Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Burnett, Simone, Eston na Caleb

Baritanze babikunze​—Muri Oseyaniya

Baritanze babikunze​—Muri Oseyaniya

RENEÉ ni mushiki wacu ageze mu myaka 35, akaba yakuriye muri Ostraliya mu muryango w’Ivyabona b’abanyamwete. Avuga ati: “Twarimutse incuro nyinshi tuja gukorera aho abamamaji b’Ubwami bakenewe kuruta. Emwe, dawe na mawe baratuma ubuzima buba ubuhimbaye! Igihe nari maze kwibaruka abana babiri, nashaka ko bagira ubuzima nk’ubwo.”

Umugabo wa Reneé ari we Shane, ni umuvukanyi ari mu gushikana imyaka 40. Na we nyene yari afise imigambi yo mu vy’impwemu nk’iyo. Avuga ati: “Umwana wacu agira kabiri amaze kuvuka, twarasomye mu Munara w’Inderetsi ibijanye n’umuryango w’Ivyabona wari waragiye mu bumanuko bushira uburengero bwa Pasifike ukoresheje ubwato bwabo, kugira bamamaze mu mazinga ya Tonga. * Ico kiganiro catumye twandikira ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova vyo muri Ostraliya no muri Nouvelle-Zélande kugira tubaze ahari hakenewe abamamaji b’Ubwami kuruta. * Igihe batwishura, badusavye ngo twimukire mu mazinga ya Tonga, ka karere nyene twari twarasomye mu Munara!”

Jacob, Reneé, Skye, na Shane

Igihe Shane na Reneé hamwe n’abana babo Jacob na Skye bari bamaze nk’umwaka umwe mu mazinga ya Tonga, imigumuko yaza iraba yaratumye biba ngombwa ko basubira muri Ostraliya. Ariko rero, bagumije ku muzirikanyi umugambi wabo wo kwagura umurimo. Mu 2011, baciye bimukira mu Kazinga ka Norfolk kari muri Pasifike, nko ku bilometero 1.500 mu buseruko bwa Ostraliya. None havuyemwo iki? Ubu Jacob afise imyaka 14, akaba avuga ati: “Yehova ntiyatwitwararitse gusa ariko kandi yaratumye igikorwa cacu kiryoha!”

BARIHATIYE KWAMAMAZA UKO BAGIZE UMURYANGO

Cokimwe na Shane be na Reneé hamwe n’abana babo, hariho iyindi miryango myinshi y’Ivyabona bitanze babikunze kugira baje gukorera ahakenewe abamamaji kuruta. None ni igiki catumye bimukirayo?

“Abantu benshi barashimishijwe n’inkuru nziza. Twashaka kubaronsa akaryo ko kugirirwa inyigisho ya Bibiliya idahorereza.”​—Burnett

Burnett na Simone ni abubakanye bageze mu myaka 35. Bari kumwe n’abahungu babo Eston w’imyaka 12 na Caleb w’imyaka 9 barimukiye i Burketown, agasagara kari ukwa konyene i Queensland muri Ostraliya. Burnett asigura ati: “Ivyabona baza baraja kuhamamaza uko haciye imyaka itatu canke ine gusa. Abantu benshi barashimishijwe n’inkuru nziza. Twashaka kubaronsa akaryo ko kugirirwa inyigisho ya Bibiliya idahorereza.”

Jim, Jack, Mark, na Karen

Mark na Karen ubu bageze mu myaka 50. Barakoreye mu mashengero menshi yo hafi y’i Sydney muri Ostraliya, imbere y’uko bo n’abana babo batatu Jessica, Jim na Jack bimukira i Nhulunbuy, akarere karimwo ubutare mu Ntara yo mu Buraruko. Mark avuga ati: “Ndakunda abantu, nkaba nashaka rero kuba ahantu hari vyinshi vyo gukora mw’ishengero no mu ndimiro.” Karen wewe yaratinya kwimuka. Avuga ati: “Ariko aho Mark be n’abandi bamariye kundemesha, naciye nipfuza kugerageza ngo ndabe. Ubu ndahimbawe no kubona naragerageje!”

Benjamin, Jade, Bria, na Carolyn

Mu 2011, Benjamin na Carolyn be n’udukobwa twabo tubiri tutaratangura ishure Jade na Bria, baravuye i Queensland muri Ostraliya bagaruka i Timor-Leste, agahugu ko mw’izinga rya Timor riri mu mugwi w’amazinga ya Endoneziya. Ben avuga ati: “Twe na Carolyn twari twarakoreye i Timor-Leste turi abatsimvyi badasanzwe. Kwamamaza vyari biteye akoba, ariko abavukanyi baradufata mu mugongo rwose. Kuvayo vyaratubabaje cane. Twari twiyemeje kuzosubirayo. Igihe abana bacu bavuka, twabaye turahagaritse imigambi yacu ariko ntitwayihinduye.” Carolyn yongerako ati: “Twashaka ko abana bacu babaho bakikujwe n’abamisiyonari, Abanyabeteli n’abatsimvyi badasanzwe maze bakaba abantu baciye uruma mu vy’impwemu uko bishoboka kwose.”

BARITEGURIYE KWIMUKA

Yezu yabwiye abayoboke biwe ati: “Ni nde muri mwebwe ashaka kwubaka umunara atabanza kwicara agaharura ivyosohoka?” (Luka 14:28) Muri ubwo buryo nyene, igihe umuryango wipfuza kwimukira mu kandi karere, birahambaye cane ko utegekanya ibintu neza. None ni ibiki wokenera kurimbura?

