Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IBIGANIRO BIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | INGABIRE IRUTA ZOSE NI IYIHE?

Womenya gute ingabire iruta izindi?

Womenya gute ingabire iruta izindi?

Kuronka ingabire twovuga ko iruta izindi woha umuntu, si icoroshe. Nakare, ingabire iba iy’agaciro bivanye n’uwuyihawe. Vyongeye, ico umwe abona ko ari ciza cane, uwundi yoshobora kukibona mu bundi buryo.

Nk’akarorero, umuyabaga yoshobora kubona ko telefone igezweho ari yo ngabire nziza kuruta izindi zose. Umuntu akuze wewe yoshobora kubishima cane aronse ingabire y’ikintu kimwibutsa vyinshi, nk’ico yarazwe na ba sekuru. Mu mihingo myinshi, ingabire abato n’abakuze bose bashima ni amahera, kuko uwuyahawe ashobora kuyakoresha ico yipfuza.

Naho ari urugamba, abantu benshi barabandanya guteka umutwe barondera ingabire yoshimisha umuntu biyumvamwo. Ego ni ko ntivyama bishoboka ko baronka mwene iyo ngabire. Ariko kugumiza ku muzirikanyi ibintu bimwebimwe, birashobora gutuma barushiriza kuroranirwa. Reka turimbure bine muri vyo, vyotuma nyene guhabwa ingabire ayikenguruka.

Ivyo asanzwe yipfuza. Umugabo umwe w’i Belfast mu buraruko bwa Irlande yavuze ko agakinga yaronse afise imyaka 10 canke 11, ari yo ngabire iruta izindi yigeze kuronka. Uti kubera iki? Yavuze ati: “Kubera naryipfuza cane.” Ayo majambo arerekana ko ivyo umuntu yipfuza bigira uruhara runini mu gutuma ashima ingabire canke ntayishime. Nuzirikane rero uwo ushaka guha ingabire. Nugerageze kumenya ivyo aha agaciro, kuko ari vyo bituma agira ivyipfuzo kanaka. Nk’akarorero, abavyeyi bitereye mu myaka baraha agaciro umwanya bamarana n’abagize umuryango. Boshobora kuba bipfuza kubona abana n’abuzukuru babo kenshi gashoboka. Gufata ikiruhuko n’umuryango ugaca wifatanya n’abo bavyeyi bageze mu za bukuru, vyoshobora kubashimisha kuruta iyindi ngabire yose wobaha.

Kugira umenye ivyo umuntu yipfuza, bisaba ko umutega yompi. Bibiliya ihanura umwe wese muri twebwe ngo “atebuke kwumva, atebe kuvuga.” (Yakobo 1:19) Mu biyago vya misi yose ugirana n’incuti canke abagenzi, niwumvirize neza ivyogufasha kumenya ivyo bakunda n’ivyo banka. Bizoca rero bituma ushobora kubaha ingabire ibanezereza.

Ivyo asanzwe akeneye. Umuntu yoshobora guha agaciro mbere n’ingabire isanzwe cane aronse, igihe ihuje n’ico yari akeneye. Ariko none womenya gute ivyo uwundi muntu yoba akeneye?

Uburyo bworoshe ni ukubaza nya muntu. Ariko rero, abatanga ingabire benshi babona ko ivyo bibagabaniriza umunezero wo gutanga, kuko bashima guha umuntu akantu keza atavyiteze. Vyongeye, naho hari aboroherwa no kuvuga ivyo bakunda be n’ivyo banka, akenshi ivyo bakeneye usanga babigira ibanga.

Nube rero umuntu azi kwitegereza maze ufatire ku kungene ivy’uwo muntu vyifashe: Yoba ari uwukiri muto, uwukuze, uwutarubaka urwiwe, uwubatse, uwahukanye, uwapfakaye, uwufise akazi canke uwakukurutse? Nuce rero uzirikana ku ngabire yohuza n’ico nya muntu akeneye.

Kugira ngo utahure ivyo uwo ushaka guha ingabire akeneye, nubaze abandi baciye mu bisa n’ivyo ariko aracamwo. Boshobora kukubwira ibikenewe abandi benshi batazi. Amakuru bakuronsa yoshobora gutuma utanga ingabire ihuje n’ivyo akeneye abandi batokwiyumvira.

