Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Ni ibiki vyotuma uhimbarwa mu buzima?

Ni ibiki vyotuma uhimbarwa mu buzima?

“Nzokwumva ko mpimbawe ninubaka urwanje nkaronka ibibondo.”

“Nzokwumva ko mpimbawe umusi naronse inzu yanje.”

“Nzokwumva ko mpimbawe ninaronka akazi.”

“Nzokwumva ko mpimbawe . . .”

WOBA umaze kwiyumvira gutyo? Igihe washika ku co wipfuza canke ukaronka ikintu wari unyotewe, umunezero wagize wamaze igihe kingana gute? Woba wagiye uragabanuka? Tuvugishije ukuri, gushika ku co wipfuza no kuronka ikintu wari unyotewe birashobora gutuma wumva uhimbawe. Ariko ako gahimbare kenshi usanga kamara umwanya urume rumara. Gushika ku vyo wipfuza no kuronka ibintu ushashaye si vyo vyonyene bituma ugira agahimbare karamba. Cokimwe n’amagara meza, agahimbare nyakuri kava ku bintu bitandukanye.

Abantu turatandukanye. Igituma uhimbarwa si co gituma uwundi ahimbarwa. Vyongeye, turahinduka uko tugenda turakura. Naho ari ukwo, biramaze kwibonekeza yuko hari ibintu bimwebimwe vyama bituma abantu bahimbarwa. Bimwe muri ivyo ni ugushima uko ivyawe vyifashe, ukwirinda agashari, gukunda abandi no kuba umuntu yihangana. Reka turabe igituma.

1. NUSHIME UKO IVYAWE VYIFASHE

Umuntu umwe w’inkerebutsi yihweje cane abantu yavuze ati: “Amahera akingira umuntu.” Mugabo yanditse kandi  ati: “Inkunzi y’ifeza ntizohaga ifeza, eka n’inkunzi y’ubutunzi ntizohaga inyungu. Ivyo na vyo nyene ni ubusa.” (Umusiguzi 5:10; 7:12) None yashaka kuvuga iki? Yashaka kwerekana yuko naho dukeneye amahera kugira tubeho, dukwiye kwirinda umwina kuko ata wupfa ahaze amahera. Uwanditse ayo majambo ni Umwami Salomo wo muri Isirayeli ya kera. Yararondeye agahimbare nyakuri mu kwirundaniriza ubutunzi no mu kwibera mu bihinda. Yanditse ati: “Ikintu cose amaso yanje yasaba sinakiyankira. Sinimye umutima wanje ubwoko na bumwe bw’umunezero.”Umusiguzi 1:13; 2:10.

Salomo yarironkeje ubutunzi bwinshi, arubaka amazu akomakomeye, aratunganya imirima myiza y’amashurwe n’ivyamwa be n’ibidengeri vy’amazi biryoheye ijisho. Yarironkeje n’abasuku batagira uko bangana. Ico yashaka cose yarakironka. None ivyo vyoba vyaratumye ahimbarwa vy’ukuri? Agahimbare vyamuzaniye ntikaramvye. Yavuze ati: “[Nasanze] vyose vyari ubusa . . . nta kintu c’akarusho cariho.” Yarageze naho yumva azinutswe ubuzima! (Umusiguzi 2:11, 17, 18) Salomo yariboneye yuko kubaho wiryohererwa gusa bidatuma ugira agahimbare, ahubwo bituma usigara wumva ko hari ico ubuze mu buzima. *

Ubushakashatsi bwagizwe mu bihe vya none bwoba buhuje n’ivyo Salomo yavuze? Ikiganiro kimwe casohotse mu kinyamakuru kivuga ivy’agahimbare, cavuze yuko “igihe umuntu amaze kuronka ivyankenerwa mu buzima, ubundi butunzi aronka ata kintu kinini bwongereza ku gahimbare afise.” Ubushakashatsi bwarerekanye yuko kurondera gutunga ibintu vyinshi bishobora gutuma umuntu abura umunezero, canecane igihe atitaho imico runtu be n’ivy’Imana.

ICIYUMVIRO CO MURI BIBILIYA COFASHA: “Uburyo bwanyu bwo kubaho ntibubemwo urukundo rw’amahera, mu gihe mubumbwa n’ibintu [mufise].Abaheburayo 13:5.

