Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICOFASHA UMURYANGO | UMUBANO

Ivyobafasha kwumira ku ndagano

Ivyobafasha kwumira ku ndagano

INGORANE

Umusi w’ubugeni bwawe, waragize indagano bene umurango babona. Iyo ndagano wagize ni ibanga wiyemeje ryo kugumana n’uwo mwubakanye ubuzima bwawe bwose no gutorera umuti ingorane yose yovyuka.

Ariko rero, uko imyaka yagiye irarengana ingorane mwagiye muragira hagati yanyu zaratumye umubano wanyu ugoyagoya. Woba ugifise umwiyemezo wo kwitwararika umubano wanyu?

ICO UKWIYE KUMENYA

Kwumira ku ndagano z’ukwabirana birarinda umubano, nka kurya inanga igumya ubwato

Indagano wagize si yo ngorane ahubwo ni wo muti. Abantu benshi ntibabona neza indagano z’ukwabirana. Bamwe babona ko ari ikintu kibabuza umwidegemvyo. Aho kwiyumvira gutyo, nubone ko kwumira kuri iyo ndagano birinda umubano, nka kurya inanga igumya ubwato. Umukenyezi yitwa Megan avuga ati: “Kimwe mu vyiza vyo kwumira ku ndagano ni uko igihe ugiraniye ingorane n’uwo mwubakanye, uba uzi yuko ata n’umwe yiyumvira guheba mugenziwe.” * Kuba uzi ko umubano wanyu utageramiwe, mbere n’igihe haba hari ingorane, bituma vyoroha kuzitorera umuti.—Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Birafitaniye isano n’ukudahemuka.”

Muri make: Nimba mufise ingorane mu mubano wanyu, si co gihe co kubona nabi indagano wagize, ahubwo ni co gihe co kuyumirako. Wobigenza gute?

ICO WOKORA

Suzuma ukuntu ubona umubano wanyu. “Kubana akaramata.” Ayo majambo yoba atuma wumva uboshwe canke atuma wumva utekanye? Iyo havyutse ingorane, woba wama uca wiyumvira ivyo gutandukana? Kugira ukomeze umwiyemezo wo kwitwararika umubano wanyu, birahambaye ko ubona yuko umubano wanyu ari uw’ibihe vyose.—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Matayo 19:6.

Suzuma ivyo waciyemwo. Ivyo wabonye ku bavyeyi bawe birashobora kugira ico bikoze ku kuntu ubona indagano y’ukwabirana. Umugore yitwa Lea avuga ati: “Abavyeyi banje bahukanye nkiri muto. Hari igihe nibaza ko vyoba vyaratumye nishiramwo nabi indagano y’ukwabirana.” Gumya umutima, urashobora kwererwa mu mubano wawe. Si ngombwa ngo ukore nk’ivyo abavyeyi bawe bakoze!—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Abagalatiya 6:4, 5.

Suzuma ivyo uvuga. Hagize ico upfa n’uwo mwubakanye, niwirinde kuvuga ikintu cotuma wicuza mu nyuma, nko kuvuga ngo “Nzoguta nigire!” canke ngo “Nzokwironkera uwunyitwararika!” Amajambo nk’ayo atuma utagira akigoro ko kwitwararika umubano wanyu, kandi aho gutorera umuti ingorane, atuma muja mu vyo gutukana. Aho gukoresha amajambo ababaza, urashobora kuvuga uti: “Biraboneka ko twese twashavuye. Twokora iki ngo dutorere umuti iyi ngorane?”—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Imigani 12:18.

Erekana ko witwararika umubano wanyu. Nushire ifoto y’uwo mwubakanye aho ukorera. Nuvuge neza umubano wanyu uri mu bandi. Niwishingire umugambi wo guterefona buri musi uwo mwubakanye igihe uri kure. Mu biyago vyawe, nuze uravuga ngo “twebwe,” canke “twe n’umugore wanje” canke “twe n’umugabo wanje.” Ivyo vyose bizotuma abandi babona ko witwararika cane uwo mwubakanye, binakwibutse ibanga wiyemeje ryo kumwitwararika.

Nurabire ku baroraniwe. Niwigane abubakanye bamaze igihe, bashoboye kuvyifatamwo neza mu ngorane z’umubano. Nubabaze ukuntu babona indagano z’ukwabirana n’ingene vyabafashije. Bibiliya ivuga iti: “Icuma gikarishwa n’icuma. Ni ko n’umuntu akarisha uwundi.” (Imigani 27:17) Ubona gute none urondeye impanuro ku bantu baroraniwe mu mubano wabo?

^ par. 7 Bibiliya iremerera umuntu kwahukana igihe mugenziwe arenze ibigo. Raba ikiganiro kivuga ngo “Twisunze Bibiliya—Kurenga ibigo” kiri muri iki kinyamakuru.