Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Yehova yamwise “umugenzi wanje”

Yehova yamwise “umugenzi wanje”

“Wewe ga Isirayeli, uri umusavyi wanje, wewe ga Yakobo, uwo natoye, uruvyaro rwa Aburahamu umugenzi wanje.”​—YES. 41:8.

INDIRIMBO: 91, 22

1, 2. (a) Tuzi gute ko abantu bashobora kuba abagenzi b’Imana? (b) Ni ibiki twihweza muri iki kiganiro?

KUVA tuvutse gushika dupfuye, ikintu dukenera kuruta ibindi vyose ni urukundo. Abantu barakeneye urukundo kandi bararunyotewe cane, atari gusa rwa rundi ruba hagati y’abadasangiye igitsina. Turipfuza cane kugiranira n’abandi ubugenzi be n’imigenderanire. Ariko rero, urukundo dukeneye kuruta urundi rwose ni urukundo rwa Yehova. Benshi birabagora kwemera ko abantu bashobora kugiranira ubugenzi somambike n’Imana Mushoboravyose kandi ari Impwemu itaboneka iba mw’ijuru. Woba nawe ufise ayo makenga? Eka data!

2 Bibiliya irerekana ko hari abantu badatunganye babaye abagenzi b’Imana. Birabereye ko tuzirikana ku burorero bwabo kuko kugiranira ubugenzi n’Imana ari wo mugambi mwiza kuruta iyindi yose twokwishingira mu buzima. Akarorero kadasanzwe k’umuntu yatsimbataje bene ubwo bugenzi ni Aburahamu. (Soma Yakobo 2:23.) None Aburahamu yashoboye gute kwiyegereza cane Yehova? Ikintu nyamukuru catumye ubwo bugenzi bushoboka ni ukwizera. Nkako, Bibiliya yita Aburahamu “se w’abari n’ukwizera bose.” (Rom. 4:11) Nimuze rero twihweze ukuntu ukwizera kwa Aburahamu kwamufashije kugiranira ubugenzi somambike n’Imana. N’ikindi kandi, vyoba vyiza umwe wese yibajije ati: ‘Noshobora gute kwigana ukwizera kwa Aburahamu maze ngakomeza ubugenzi mfitaniye na Yehova?’

IVYAFASHIJE ABURAHAMU KUBA UMUGENZI WA YEHOVA

3, 4. (a) Ni ikintu ikihe gishobora kuba caragerageje ukwizera kwa Aburahamu kuruta ibindi vyose. (b) Kubera iki Aburahamu yemeye gutanga Izahaki kw’ikimazi?

3 Niwihe ishusho y’umutama ariko araduga ku nkike y’umusozi. Afashe urugendo rutegerezwa kuba rugoye kuruta izindi zose mu buzima bwiwe. Kuba yitereye mu myaka si vyo bituma urwo rugendo ruba urutoroshe. Aburahamu ashobora kuba afise nk’imyaka 125, mugabo aracafise inguvu. [1]Inyuma yiwe hari umusore, afise kumbure imyaka 25. Ni umuhungu wiwe Izahaki, akaba yikoreye inkwi. Aburahamu afise imbugita n’ivyo aza gukoresha mu gucana umuriro. Yehova yamusavye gutanga uwo muhungu wiwe kw’ikimazi!​—Ita. 22:1-8.

4 Aburahamu yariko ashikirwa n’ikintu gishobora kuba caragerageje ukwizera kwiwe kuruta ibindi vyose. Hari abavuga ko Imana yabaye ruburakigongwe mu gusaba ico kintu Aburahamu, abandi bakavuga ko Aburahamu yagamburutse atiyumviriye kandi ata mpuhwe. Ivyo babivuga kubera batagira ukwizera canke ngo batahure ico ari co ukwizera. (1 Kor. 2:14-16) Aburahamu ntiyagamburukiye Imana nk’impumyi. Ahubwo nyabuna, yagamburutse kubera ko yabona. Akoresheje amaso y’ukwizera nyakuri, yarabonye ko Se wiwe wo mw’ijuru Yehova atigera asaba abasavyi biwe b’abizigirwa gukora ikintu kizobagirira nabi ibihe vyose. Aburahamu yari azi yuko aramutse agamburukiye Imana yiwe Yehova, yomuhezagiye be n’umwana wiwe yikundira. None ukwo kwizera kwari gushingiye ku ki? Kwari gushingiye ku vyo yari azi no ku vyo yari yariboneye.

