Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICOFASHA UMURYANGO | UMUBANO

Sobukwe na nyokobukwe

Sobukwe na nyokobukwe

INGORANE

“Igihe twaba dufise ingorane, umukenyezi wanje yaca aja kubiyagira abavyeyi biwe. Se yaca ampamagara akampanura. Ntivyanezera na gato!”—James. *

“Mabukwe arakunda kuvuga ngo ‘Ndakumbuye cane umuhungu wanje!’ Aravuga ukuntu we n’umuhungu wiwe bari bakundanye rwose. Ivyo bituma niyagiriza kubona narubakanye na we kuko bitera mabukwe uwo mubabaro!”—Natasha.

Hoba hari ico mwokora kugira ngo ikibazo kiri hagati yanyu n’abavyeyi banyu ntigihungabanye umubano wanyu?

ICO UKWIYE KUMENYA

Kwubaka bituma havuka umuryango mushasha. Bibiliya ivuga ko iyo umugabo yubatse urwiwe “[asiga] se na nyina akifatanya n’umugore wiwe.” N’umugore yubatse urwiwe ni kwo kw’ukwo. Bibiliya ivuga ko we n’umugabo wiwe baca baba “umubiri umwe.” Baba bagize umuryango mushasha.Matayo 19:5.

Uwo mwubakanye ni we ukwiye gushira imbere. Umuhanuzi mu vy’umubano yitwa John M. Gottman yanditse ati: “Kimwe mu bintu bihambaye uwubatse abwirizwa kwiga ni ugusenyera ku mugozi umwe n’uwo bubakanye.” Yongeyeko ati: “Kugira ngo musenyere ku mugozi umwe, hari aho vyosaba ko mumera nk’abatandukana n’imiryango yanyu. Ukwo ni ko nyene mwobigenza kugira mugarukane ugusenyera ku mugozi umwe igihe kwahungabanye.” *

Hari abavyeyi bigora kubona ko ibintu vyahindutse. Umugabo umwe amaze igihe gito yubatse, avuga ati: “Tutarubakana n’umukenyezi wanje, yama ashira imbere ivyo abavyeyi biwe bipfuza. Tumaze kwubakana, nyina yarabonye ko ari je asigaye yitwararika cane. Ntivyamuguye neza.”

Hari n’abaherutse kurushinga bigora. Umwe James twavuga mu ntango agira ati: “Sobukwe na nyokobukwe ntibameze nk’abagenzi wihitiramwo. Ni nk’aho umuntu yoza akakubwira ati: ‘Ubishaka canke utabishaka, waronse abagenzi babiri bashasha.’ Naho sobukwe na nyokobukwe bogutera ishavu gute, baguma ari umuryango!”

ICO WOKORA

Nimba wewe n’uwo mwubakanye mutabona kumwe ikibazo kijanye n’abavyeyi banyu, nimurabe ingene mwosenyera ku mugozi umwe kugira mugitunganye. Nimukurikize impanuro Bibiliya itanga igira iti: “Rondera amahoro, uyakurikirane.”Zaburi 34:14.

Kugira ngo ubone ingene mwobigenza, reka turabe ibintu bishobora gushika. Turafatira ku mugabo canke ku mugore. Ariko ivyoshikira umwe, vyoshikira n’uwundi, kandi izi mpanuro zobafasha gutunganya ibibazo vyinshi bijanye n’abavyeyi banyu.

Umukenyezi wawe akubwiye ko yoshima ko wogiranira ubucuti bwiza na nyina. Ariko wewe ubona ko nyina ari umuntu agoye.

Gerageza iki kintu: Nuganire ico kibazo n’umukenyezi wawe, witeguriye kugira ivyo uhinduye. Aho kwiyumvira cane ingene ubona nyokobukwe, niwiyumvire ukuntu ubona umukenyezi wawe, uwo wasezeraniye ko uzoguma ukunda. Igihe muyaga, niwiyumvire ikintu kimwe canke bibiri bitomoye wokora kugira ngo ugiranire ubucuti bwiza na nyina, kandi ubikore. Umukenyezi wawe niyabona utwigoro ugira, nta nkeka ko bizotuma arushiriza kukwubaha.—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: 1 Abakorinto 10:24.

Umugabo wawe akubwiye ko abavyeyi bawe ari bo canecane urondera gushimisha.

Gerageza iki kintu: Nubiyage n’umugabo wawe, ugerageze kwishira mu kibanza ciwe. Mu vy’ukuri, gutera iteka abavyeyi bawe nk’uko bibereye, ntibikwiye gutuma umugabo wawe ahagarika umutima. (Imigani 23:22) Ariko rero, hari aho vyokenerwa ko umusubiriza umutima mu nda, ukamwereka mu vyo uvuga no mu vyo ukora yuko ari we ushira imbere mu buzima bwawe. Amaze guhera amazinda, biragoye ko yiyumvira yuko witwararika abavyeyi bawe kuruta uko umwitwararika.—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Abanyefeso 5:33.

Umukenyezi wawe ahanuza abavyeyi biwe aho kuguhanuza.

Gerageza iki kintu: Nuganire n’umugore wawe, mwumvikane ku turimbi mudakwiye kurenga. Nimukore ibitegereka. Nimwibaze muti: ‘Vyoba vyama ari bibi kubwira umuvyeyi ikikuraje ishinga? Ni ryari vyoba bibereye kubimubwira?’ Mumaze kwumvikana ku turimbi tubereye mutorenga, guhanuza abavyeyi ntibikwiye gutera ingorane.—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Abafilipi 4:5.

^ par. 4 Muri iki kiganiro, si ko basanzwe bitwa kubera ko bitashimwe ko bamenyekana.

^ par. 9 Vyakuwe mu gitabu Les couples heureux ont leurs secrets. Les sept lois de la réussite.