Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU Y’UBUZIMA

Gukora ivyo Yehova adusaba biravamwo imihezagiro

Gukora ivyo Yehova adusaba biravamwo imihezagiro

“Tuzobikora!” Ukwo ni ko twe n’umugabo wanje, musazanje be n’umugore wiwe twishuye akamo twatewe ko kuja ku gikorwa. Kubera iki twavyemeye, kandi Yehova yaduhezagiye gute? Reka mbanze ndabacire ku mayange kahise kanje.

NAVUTSE mu 1923, mvukira i Hemsworth mu gisagara co mu Bwongereza citwa Yorkshire. Musazanje mukuru yitwa Bob. Dawe yaranka cane uburyarya bw’amadini. Mfise imyaka icenda, yararonse ibitabu vyashira ahabona uburyarya bw’idini ry’ikinyoma. Yarakozwe ku mutima cane n’ivyo yasomye muri ivyo bitabu. Haciye imyaka mikeya, hari umuvukanyi yitwa Bob Atkinson yatugendeye aratwumvisha insiguro y’umuvukanyi Rutherford, akoresheje ifono. Twaciye tubona ko ayo majwi yatunganijwe n’abasohoye vya bitabu. Abavyeyi banje baciye basaba uwo muvukanyi ko imisi yose mw’ijoro yoza araza gufungura iwacu, akaza aratwishura ibibazo vyinshi twari dufise. Na we yaradutumiye ku makoraniro yabera ku bilometero bikeya, mu nzu y’umuvukanyi. Twaciye tujayo, kandi bidatevye i Hemsworth harabonetse ishengero ritoya. Twahavuye tuza turaha indaro abasuku ba zone (ubu bitwa abacungezi b’imizunguruko), tugatumira n’abatsimvyi bakorera mu micungararo kugira ngo dusangire ibifungurwa. Kwifatanya na bo vyarambereye ngirakamaro cane.

Ico gihe twari twaratanguje urudandaza. Ariko dawe yabwiye musazanje ati: “Niwipfuza kuja gukora ubutsimvyi, tuzoca turuhagarika.” Musazanje yaravyemeye, kandi akwije imyaka 21 yaciye yigira gukora ubutsimvyi. Haciye imyaka ibiri, nanje narabaye umutsimvyi, mfise imyaka 16. Kiretse mu mpera z’imishamvu, akenshi narikorana, nkaba nakoresha ifono be n’agakarata ko gushinga intahe. Yehova yarampezagiye ndaronka inyigisho ya Bibiliya itera imbere. No mu muryango wiwe, abenshi bahavuye bakira ukuri. Mu mwaka wakurikiye, naciye mba umutsimvyi adasanzwe, hamwe na Mary Henshall. Twarungitswe mu karere katakorerwamwo, mu ntara ya Cheshire.

Ico gihe Intambara ya kabiri y’isi yose yari ishushe, kandi n’abagore barategekwa kuyishigikira. Kubera ko abigisha bo mu yandi madini bemererwa kutaja mu ntambara, twari twiteze ko na twebwe abatsimvyi badasanzwe duhabwa ubwo burenganzira. Ariko sentare yaravyanse, nca ncirwa gupfungwa imisi 31. Mu mwaka wakurikiye, nkwije imyaka 19, nararengukijwe imbere ya sentare izindi ncuro zibiri, nzira ko nanse gushigikira intambara kubera ijwi ryanje ryo mu mutima. Ariko sentare yaranyambitse izera. Muri ivyo bintu vyose naciyemwo, narabona ko impwemu nyeranda yari kumwe nanje be n’uko Yehova yari amfashe ukuboko kugira anshigikire yongere ankomeze.​—Yes. 41:10, 13.