5. Aburahamu ashobora kuba yamenye gute ivyerekeye Yehova, kandi ubwo bumenyi bwamufashije gute?

5 Ivyo yari azi. Naho Aburahamu yari yakuriye i Uri, kikaba cari igisagara c’Abakaludaya cuzuyemwo ugusenga ibigirwamana, yaramenye ivyerekeye Yehova. None yabimenye gute kandi se wiwe Tera yasenga ibigirwamana? (Yos. 24:2) Bibiliya ntivuga neza ukuntu vyagenze, ariko irerekana ko Aburahamu yari uwo mw’iyaruka rigira icenda ry’abakomoka kuri Shemu, umwe mu bahungu ba Nowa yari afise ukwizera gukomeye. Shemu yarabayeho gushika Aburahamu afise nk’imyaka 150. Ntituzi neza ko Shemu ari we yoba yarigishije Aburahamu ivyerekeye Yehova. Ariko rero, ntitwoba twihenze tuvuze ko Shemu yigishije umuryango wiwe ivyo yari azi ku vyerekeye Yehova. Hari ukuntu ubwo bumenyi bwashikiriye Aburahamu maze buramukora ku mutima. Yarakunze iyo Mana yari yaramenye, kandi ubwo bumenyi bwaramufashije gukomeza ukwizera kwiwe.

6, 7. Ivyo Aburahamu yiboneye vyakomeje gute ukwizera kwiwe?

6 Ivyo yari yariboneye. Ni ibiki Aburahamu yiboneye vyatumye arushiriza kwizera Yehova? Mu bisanzwe, ivyo dukora bitangurira mu vyiyumviro. Ivyo Aburahamu yize ku vyerekeye Imana vyatumye agirira akoba “Yehova Imana Musumbavyose, Uwashizeho ijuru n’isi,” yongera aramwubaha bimwe bivuye ku mutima. (Ita. 14:22) Ivyo Bibiliya ivyita “ugutinya Imana” kandi ni ntahara kugira tugiranire na yo ubugenzi somambike. (Heb. 5:7; Zab. 25:14) Ukwo gutinya Imana kwatumye Aburahamu agira ico akoze.

7 Imana yasavye umutama Aburahamu n’umutamakazi wiwe Sara ngo bave i Uri baje mu kindi gihugu. Bobaye mu mahema imisi yose bari basigaje kubaho. Kubera ko Aburahamu yagamburutse, yarahaye Yehova akaryo ko kumuhezagira no kumukingira. Nk’akarorero, Aburahamu yaratinya yuko bari kumutwara umugore wiwe Sara yasa n’irirenga maze na we bakamwica. Naho Aburahamu yari afise imvo yumvikana yo gutinya, ntiyaretse ngo iyo myitwarariko imubuze kugamburukira Yehova. Yehova yarahaserutse incuro nka zingahe maze arakingira Aburahamu na Sara, mbere abigira ku gitangaro. (Ita. 12:10-20; 20:2-7, 10-12, 17, 18) Ivyo bintu Aburahamu yiboneye vyarakomeje ukwizera kwiwe.

