Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ku ntwaro y’Ubwami bw’Imana, abantu “bazokwinovora amahoro menshi.”​—Zaburi 37:11

Bibiliya ibivugako iki?

Bibiliya ibivugako iki?

Bibiliya yoba ishobora kugufasha igihe uri mu maganya?

Wokwishura gute?

  • Ego

  • Oya

  • Kumbure

Ico Bibiliya ivuga

“Muterere amaganya yanyu yose [ku Mana], kuko ibababara.” (1 Petero 5:7) Bibiliya iradukura amazinda yuko Imana ishobora kudufasha, tukaruhurirwa mu maganya.

Ibindi Bibiliya ivuga

  • Gusenga birashobora gutuma uronka “amahoro y’Imana,” ayatuma utekana igihe uri mu maganya.​—Abafilipi 4:6, 7.

  • Vyongeye, gusoma Ijambo ry’Imana birashobora gutuma udahagarika umutima cane.​—Matayo 11:28-30.

Amaganya yoba azokwigera ahera?

Bamwebamwe bavuga . . . ko amaganya no guhagarika umutima ari ntahara mu buzima, abandi na bo bakavuga ko amaganya ahera iyo umuntu apfuye akaja mu bundi buzima. Uvyibazako iki?

Ico Bibiliya ivuga

Imana izokuraho ibintu vyose biduteza amaganya. “Urupfu ntiruzoba rukiriho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho.”​—Ivyahishuwe 21:4.

Ibindi Bibiliya ivuga