NIRONKERA UMUGENZI

Namenyanye na Arthur Matthews mu 1946. Arthur yari yarapfunzwe amezi atatu azira ko yanse kuja mu gisoda. Asohotse yaciye aja kwa mwenewabo Dennis, yari umutsimvyi adasanzwe i Hemsworth. Se wabo yabigishije ivyerekeye Yehova kuva mu bwana, maze babatizwa bageze mu buyabaga. Bidatevye, Dennis yaciye arungikwa gukorera muri Irlande, Arthur aca asigira ari wenyene. Arthur yari umutsimvyi akora cane kandi yigenza neza. Ivyo vyarakoze ku mutima abavyeyi banje baca bamusaba ko yoza kuba iwacu. Ngiye kuramutsa abavyeyi, twe na Arthur twarafashanya kwoza ivyombo duhejeje gufungura. Mu nyuma twaza turandikirana udukete. Mu 1948, Arthur yarasubiye gupfungwa amezi atatu. Muri Nzero 1949, twarubakanye, tukaba twari dufise ihangiro ryo kuguma mu murimo w’igihe cose. Twaririnda gusesagura, kandi igihe twaba turi mw’ikonji twaraja gufasha abantu kwimbura ivyamwa bakaduha amahera. Yehova yaraduhezagiye, tubona kubandanya ubutsimvyi.

I Hemsworth, inyuma y’ubugeni bwacu mu 1949

Haciye umwaka urenga, twarasabwe kuja gukorera muri Irlande ya Ruguru. Twatanguriye mu gisagara ca Armagh, mu nyuma tuja i Newry, ivyo bisagara vyompi bikaba vyari vyiganziwe n’abagatolika. Kubera ko icuka kitari ciza, twariyubara cane mu kuyagisha abantu. Amakoraniro yabera mu nzu y’umuvukanyi, ku bilometero 16 uvuye iwacu. Yitabwa n’abantu nk’umunani. Bishitse tukararayo, twarara kw’isima. Mu gitondo twarafata ibifungurwa bikwiye. Birahimbaye kubona muri ako karere ubu hari Ivyabona benshi cane.

“TUZOBIKORA!”

Musazanje be n’umugore wiwe Lottie, bari abatsimvyi badasanzwe muri Irlande ya Ruguru. Mu 1952, twe n’umugabo wanje hamwe na bo twaritavye ihwaniro ry’intara ryabereye i Belfast. Hari umuvukanyi yaduhaye indaro twese uko turi bane, be n’uwundi muvukanyi yitwa Pryce Hughes, yari ahagarikiye ishami ryo mu Bwongereza ico gihe. Umusi umwe ku mugoroba twaraganiriye ibijanye n’agatabu Inzira y’Imana ni urukundo kari kasohotse, kakaba kari kateguriwe canecane abantu bo muri Irlande. Umuvukanyi Hughes yaratubwiye ko bitari vyoroshe kubwira inkuru nziza abagatolika bo muri Republika ya Irlande. Abavukanyi baromorwa mu zabo canke bagaterwa n’imigwi y’inkozi z’ikibi zakorera ku mohe y’abapatiri. Umuvukanyi Pryce yavuze ati: “Harakenewe abafise imiduga bokwitanga mw’isekeza ridasanzwe ryo gutanga utwo dutabu mu gihugu cose.” * Twaciye tumwishura duti: “Tuzobikora!” Ayo ni ya majambo naherako mu ntango z’iyi nkuru.

Turi kumwe n’abandi batsimvyi kuri ya pikipiki

Umuhana abatsimvyi bama bashikiyemwo i Dublin hari kwa mushiki wacu umwe wa kera kandi w’umwizigirwa yitwa Rutland. Na twe ni ho twashikiye. Tumaze kugurisha ivyo twari dufise, twese uko turi bane twaciye twurira ipikipiki ya Bob yari ifise ku ruhande akantu ko kwicaramwo, tuja kurondera umuduga twogura. Twararonse imodoka yakoze mugabo ikimeze neza, duca dusaba nyeneyo ko yoyidushikanira muhira kuko ata n’umwe muri twebwe yari azi kuyinyonga. Iryo joro ryose Arthur yarimaze yicaye ku gitanda yiga gupanga ibitensi, nk’aho yoba ariko atwara umuduga. Mu gitondo, igihe yariko agerageza gusohora iyo modoka, twagiye tubona umumisiyonari yitwa Mildred Willett ashika (yahavuye yubakana na John Barr). Wewe yari azi kunyonga umuduga. Amaze kutwigisha kuwunyonga, twaciye dufata inzira!