2. NIWIRINDE AGASHARI

Kazinduzi imwe ivuga ko agashari ari “agashavu umuntu agirira uwundi kuko amusumvya itunga canke ikindi.” Agashari ni nk’umugera. Karashobora kukuganza kagatuma ubura umunezero. None bigenda gute ngo agashari gashinge imizi mu muntu? Twomenya gute ko tugafise? Vyongeye twokirinda gute?

Igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi kivuga yuko kenshi tugirira agashari abantu tubona ko tungana dufatiye kumbure ku myaka, ivyo twaciyemwo canke ubuzima twakuriyemwo. Nk’akarorero, biragoye ko umudandaza agirira agashari umukinyi rurangiranwa w’amasinema. Ariko arashobora kugirira agashari umudandaza mugenziwe.

Tubitangire akarorero k’ivyabaye: Abategetsi bakurubakuru bamwe bo mu nganji y’Ubuperesi ya kera, baragiriye agashari mugenzi wabo yitwa Daniyeli yari akerebutse cane. Ariko ntibagiriye agashari umwami. Ushima baragiriye agashari Daniyeli, barateguye umugambi wo kumwicisha! Ariko yararusimvye. (Daniyeli 6:1-24) Ca gitabu c’inkoranyabumenyi kivuga giti: “Umuntu arakwiye gutahura yuko agashari gatuma twipfuriza inabi uwundi. Ni co gituma muri kahise hari abantu benshi  barondeye kugirira nabi abandi kubera agashari.” *

Agashari karashobora gutuma umuntu ataryohererwa ibintu vyiza abona mu buzima

None ushobora gute kumenya yuko ufise agashari? Niwibaze uti: ‘Igihe uwundi muntu bimugendeye neza, vyoba bindyohera canke birambabaza? Iyo uwo tuvukana, umunyeshure twigana aciye ubwenge, canke uwo dukorana bimunaniye gukora ikintu kanaka, vyoba bimpimbara canke birambabaza?’ Nimba ubabara igihe abandi bibagendeye neza, ukaryoherwa iyo bibagendeye nabi, ushobora kuba ufise agashari. (Itanguriro 26:12-14) Igitabu kimwe kivuga ivy’inyifato y’abantu cavuze giti: “Agashari karashobora gutuma umuntu ataryohererwa ibintu vyiza abona mu buzima, kagatuma kandi adashima ibintu vyinshi aronka mu buzima. . . . Biragoye ko umuntu afise agatima nk’ako yumva ko ahimbawe.”

Turashobora kwirinda agashari mu gutsimbataza ukwicisha bugufi n’ukwifata ruto ata buryarya. Tubigize vyotuma dushima ivyo abandi bashoboye na kamere nziza bafise. Bibiliya iduhanura iti: “[Ntihagire] na kimwe mukora mubitumwe n’agatima k’amahane canke ukwishira imbere, ariko mwiyumvi[re] mwiyoroheje mu muzirikanyi yuko abandi babaruta.”Abafilipi 2:3.

ICIYUMVIRO CO MURI BIBILIYA COFASHA: “Ntiturondere kwishira imbere, tuvyura uguhiganwa, tugiriranira agashari.”Abagalatiya 5:26.

3. NUKUNDE ABANDI

Ikindi gitabu kivuga ivy’inyifato y’abantu kigira giti: “Ukuntu abantu biyumva ku bijanye n’abo bafitaniye imigenderanire biragira ikintu kinini biterereye ku gahimbare bafise mu buzima gusumba akazi bakora, umushahara baronka, ikibano babamwo eka mbere n’amagara.” Tubivuze muri make, kugira ngo abantu bahimbarwe vy’ukuri, barakeneye kugaragaza urukundo no kurugaragarizwa. Umwanditsi umwe wa Bibiliya yavuze ati: “Ntagira urukundo, noba ndi ubusa.”1 Abakorinto 13:2.

