Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

TWISUNZE BIBILIYA

Ubugizi bwa nabi

Ubugizi bwa nabi

Ubugizi bwa nabi bwamye buranga ubuzima bw’abantu. Vyoba bizokwama ari ukwo?

Imana ibona gute ubugizi bwa nabi?

ABANTU BABIVUGAKO IKI?

Abantu benshi, harimwo n’abakunda gusenga, babona ko atari bibi gukoresha inguvu igihe dusomborokejwe. Vyongeye, abantu benshi cane babona ko ubugizi bwa nabi bwerekanwa mu masinema no ku mboneshakure ari uburyo bwo kwisamaza ata co butwaye.

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Hafi y’igisagara ca Mossoul mu buraruko bwa Iraki, hariho ibisigarira vy’igisagara cahoze gikomeye cane. Ni igisagara ca Ninewe, icahoze ari umurwa mukuru w’Inganji y’Abashuri. Igihe ico gisagara cari kigikomeye, Bibiliya yaravuze ko Imana ‘yokigize igiharabuga.’ (Zefaniya 2:13) Imana yavuze iti: “Nzokugira akabarore.” Kubera iki? Ninewe cari “igisagara gisesa amaraso.” (Nahumu 1:1; 3:1, 6) Tukaba tuzi ko ‘umuntu asesa amaraso Yehova amwanka urunuka,’ nk’uko muri Zaburi 5:6 habivuga. Ibisigarira vy’igisagara ca Ninewe birerekana ko Imana yashikije ivyo yari yaravuze.

Ubugizi bwa nabi bwatangujwe n’umwansi mukuru w’Imana n’abantu, Shetani wa Mubesheranyi, uwo Yezu Kristu yise “umwicanyi.” (Yohani 8:44) Vyongeye, kubera ko “isi yose iri mu bubasha bw[’uwo] mubisha,” agatima kabi afise karabonekera mu kuntu abantu benshi babona ubugizi bwa nabi, uravye nk’akarorero ingene bakunda cane ubugizi bwa nabi bwerekanwa mu masinema canke ku mboneshakure. (1 Yohani 5:19) Kugira dushimwe n’Imana, dutegerezwa kwanka ubugizi bwa nabi, tugakunda ivyo ikunda. * Vyoba bishoboka?

“Uwo wese akunda ubukazi umutima [wa Yehova] uramwanka koko.” Zaburi 11:5.

Abantu b’inkazi boba bashobora guhinduka?

ABANTU BABIVUGAKO IKI?

Bavuga ko kuba inkazi ari kamere y’umuntu, ngo na yo ikaba idahinduka.

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Ivuga ko dukwiye guheba “uburake, ishavu, ububi, ugutukana, n’amajambo ateye isoni.” Ivuga kandi iti: “Mwambure wa muntu wa kera n’ingeso ziwe, hanyuma mwambare wa muntu mushasha.” (Abakolosayi 3:8-10) Imana yoba idusaba ivyo tudashoboye? Habe na gato. Abantu barashobora guhinduka. * Uti gute?

Intambwe ya mbere ni ukwironsa ubumenyi butagira amakosa bwerekeye Imana. (Abakolosayi 3:10) Umuntu yemera kwiga, igihe amenye kamere z’agahore z’Umuremyi be n’ivyo adusaba, biratuma amukunda akipfuza kumuhimbara.—1 Yohani 5:3.

Intambwe ya kabiri ni uguhitamwo neza abagenzi. Bibiliya ivuga iti: “Ntugiranire ubugenzi n’uwukaza ishavu; kandi ntujane n’umuntu w’ubushangashirwe bwiguburiza, ngo ntuhave umenyēra iminyuro yiwe ugatega koko umutego ubuzima bwawe.”—Imigani 22:24, 25.

Intambwe ya gatatu ni ugutahura neza ibintu. Nutahure neza ko kuba inkazi ari akanenge gakomeye kerekana ko umuntu abuze ukwigumya. Ariko umunyamahoro wewe aba afise inkomezi zo kwigumya. Mu Migani 16:32 havuga hati: “Uwuteba gushavura aruta umunyenkomezi.”

“Mukurikirane ukugiranira amahoro n’abantu bose.”Abaheburayo 12:14.

Ubugizi bwa nabi bwoba buzokwigera buvaho?

ABANTU BABIVUGAKO IKI?

Bavuga ko ubugizi bwa nabi bwamyeho kandi buzokwamaho.

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Ivuga iti: “Hasigaye akanya gatoyi, umubisha ntabe akiriho. . . . Mugabo abatekereza bazokwigabira isi, kandi bazokwinovora amahoro menshi.” (Zaburi 37:10, 11) Kugira ngo Imana ikize abatekereza n’abanyamahoro, izokorera abakunda ubugizi bwa nabi ivyo yakoreye Ninewe ha kera. Ico gihe, ubugizi bwa nabi ntibuzosubira guhungabanya amahoro kw’isi!—Zaburi 72:7.

“Abitonda . . . bazotorana isi.”—Matayo 5:5

Ubu rero ni co gihe co kwiga kuba abanyamahoro kugira dushimwe n’Imana. Muri 2 Petero 3:9 havuga hati: “Yehova . . . yihanganiye mwebwe kuko adashaka yuko hagira n’umwe arandurwa, ahubwo ashaka ko bose bashika ku kwigaya.”

“Inkota zabo bazobwirizwa kuzicuramwo ibirimisho, n’amacumu yabo bayacuremwo imihoro yo gututūra.”—Yesaya 2:4.

^ par. 7 Imana yaremera ko Isirayeli ya kera irwana kugira ikingire imbibe zayo. (2 Ngoma 20:15, 17) Ariko ibintu vyarahindutse kuva aho Imana ihagarikiye isezerano yari yaragiranye na Isirayeli, igashinga ishengero rya gikirisu, rino rikaba ritagira imbibe.

^ par. 11 Uburorero bw’abantu bahindutse urashobora kubusoma mu biganiro bivuga ngo “Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu” bisohorwa mu kinyamakuru Umunara w’Inderetsi.