Imodoka yacu be na ka kazu twabamwo k’amapine

Hari hasigaye ko tworonka aho tuba. Abavukanyi bari baratubwiye ko twokwirinda kuba muri mwene ka kazu gafise amapine gakwegwa n’umuduga, kuko abaturwanya bohava bagaturira. Twaciye tuja kurondera inzu, mugabo turayibura. Iryo joro twaraye muri ya modoka twese uko turi bane. Bukeye, twararonse akazu gafise amapine gaciye bugufi karimwo udutanda tubiri. Ni ko twaciye tubamwo. Igishimishije, abarimyi bo muri ako karere baratureka tukarara muri ako kazu kacu ku matongo yabo. Twarashobora kuja kwamamaza gushika ku bilometero 24 uvuye aho kaba kari. Tumaze kwimuka, twaragaruka kubwira inkuru nziza abo muri ako karere twahora tubamwo.

Twarahetuye imihana yose yo mu bumanuko bushira uburengero bw’ico gihugu, dutanga udutabu turenga 20.000. Ababa bashimishijwe twaca turungika amazina yabo ku biro vy’ishami vyo mu Bwongereza. Ese ingene biteye umunezero kubona muri ako karere ubu hari Ivyabona amajana!

DUSUBIRA MU BWONGEREZA, MU NYUMA NAHO TUKAJA MURI EKOSE

Mu nyuma, twahavuye turungikirwa gukorera mu bumanuko bwa Londres. Inyuma y’indwi nkeya, ibiro vy’ishami vyo mu Bwongereza vyaratelefonye Arthur bimusaba ko yotangura igikorwa co mu muzunguruko ku musi ukurikira! Inyuma y’indwi imwe amenyerezwa, twaciye tuja mu muzunguruko twari gukoreramwo muri Ekose. Naho ata mwanya ukwiye Arthur yari afise wo gutegura insiguro, umutima ukunze yari afise wo guhangana n’intambamyi yahura na zo mu gikorwa ca Yehova, warandemesha cane. Ntiworaba ingene igikorwa co kugendera amashengero caturyoheye! Inyuma y’imyaka itari mike twari tumaze dukorera mu karere katarimwo Ivyabona, vyari bihimbaye cane kuza turabonana n’abavukanyi benshi.

Igihe Arthur yaronka ubutumire bwo kwitaba Ishure rya Gileyadi mu 1962 ryamara amezi cumi, twarahanganye no gufata ingingo itoroshe. Naho tutari kujana, twabonye ko vyoba vyiza yemeye ubwo butumire. Kubera nari nsigaye jenyene, baciye bandungika gusubira kuba umutsimvyi adasanzwe i Hemsworth. Arthur yagarutse haciye umwaka, aca agenwa kuba umucungezi w’intara. Iyo ntara yarimwo Ekose, uburaruko bw’Ubwongereza, be na Irlande ya Ruguru.

DUSHINGWA IGIKORWA GISHASHA MURI IRLANDE

Mu 1964, Arthur yaragenywe kuba umusuku w’ibiro vy’ishami muri Republika ya Irlande. Kubera ko twari twaramenyereye igikorwa co kugendagenda, sinashotse ndavyakira neza. Ariko nsubije amaso inyuma, ndashima cane agateka twatewe ko gukorera kuri Beteli. Ndemera ntakeka ko igihe wemeye igikorwa kanaka naho woba utaciyumvamwo vy’ukuri, Yehova yama aguhezagira. Narakoreye mu biro, ndapakira ibinyamakuru, ndakorera mu gikoni no mw’isuku. Vyarashika Arthur agakora ari umucungezi w’intara, ivyo bikaba vyatuma tubonana n’abavukanyi bo hirya no hino mu gihugu. Izo ngendo, hamwe no kwibonera ingene inyigisho zacu za Bibiliya zitera imbere, vyaratumye tugiranira ubucuti budasanzwe n’abavukanyi bacu bo muri Irlande. Emwe, wabaye umuhezagiro ntangere!