Iritararenga ntibaritera ingata. Ni ko biri no mu bijanye no kwiga gukunda abandi. Raba nk’ivyashikiye umwigeme yitwa Vanessa. Se wiwe yari umuntu anywa cane kandi yamufata nabi. Afise imyaka 14, yaromotse aza araka indaro mu mihana. Igihe kimwe ari ahantu hameze nabi, yaratakambiye Imana ngo imufashe. Yahavuye yakirwa n’umuryango wabaho wisunga ingingo ngenderwako yo muri Bibiliya ivuga iti: “Urukundo ruriyumanganya kandi rugira ubuntu.” (1 Abakorinto 13:4) Ivyo bishobora kuba vyabaye inyishu y’isengesho yatuye Imana. Kuba muri uwo muryango be n’ivyo yiga muri Bibiliya vyaratumye uruguma yari afise ku mutima rutangura gukira, ararushiriza no guca ubwenge. Vanessa yavuze ati: “Kw’ishure, naratanguye kuronka amanota meza cane, kare nahora ndonka mabi rwose.”

Vanessa aracafise inkovu ku mutima. Ariko, arahimbawe mu mubano wiwe, akaba afise n’abana babiri b’abakobwa.

 ICIYUMVIRO CO MURI BIBILIYA COFASHA: “Mwambare urukundo, kuko urukundo ari umugozi utagira akanenge wunga ubumwe.”Abakolosayi 3:14.

4. NUBE UMUNTU YIHANGANA

Ni nde muri twebwe atigera agira ingorane mu buzima? Nk’uko Bibiliya ibivuga, hari “igihe co kurira” n’ “igihe co kuboroga.” (Umusiguzi 3:4) Ukwihangana kuradufasha muri ivyo bihe bibabaje, kugatuma tutihebura. Reka dufate akarorero ka Carol na Mildred.

Carol arwaye indwara y’uruti rw’umugongo n’igisukari. Vyongeye, arafise ingorane y’uguhema nabi igihe aba asinziriye, kandi ijisho ryiwe ry’ibubamfu ryarononekaye gushika n’aho rihuma. Ariko rero avuga ati: “Ndagerageza kutamara umwanya munini nihebuye. Birashika nkiyumvira uko ivyanje vyifashe, nkiganyira. Ariko nca ndeka kwiyumvira amaganya yanje, ngashimira Imana ku vyo ngishoboye gukora, na canecane ivyo nshoboye gukorera abandi.”

Mildred na we afise ibirwara vyinshi ushizemwo rumatizime, kanseri yo mw’ibere n’ingwara y’igisukari. Ariko Mildred na we nyene aragerageza kutaguma yiyumvira ingorane afise. Yanditse ati: “Narize gukunda abantu no kuremesha abandi igihe baba barwaye, ivyo bikaba nanje bimfasha. Igihe mba ndiko ndaremesha abandi, nasanze bituma ntiganyira.”

Carol na Mildred bararemesha abandi bigatuma bagira umunezero

Naho abo bagore babiri bitwararika amagara yabo uko bashoboye, si yo baguma biyumvira. Ahubwo ico bitwararika cane ni ukuntu babona ingorane bafise be n’ukuntu bakoresha umwanya wabo. Ivyo biratuma bagira umunezero ata muntu n’umwe ashobora kubaka. Biratuma kandi abandi babakunda cane, bakabera n’akarorero keza ababa bariko baraca mu ngorane.

ICIYUMVIRO CO MURI BIBILIYA COFASHA: “Hahiriwe umuntu aguma yihanganiye ikigeragezo, kuko niyashimwa azoronka rwa rugori rw’ubuzima.”Yakobo 1:12.

Igihe twisunze ubukerebutsi bwo muri Bibiliya, buraba “igiti c’ubuzima ku babucakira, kandi ababugumya ni abo kwitwa abahirwe.” (Imigani 3:13-18) Ushaka kuvyibonera, nugerageze kwisunga ubwo bukerebutsi dusanga muri Bibiliya. Nakare uwandikishije ico gitabu ceranda, uwitwa “Imana ihimbawe,” yipfuza ko nawe uhimbarwa.1 Timoteyo 1:11.

^ par. 11 Iyo nkuru y’ivyo Salomo yavuze iri mu Musiguzi 2:1-11.

^ par. 17 Akarorero kadasanzwe twotanga ni ivyashikiye Yezu Kristu. Muri Mariko 15:10 havuga yuko “agashari ari ko . . . katumye abakuru b’abaherezi” batanga Yezu ngo yicwe.