8. Ni ibiki vyodufasha gukomeza ubugenzi dufitaniye na Yehova?

8 Twoba dushobora kugiranira ubugenzi na Yehova? Cane nyene! Cokimwe na Aburahamu, turakeneye kwiga ivyerekeye Yehova. Muri iki gihe, ubumenyi be n’ivyabaye bidukomeza turabisanga muri Bibiliya. Aburahamu yari afise agace gatoyi gusa k’ubutunzi bw’ubukerebutsi umukimba buri muri Bibiliya. (Dan. 12:4; Rom. 11:33) Ijambo ry’Imana ryuzuyemwo ubutunzi bushobora gutuma turushiriza kumenya “wa Muhinguzi w’ijuru n’isi,” bukanadufasha kumwubaha no kumukunda. Urwo rukundo n’icubahiro bica bituma tugamburukira Imana. Igihe ivyo tubigize, turibonera ukuntu idukingira ikongera ikaduhezagira, tugaca tugira ico tuhigiye. Igihe dukoreye Yehova n’umutima wacu wose, turashira akanyota, tukaronka amahoro n’umunezero. (Zab. 34:8; Imig. 10:22) Uko turushiriza kwiga ivyerekeye Yehova kandi tukibonera ukuntu aduhezagira, ni ko ubugenzi dufitaniye na we burushiriza gukomera.

INGENE ABURAHAMU YAZIGAMYE UBUGENZI YARI AFITANIYE N’IMANA

9, 10. (a) Hakenerwa iki kugira ubugenzi burushirize gukomera? (b) Ni igiki cerekana yuko Aburahamu yahaye agaciro yongera arakomeza ubugenzi yari afitaniye na Yehova?

9 Ubugenzi burashobora kuba itunga ry’agaciro. (Soma Imigani 17:17.) Ariko rero, ntibumeze nk’ikintu kitagira ubuzima twoshobora kugura maze tukakibika ahantu ku buryo gisigara cuzuye umukungugu. Ubugenzi bumeze nk’ikintu kizima tubwirizwa kwitwararika no kubungabunga kugira kibandanye kubaho. Aburahamu yaritwararitse yongera arazigama ubugenzi yari afitaniye na Yehova. Uti yabigenjeje gute?

10 Aburahamu ntiyigeze abona ko ugutinya Imana be n’ukuyigamburukira yagaragaje muri kahise vyari bihagije. Igihe we n’urugo rwiwe rwarimwo abantu benshi bari ku rugendo baja i Kanani, yabandanije kureka Yehova aramuyobora mu ngingo yafata, zaba izihambaye canke izidahambaye. Umwaka umwe imbere y’uko Izahaki avuka, ico gihe Aburahamu akaba yari afise imyaka 99, Yehova yasavye ko ab’igitsina-gabo bose bo mu rugo rwa Aburahamu bagenyerwa. Aburahamu yoba yarakekeranije kuri iryo tegeko canke ngo arondere ukuntu yokora ibiteye kubiri na ryo? Oya. Yarizigiye Imana maze aragamburuka “kuri uwo musi nyene.”​—Ita. 17:10-14, 23.

11. Ni kubera iki Aburahamu yahagaritse umutima ku vyerekeye Sodomu na Gomora, kandi Yehova yamufashije gute?

11 Kubera ko Aburahamu yama agamburukira Yehova mbere no bintu vyasa n’ibidahambaye, yaratumye ubugenzi yari afitaniye n’Imana buguma bukomeye kandi burabandanya. Ntiyitinya guserurira Yehova akari ku mutima, akamusaba ngo amufashe igihe ahanganye n’ibibazo bihambaye. Nk’akarorero, igihe Aburahamu yamenya ko Imana igira itikize igisagara ca Sodomu n’ica Gomora, yarahagaritswe umutima n’uko abagororotsi bohava bahonerezwa hamwe n’ababisha. Kumbure yari ahagaritswe umutima n’umuhungwabo Loti n’umuryango wiwe baba i Sodomu ico gihe. Aburahamu yarabajije ibibazo yicishije bugufi cane kandi yizigiye Imana, yo “Mucamanza w’isi yose.” Yehova abigiranye ukwihangana, yarigishije Aburamu ko ari umunyembabazi, asoma ibiri mu mutima w’umuntu wese akongera akarondera abagororotsi kugira abazigame, mbere no mu bihe vyo guca urubanza.​—Ita. 18:22-33.

