Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Inkwano yarashobora kuba ibitungwa

Wari ubizi?

Wari ubizi?

Kubera iki Abisirayeli ba kera batanga inkwano?

MU BIHE vya Bibiliya, umuryango w’umukobwa warahabwa inkwano imbere y’uko aja kwubaka. Iyo nkwano yarashobora kugirwa n’ibintu vy’agaciro, ibitungwa, canke amahera. Mu bihe bimwebimwe, umuntu yatanga inkwano mu gukora igikorwa kanaka. Ni ko vyagenze kuri Yakobo, uwemeye gukorera se wa Rasheli imyaka indwi kugira ngo amumuhe babane. (Ita. 29:17, 18, 20) None ni kubera iki batanga inkwano?

Umuhinga umwe mu vya Bibiliya yitwa Carol Meyers avuga ati: “Inkwano ishobora kuba yatangwa ku bwo gushumbusha umuryango w’umukobwa kubera ibikorwa yahora akora, kuko vyari bihambaye mu miryango [yari itunzwe n’uburimyi].” Inkwano ishobora kandi kuba yarafasha gukomeza ubucuti hagati y’iyo miryango yaba ihanye abageni. Ukwo kwunga ubumwe, kwarashobora gutuma iyo miryango ifashanya mu bihe vy’ingorane. Ikigeretseko, inkwano cari ikimenyetso c’uko umukobwa arehejwe be n’uko yari yimirije kuva kwa se akaja gutungwa no gukingirwa n’umugabo wiwe.

Gutanga inkwano ntivyasigura ko umugore yari ikidandazwa cashobora kugurwa canke kugurishwa. Igitabu kimwe kivuga ibijanye n’ubuzima bw’Abisirayeli ba kera be n’imico yabo (Ancient Israel​—Its Life and Institutions), kivuga giti: “Uwo mugenzo w’uko umuryango w’umukobwa wategerezwa guhabwa inkwano y’amahera canke ikindi kintu binganya agaciro, usa n’uwutanga iciyumviro c’uko ibijanye n’umubano muri Isirayeli vyari urudandazwa. Ariko rero, biboneka ko [inkwano] ari inshumbusho yahabwa umuryango w’umukobwa aho kuba ikiguzi c’uwo mukobwa.”

No muri iki gihe, mu bihugu bimwebimwe abantu baracakurikiza uwo mugenzo wo gutanga inkwano. Igihe abavyeyi bakirisu basaba inkwano, barareka ‘ukugira ibitegereka kwabo kukamenyekana ku bantu bose’ mu kudasaba inkwano y’umurengera. (Flp. 4:5; 1 Kor. 10:32, 33) Gutyo, baba berekanye ko atari “inkunzi z’amahera,” canke abanyamwina. (2 Tim. 3:2) Vyongeye, iyo abavyeyi bakirisu badasavye inkwano y’umurengera, ntibiba ngombwa ko umukwe wabo yigizayo urubanza gushika aronse iyo nkwano baba bamusavye. Canke na ho, ntibizoba ngombwa ko uwo mukwe ahagarika igikorwa c’ubutsimvyi kugira ngo aje kurondera akazi k’umubiri kotuma aronka iyo nkwano y’umurengera bamusavye.

Mu mihingo imwimwe y’isi, usanga hariho amategeko agenga inkwano. Aho bimeze gutyo, abavyeyi bakirisu barakurikiza ayo mategeko. Uti kubera iki? Kubera ko Ijambo ry’Imana risaba abakirisu ‘kuyobokera abakuru bari hejuru’ no kugamburuka amategeko adateye kubiri n’Ijambo ry’Imana.​—Rom. 13:1; Ivyak. 5:29.