Igihe uyitangiye. Bibiliya ivuga iti: “Ijambo rije ku gihe caryo, ewe kuntu ari ryiza!” (Imigani 15:23) Ivyanditswe birerekana ko igihe tuvugiyeko amajambo gishobora gutuma ibintu bigenda neza. N’ivyo dukora, ni co kimwe. Kurya nyene amajambo avuzwe ku gihe kibereye ashobora guhimbara uwuyumva ni na ko ingabire itanzwe ku gihe kibereye ishobora gutuma uwuyironse anezerwa cane.

Hoba hari umugenzi yimirije kurushinga, uwukiri muto yimirije kuronka urupapuro rw’umutsindo canke abubatse biteze ikibondo? Ivyo ni bimwe mu bihe vyinshi woshobora gutanga ingabire. Hari abasanze bibafasha bagize urutonde rw’ibihe nk’ivyo bizoba mu mwaka ukurikira. Baca rero bategura imbere y’igihe ingabire yohuza n’igihe kimwekimwe. *

Ego ni ko, ntukwiye gutanga ingabire mu bihe bidasanzwe gusa. Igihe cose, urashobora kwironkera umunezero uva ku gutanga. Ariko rero, urakwiye kwiyubara. Nk’akarorero, umusore ahaye ingabire umwigeme kandi ata mvo iboneka ihari, nya mwigeme yoshobora guca abona ko yipfuza kumuresha. Hamwe bitoba ari ivyo canke ngo bigirwe mu buryo bubereye, iyo ngabire yoshobora gutuma batahurana ukutari kwo canke ikavyura uruhagarara. Ivyo bica bituma dukenera kurimbura ikindi kintu gihambaye, ni ukuvuga imvo utangana.

Imvo uyitanganye. Nk’uko ako karorero kavyerekana, ni vyiza kuraba ko uwo ushaka guha ingabire atazotahura ukutari kwo imvo yatumye uyimuha. Ariko kandi, vyoba vyiza nyene gutanga ubwiwe asuzumye imvo zituma atanga. Naho abantu batari bake boshima gutangana imvo nziza, benshi usanga batanga ingabire mu bihe bimwebimwe vy’umwaka kubera babona ko babwirizwa kubigira. Abandi usanga batanga biteze ko na bo baca basubirizwa mu ndumane.

Wokora iki none ngo ingabire yawe uyitangane imvo nziza? Bibiliya ivuga iti: “Ivyanyu vyose nibibe mu rukundo.” (1 Abakorinto 16:14) Niwatanga kubera ukunda kandi witwararika abo uha, birashoboka ko ingabire zawe bazozakirana akamwemwe, maze nawe wironkere umunezero mwinshi uva ku gutanga cane. Igihe utanga ubikuye ku mutima, uratuma na Data wa twese wo mw’ijuru anezerwa. Intumwa Paulo yarakeje abakirisu b’i Korinto ha kera igihe bashigikira cane kandi banezerewe igikorwa co gutabara abakirisu bagenzi babo b’i Yudaya. Yavuze ati: “Imana ikunda uwutangana akamwemwe.”​—2 Abakorinto 9:7.

Niwitwararika ivyo bintu turimbuye bizogufasha cane gutanga ingabire zituma abandi bahimbarwa. Ivyo bintu hamwe n’ibindi vyaragize uruhara rukomeye mu ntunganyo Imana yashizeho kugira ngo abantu bironkere ingabire ruheta. Turagusavye urimbure iyo ngabire iyo ari yo mu gusoma ikiganiro gikurikira.

^ ing. 13 Abantu benshi baranatanga ingabire ku misi yo kwibuka ivuka canke iyindi misi mikuru. Ariko rero ivyo biringo usanga kenshi birangwa n’imigirwa itandukanye n’ivyo Bibiliya yigisha. Raba muri iki kinyamakuru ikiganiro kivuga ngo “Ibibazo vy’abasomyi​—Noweli yoba ibereye ku bakirisu?