12, 13. (a) Ivyo Aburahamu yari azi be n’ivyo yari yariboneye vyamufashije gute mu nyuma? (b) Ni igiki cerekana ko Aburahamu yari yizigiye Yehova?

12 Ivyo Aburahamu yari azi be n’ivyo yari yariboneye uko vyoba vyarangana kwose, nta gukeka ko vyamufashije kuzigama ubugenzi somambike yari afitaniye na Yehova. Mu nyuma, igihe Aburahamu yashikirwa n’ikigeragezo gikomeye, ni ukuvuga hamwe Yehova yamusaba gutanga umwana wiwe Izahaki kw’ikimazi, yarazirikanye ku vyo yari azi ku bijanye n’ukuntu uwo Mugenzi wiwe wo mw’ijuru ameze vy’ukuri. Nimuze rero dusubire twihweze uwo mugabo w’umwizigirwa igihe yariko araduga ku nkike y’umusozi aja mu gihugu ca Moriya. Yoba yaribaza ko Yehova yohindutse bukwi na bukwi akaba uwutagira impuhwe n’imbabazi? Ivyo Aburahamu ntiyari kuvyubahuka! None tubibwirwa n’iki?

13 Imbere yo gutandukana n’abasuku biwe bari babaherekeje, Aburahamu yavuze ati: “Mwebwe nimusigare ng’aha n’indogobwa, jewe n’uyu muhungu dushaka kugenda gushika hariya gusenga, duheze tugaruke aho muri.” (Ita. 22:5) None Aburahamu yashaka kuvuga iki? Yoba yariko arabesha abasuku biwe, ababwira ko Izahaki aza kugaruka kandi yari azi yuko ategerezwa gutangwako ikimazi? Eka da. Bibiliya iradufasha kurushiriza gutahura ivyo Aburahamu yariko ariyumvira. (Soma Abaheburayo 11:19.) Aburahamu “yabonye yuko Imana yari ishoboye no [kuzura Izahaki] mu bapfuye.” Ego cane, Aburahamu yaremera izuka. Yari azi yuko Yehova yari yaratumye we na Sara basubira kugira ubushobozi bwo kurondoka naho bari bitereye mu myaka. (Heb. 11:11, 12, 18) Aburahamu yaratahura ko ata na kimwe kidashoboka kuri Yehova. Yari yizigiye rero ko icari gushika cose kuri uwo musi utoroshe, umwana wiwe yikundira yari gusubira kuba muzima kugira ivyo Yehova yari yarasezeranye vyose bishobore kuranguka. Ntibitangaje kuba Aburahamu yitwa “se w’abari n’ukwizera bose”!

14. Ni ingorane izihe ugira mu gikorwa urangurira Yehova, kandi akarorero ka Aburahamu kogufasha gute?

14 Tweho bite? Ego ni ko, Imana ntidusaba ikintu nk’ico muri iki gihe. Ariko iradusaba kuyigamburukira mbere n’igihe twoba tubona ko amategeko yayo agoye gukurikiza canke tukaba tudatahura imvo zatumye iyatanga. Hoba hari ikintu Imana igusaba ubona ko kigoye gukora? Hari abobona ko igikorwa co kwamamaza ari co kibagora. Kumbure barafise amasoni, bigatuma batoroherwa no kubwira inkuru nziza abantu batazi. Abandi na bo vyoshobora kubagora gukora ibitandukanye n’ivyo abandi bakora, kumbure kw’ishure canke ku kazi. (Kuv. 23:2; 1 Tes. 2:2) Vyoba bishika ukumva umeze nka Aburahamu, ukamenga uriko uraduga ku nkike y’umusozi uja i Moriya, igihe uhawe igikorwa gisa n’ikikurengeye? Igihe bishitse, nugire ico wigiye kuri Aburahamu n’ukwizera kwiwe! Kuzirikana ku burorero bw’abagabo n’abagore b’abizigirwa birashobora gutuma tubigana maze tukiyegereza Yehova nk’Umugenzi wacu.​—Heb. 12:1, 2.

