu mubiri, kiretse mu bwonko no mu ruti rw’umugongo. Ivyo birantangaza cane kubera ko hari udutsi tunzwinya twinshi cane dutwara amaraso mu tugingo ngengabuzima twose tugize ubwonko. Utwo tugingo twose turozwa, tukagaburirwa tukongera tukaronswa umwuka wa ogisijeni biciye ku maraso. None bigenda gute ngo amaraso agume atandukanijwe n’utugingo ngengabuzima tw’ubwonko? Ivyo vyamaze imyaka myinshi ari amayobera.

None ico gihome gikora gute?

Udutsi tunzwinya dutwara amaraso ntitumeze nk’uturingoti twa purasitike dutuma ibiri hanze yatwo bitinjira muri two. Utwo dutsi tugizwe n’utugingo ngengabuzima. Nya tugingo turareka imikorobi n’ibindi bintu bikinjira biciye muri two no hagati yatwo. Ariko rero, utugingo ngengabuzima tugize udutsi dutwara amaraso two mu bwonko bwacu twotwo si ukwo tumeze. Turafatanye rwose. Utwo tugingo ngengabuzima hamwe n’ukwo kuntu dufatanye rwose ni igitangaza. Hari ibintu vyinshi bihanitse bituma ibintu bimwebimwe bica mu buryo bucungerewe muri ico gihome gitandukanya amaraso n’ubwonko, nk’umwuka duhema witwa ogisijeni, uwitwa gaze karubonike be n’isukari yitwa glucose. Ariko indemamubiri, utugingo ngengabuzima n’ibindi bintu ntivyemererwa kwinjira. Ubwo buhinga rero burasuzuma uduhimba tunzwinya twitwa molekile tugize umubiri, bugatuma mu mubiri haba ibintu vyinshi bitandukanye bicungera ivyinjira mu bwonko. Jewe mbona ko ubwo buhinga budashobora kuba bwapfuye kwiyadukiza.