IVY’IMPWEMU: Ben avuga ati: “Twashaka gukorera abandi aho kubabera umuzigo. Ku bw’ivyo, imbere y’uko twimuka twabanje kwihatira kwikomeza mu vy’impwemu. Twararushirije kandi kugira uruhara mu ndimiro no mu bindi bikorwa vy’ishengero.”

Umwe Jacob twamara kuvuga, yigana ati: “Imbere yo kwimukira mu kazinga ka Norfolk, twarasomye inkuru z’ubuzima nyinshi mu Munara w’Inderetsi no muri Be maso! zerekeye imiryango yakoreye aho bikenewe kuruta. Twaraganira ku bijanye n’ingorane bagize be n’ukuntu Yehova yabitwararitse.” Mushikiwe Skye w’imyaka 11, yongerako ati: “Narasenze kenshi, ndi jenyene canke ndi kumwe na dawe na mawe!”

UKUNTU MWIYUMVA: Reneé yigana ati: “Kubera ko twaba hafi y’incuti be n’abagenzi somambike mu karere nakunda cane, vyari kworoha ko nigumirayo. Ariko aho kuguma niyumvira ivyo nari ngiye guheba, nazirikanye ukuntu kwimuka vyari gufasha umuryango wanje.”

IMICO: Imiryango myinshi iragira ubushakashatsi kugira yitegurire akarere igomba kwimukiramwo. Mark avuga ati: “Twarasomye amakuru menshi ashoboka ajanye n’igisagara ca Nhulunbuy. Abavukanyi bahaba baraturungikiye n’umutima mwiza ibinyamakuru vyaho, bikaba vyaradufashije gutahura abantu baho n’imico yabo.”

Umwe Shane yimukiye mu kazinga ka Norfolk, yongerako ati: “Ikiruta vyose, narihatiye kugaragaza kamere za gikirisu. Nari nzi ko ata na hamwe ntari gushobora kuba ndamutse mbaye imvugakuri, uwitonda, inzirabugunge n’umunyamwete.”

INGENE BATORERA UMUTI INGORANE

Abimukiye aho bikenewe kuruta bakaroranirwa barerekana igituma bihambaye guhuza n’uko ibintu vyifashe no kubona ibintu mu buryo bwiza igihe ushikiwe n’ibintu utari witeze. Rimbura uburorero bumwebumwe:

Reneé yigana ati: “Narize kwisunga uburyo butandukanye bwo gukora ibintu. Nk’akarorero, igihe ibiyaga biba vyasebuye muri ka kazinga ka Norfolk, amato y’ibidandazwa ntashobora gushika ku kivuko, bikaba bishobora gutuma ibintu bikena kandi bikazimba. Igihe rero ntegura ibifungurwa, narize kudasesagura.” Umugabo wiwe Shane, yongerako ati: “Duca tugabanya amahera dusohora kugira tugume dukoresha ya yandi nyene buri ndwi.”

Umuhungu wabo Jacob aravuga iyindi ngorane, ati: “Ishengero ryacu rishasha ryari rigizwe n’abantu indwi gusa, kandi bose bari bakuze. Ku bw’ivyo, nta mugenzi tungana nari mfise! Ariko igihe naba ndiko ndakorana mu ndimiro n’abantu banduta, ntitwateba kuba abagenzi.”

Jim, ubu akaba afise imyaka 21, yaragize ingorane isa n’iyo. Avuga ati: “Ishengero riri hafi cane ya Nhulunbuy riri ku bilometero birenga 725. Ku bw’ivyo, turakoresha neza ibiringo vy’amateraniro n’amahwaniro. Dushika hakiri kare maze tugahimbarwa no kwifatanya n’abavukanyi hamwe na bashiki bacu. Tubona ko ivyo biringo ari intibagirwa mu mwaka!”

“NDAHIMBAWE RWOSE KUBONA TWARAJE HANO!”

Bibiliya ivuga iti: “Umuhezagiro wa Yehova, emwe, uwo ni wo utungisha.” (Imig. 10:22) Hirya no hino kw’isi, benshi mu bakorera aho bikenewe kuruta bariboneye ukuntu ayo majambo yahumetswe ari ay’ukuri.

Mark avuga ati: “Umuhezagiro uhambaye kuruta iyindi yose ni ukuntu ukwimuka kwacu kwafashije abana bacu. Abakuze barajijutse baherejeko yuko Yehova yitwararika abashira imbere ivyungura Ubwami. Ukwo kujijuka ntawushobora kukugura amahera.”

Shane avuga ati: “Nararushirije kwiyegereza umukenyezi wanje n’abana banje. Iyo numvise bariko barigana ivyo Yehova yabakoreye, ndahimbarwa vy’ukuri.” Ivyo umuhungu wiwe Jacob aravyemeza. Avuga ati: “Nararyimaze basi! Emwe, ndahimbawe rwose kubona twaraje hano!”

^ ing. 3 Raba ikiganiro kivuga ngo “Abakunzi b’Imana mu ‘mazinga akundana,’” mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Kigarama 2004, rup. 8-11.

^ ing. 3 Mu 2012, ibiro vy’ishami vyo muri Ostraliya n’ivyo muri Nouvelle-Zélande vyarashizwe hamwe bicika ishami rya Australasie.