KUGIRANIRA UBUGENZI NA YEHOVA BITUMA TWIRONKERA IMIHEZAGIRO

15. Kubera iki twokwemera tudakeka ko Aburahamu atigeze yicuza kuba yaragamburukiye Yehova adahemuka?

15 Woba wiyumvira ko Aburahamu yicujije kuba yaragamburukiye Yehova adahemuka? Raba ukuntu Bibiliya idondora ingene yarangije ubuzima bwiwe. Igira iti: “Aburahamu aracikana, apfa yisaziye neza, ashaje kandi aheze akanyota.” (Ita. 25:8) Igihe Aburahamu yari afise imyaka 175, inguvu ziwe zahavuye zihera, mugabo yarashobora gutereza amaso inyuma akibonera ukuntu yagize ubuzima buhimbaye. Yagumye ashingiye ubuzima bwiwe ku bugenzi yari afitaniye na Yehova Imana. Ariko rero, igihe dusomye ko Aburahamu yapfuye “ashaje kandi aheze akanyota,” ntidukwiye guca tuvuga yuko yari yarahimvye ubuzima ku buryo atari acipfuza kubaho muri kazoza.

16. Ni ibintu biteye umunezero ibihe Aburahamu azomenya mw’Iparadizo?

16 Bibiliya ivuga ko Aburahamu “yari arorereye ca gisagara gifise imishinge nyayo, umwubatsi n’umuhinguzi w’ico gisagara akaba ari Imana.” (Heb. 11:10) Aburahamu yaremera ko umusi uri izina yobonye ico gisagara, ni ukuvuga Ubwami bw’Imana buganza iyi si, kandi azobibona! Woba ushobora kwiyumvira ukuntu Aburahamu azohimbarwa no kwibera mw’Iparadizo yo kw’isi maze akabandanya gukomeza ubugenzi yari afitaniye na Yehova? Ese ukuntu azokorwa ku mutima no kumenya yuko akarorero kiwe k’ukwizera kafashije abasavyi ba Yehova mu myaka ibihumbi yahaciye apfuye! Mw’Iparadizo azonamenya yuko kuba yarasubijwe Izahaki cari “ikigereranyo” c’ikintu gihambaye kuruta. (Heb. 11:19) Vyongeye, azomenya ko umubabaro yagize ariko aritegurira gutanga umwana wiwe Izahaki kw’ikimazi wafashije abantu amamiliyoni b’abizigirwa kwiyumvira umubabaro Yehova ubwiwe yagize igihe yatanga Umwana wiwe Yezu Kristu ngo abe incungu. (Yoh. 3:16) Akarorero ka Aburahamu karadufasha twese kurushiriza gukenguruka iyo ncungu, akaba ari ikintu kiranga urukundo kuruta ibindi vyose vyakozwe kuva isi yakabaho!

17. Wiyemeje iki, kandi ni ibiki tuzokwihweza mu kiganiro gikurikira?

17 Ese twese twokwiyemeza kwigana ukwizera kwa Aburahamu! Cokimwe na we, turakeneye kugira ubumenyi no kwihweza ivyo Yehova adukorera. Nitwabandanya kwiga ivyerekeye Yehova maze tukamugamburukira, tuzokwibonera ukuntu aduhezagira akongera akadukingira. (Soma Abaheburayo 6:10-12.) Ese Yehova yoba Umugenzi wacu ibihe bidahera! Mu kiganiro gikurikira, tuzokwihweza ubundi burorero butatu bw’abantu b’abizigirwa babaye abagenzi somambike b’Imana.

^ [1] (ingingo ya 3) Mu ntango uwo mugabo yitwa Aburamu, umugore wiwe akitwa Sarayi. Mugabo muri iki kiganiro tubavuga mu mazina Yehova yabise mu nyuma, ari yo Aburahamu na Sara.