Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 VYOBA VYARIYADUKIJE?

Ukuguru kw’ifarasi

Ukuguru kw’ifarasi

IFARASI irashobora kwiruka ku muvuduko w’ibilometero 50 kw’isaha. Naho bisaba ko ikoresha cane ingingo z’umubiri wayo, nta nguvu nyinshi rwose irinda gukoresha. None ivyo ibishobora gute? Akabanga kari mu maguru yayo.

Raba ingene bigenda igihe ifarasi iriko iriruka cane. Iyo ukuguru gushitse hasi, imitsi n’imirya vyayo bikweguka bica bironka inguvu zituma ifarasi igira intege zo kugenda. Ni nka kurya nyene bigenda iyo utunye irasoro ugaca uyirekura.

Vyongeye, igihe ifarasi iriko iriruka cane, amaguru yayo arajugumira rwose ku buryo imirya yayo ishobora kugira ingorane. Ariko imitsi yo mu maguru ica icuvya ukwo kujugumira. Abashakashatsi bavuga ko ukwo kuntu “imitsi n’imirya bikora, birimwo ubuhinga bukomeye cane” butuma ifarasi igira inguvu ikongera ikabanguka.

Abahinga bariko bararaba ukuntu bokwigana ubuhinga buri mu maguru y’ifarasi kugira bahingure imashini zitwa robo zigendera ku maguru ane. Ariko rero, ikigo kimwe c’ivy’ubuhinga bwa none c’i Massachusetts kivuga ko ubuhinga buri mu maguru y’ifarasi buhanitse cane, ku buryo bitoroshe kubwigana ukoresheje ibikoresho n’ubumenyi abahinga bafise ubu.

None uvyibazako iki? Ukwo kuntu amaguru y’ifarasi ameze, coba ari ikintu ciyadukije? Canke hariho uwabikoze?