IKINTU CABAYE INTIBAGIRWA MURI KAHISE K’IVYABONA BO MURI IRLANDE

Ihwaniro mpuzamakungu rya mbere ryo muri Irlande ryabereye i Dublin mu 1965. * Naho baturwanije impande zose, ryaragenze neza cane. Ryitabwe n’abantu 3.948, habatizwa 65. Abahaye indaro abashitsi 3.500 bari bavuye mu bindi bihugu bararonse ikete ryo gukenguruka. Abatanze indaro na bo, barakeje inyifato nziza y’abo bashitsi. Iryo hwaniro ryabaye intibagirwa muri Irlande.

Arthur ariko aramutsa Nathan Knorr igihe yari aje kw’ihwaniro mu 1965

Igihe Arthur yasohora Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya mu rurimi rwitwa gayelike, mu 1983

Mu 1966, Irlande ya Ruguru n’iy’Epfo zarashizwe munsi y’ubuyobozi bw’ibiro vy’ishami vy’i Dublin. Ivyo vyari bitandukanye cane n’amacakubiri afatiye kuri politike no kw’idini yarangwa muri iryo zinga. Ntiworaba ingene twahimbawe no kubona abagatolika benshi bakira ukuri, bagasigara bakorana n’abavukanyi bigeze kuba ari abaporoti.

IHINDUKA RIKOMEYE CANE

Mu 2011, harabaye ihinduka rikomeye mu buzima bwacu igihe ishami ryo muri Irlande ryashirwa hamwe n’iry’i Londres mu Bwongereza. Ico gihe amagara ya Arthur yari atanguye gutituka. Bari bamutoye indwara y’urujugumizi (maladie de Parkinson). Ku wa 20 Rusama 2015, uwo mugenzi wanje yarapfuye afise imyaka 66.

Muri iyi myaka mikeya iheze, naravunitse umutima, ndagira intuntu n’umubabaro. Ndakumbura cane umugabo wanje kuko yahora yama amba hafi. Ariko iyo umuntu ashikiwe n’ibintu nk’ivyo, ararushiriza kwiyegereza Yehova. Ikindi kinshimisha, ni ukubona ingene umugabo wanje yakundwa cane. Ivyo bibonekera ku makete nandikiwe n’abagenzi bo muri Irlande, mu Bwongereza, mbere no muri Amerika. Ayo makete yarandemesheje cane. Ikindi camfashije ni indemesho nahawe na muramwanje Dennis be n’umugore wiwe Mavis, hamwe n’abasengezana banje ari bo Ruth na Judy.

Icanditswe candemesheje rwose ni Yesaya 30:18. Kigira giti: “Yehova azoguma arindiriye kubagirira ubutoni, kandi ni co gituma azohaguruka ngo abereke imbabazi. Kuko Yehova ari Imana y’imanza. Hahiriwe abo bose baguma bamurindiriye.” Narahumurijwe cane no kumenya ko Yehova arindiriye yihanganye gutorera umuti ingorane ziduhanze kandi ko mw’isi nshasha azodushinga ibikorwa biteye umunezero cane.

Ntereje amaso inyuma, ndabona ko Yehova yayoboye igikorwa muri Irlande kandi akagihezagira. Ndahimbarwa cane no kubona naragize uruhara na rutoyi muri iryo yongerekana. Emwe, ndemeza ata makenga yuko gukora ivyo Yehova adusaba vyama bituzanira imihezagiro!

^ ing. 12 Raba Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova co mu 1988 (mu gifaransa), rup. 101-102.

^ ing. 22 Raba Igitabu c’umwaka co mu 1988 (mu gifaransa), rup. 109-112.