BE MASO! Rusama 2014 | Ivyogufasha ngo nturengerwe n’umwitwarariko

Umwitwarariko urashobora kuba ngirakamaro igihe gusa tutaretse ngo uturengere.

Udukuru tw’irya n’ino

Muri utwo dukuru harimwo utwerekeye: akarere kuburwamwo amoko mashasha arenga 100 y’ibinyabuzima buri mwaka, amasaha abana batorenza baraba imboneshakure, n’aho tugeze mw’iterambere ry’amasôko ntanganguvu adatosekaza ibidukikije.

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Ivyogufasha ngo nturengerwe n’umwitwarariko

Impanuro ngirakamaro Bibiliya itanga zirashobora kugufasha mu bintu bine bikunze gutuma abantu barengerwa n’umwitwarariko.

ICOFASHA UMURYANGO

Ingene wokwigisha umwana wawe gukoresha neza Internet

Wofasha gute umwana wawe w’umuyabaga kwifatira ingingo nziza atisunze gusa amategeko wamushingiye?

IKIGANIRO TWAGIRANYE NA

Umuganga yanonosoye ivyo kubaga asigura igituma yemera Imana

Muganga Guillermo Perez yaramaze imyaka myinshi yemera inyigisho y’ihindagurika, ariko ubu yarajijutse ko umubiri wacu waremwe n’Imana. Ni igiki catumye ahindura ivyiyumviro?

Uruhigi rw’abapfumu i Buraya

Ikiringo kibabaje kandi c’ubwoba burenze urugero caranzwe n’igitabu “kibi . . . kandi cakweze akarambaraye gusumba ibindi vyose vyanditswe kw’isi.”

TWISUNZE BIBILIYA

Ukuzirikana

Hari uburyo butandukanye bwo kuzirikana.

Ubukerebutsi buriko burasemerera—Woba ubwumva?

Ubukerebutsi nyakuri buzotorera umuti ingorane z’abantu.

Ibindi usanga kuri internet

Nitaho ibintu ukungana iki?

Abakiri bato bamwebamwe barahabwa umwidegemvyo mwinshi kuruta abandi. Ni igiki gituma ibintu bigenda gutyo?

Abavyeyi bawe boba bahukanye?

Wokwikuramwo gute umubabaro, ishavu n’inzika?

Ivyo abakiri bato bavuga ku bijanye n’ukuntu umuntu angana ku mubiri

Ni kubera iki bishobora kubera urugamba abakiri bato kuguma babona neza ukuntu baboneka? Ni igiki cofasha?