Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU Y’UBUZIMA

Ntiyicuza namba ku ngingo yafashe akiri muto

Ntiyicuza namba ku ngingo yafashe akiri muto

NIKOLAI DUBOVINSKY yari musaza wa nyokuru avyara dawe akaba na mukuruwe. Mu myaka ya nyuma y’ubuzima bwiwe, yaranditse inkuru y’ibibi n’ivyiza vyamushikiye amaze kwiyegurira Yehova. Vyinshi muri vyo vyabaye igihe igikorwa cari kibujijwe mu cahoze citwa Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti. Naho yashikiwe n’ingorane, yagumye ari umwizigirwa kandi yamana umunezero udasanzwe. Nikolai yarakunda kuvuga ko yipfuza yuko abakiri bato bamenya inkuru ya kahise kiwe, nkaba rero noshima kubabwira ibikurubikuru vyo muri yo. Yavukiye mu muryango ukenye w’abirimizi mu 1926, mu kigwati ca Podvirivka i Chernivtsi Oblast muri Ukraine.

NIKOLAI ARATUBWIRA UKUNTU YAMENYE UKURI

Nikolai atangura ati: “Umusi umwe mu 1941, mukurwanje Ivan yaratahanye igitabu Inanga y’Imana, igitabu Umugambi w’Imana w’ibiringo hamwe n’ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi nka bingahe be n’udutabu tutari duke. Narabisomye vyose. Naratangajwe no kumenya yuko atari Imana iteza ingorane zose ziri mw’isi, ahubwo ko ari Shetani. Ivyo bisohokayandikiro nabisoma nongera nsoma Injili, nca ndabona ko nubuye ukuri. Narabwiye abandi ivyerekeye icizigiro canje c’Ubwami ndyohewe cane. Igihe nasoma ivyo bisohokayandikiro, nararushirije gutahura ukuri bituma nipfuza cane kuba umusavyi wa Yehova.

“Naratahuye ko nogiriwe nabi mporwa ivyo nemera. Hari mu ntambara kandi sinashaka kwica umuntu n’umwe. Kugira nitegurire ibigeragezo vyari biraririye kunshikira, naratanguye gufata ku mutwe ivyanditswe vyo muri Bibiliya nka Matayo 10:28 na Matayo 26:52. Nariyemeje ko nogumye ndi umwizigirwa kuri Yehova, n’igihe nyene vyosavye ko mpfa!

“Mu 1944, narakwije imyaka 18 nca ntegekwa kuja mu gisirikare. Ryari ryo rya mbere mbonana n’abo dusangiye ukwemera, bakaba bari abandi bavukanyi bakiri bato bakwije imyaka yo kwinjizwa ku nguvu mu gisoda, bari bakoranirijwe hamwe. Twarakuriye inkoni ku gishitsi abategetsi ko tutorose tugira uruhara mu ntambara. N’ishavu n’akantu, abasoda baraduteye ubwoba ko bazotwicisha inzara, bakatwimbisha ku nguvu imifurege binyegezamwo canke bakaturasa. Twabishuye ata bwoba duti: ‘Turi mu minwe yanyu. Mugabo naho mwodukorera iki, ntizorenga itegeko ry’Imana rivuga riti: “Ntukice.”’Kuv. 20:13.

“Mu nyuma, jewe n’abandi bavukanyi babiri twararungitswe i Biélorussie gukora mu mirima no gusanura amazu yari yarabomotse. Ndacibuka amabi y’indwano ateye ikinya nabonye mu turere turi kure y’igisagara ca Minsk. Narabonye ibiti vyahiye vyari bitonze kw’ibarabara, ibiziga vy’abantu be n’ibihimba amahero vy’amafarasi yapfuye birambikanze mu mifurege no mw’ishamba, imikogote bahevye, vya muzinga hamwe mbere n’ibisigarira vy’indege. Emwe, nariko ndibonera ingaruka ziva ku guhonyanga amategeko y’Imana.

“Intambara yarangiye mu 1945, mugabo nticabujije ko baducira umunyororo w’imyaka cumi kuko twanse kurwana. Mu myaka itatu ya mbere, ntitwemererwa kugira amakoraniro canke kuronka ibifungurwa vy’impwemu. Twarashoboye kwandikiranira amakete na bashiki bacu bamwebamwe, mugabo na bo nyene barafashwe maze bakatirwa imyaka 25 mw’ikambi y’ibikorwa vy’umuruho.

“Mu 1950, twararekuwe ya myaka itarahera duca dusubira iwacu. Igihe nari mw’ibohero, mawe na mushikanje mutoyi Maria barabaye Ivyabona vya Yehova. Bakuru banje ntibari bwabe Ivyabona, ariko bariga Bibiliya. Kubera ko namamaza inkuru nziza n’umwete, urwego rujejwe umutekano rw’Abasoviyeti rwashaka gusubira kunta mw’ibohero. Abavukanyi bahagarikira igikorwa baciye bansaba gufasha mu vyo gucapura ibisohokayandikiro mu kinyegero. Nari mfise imyaka 24.”

INGENE TWACAPURA IBISOHOKAYANDIKIRO

“Ivyabona wasanga bakunda kwivugira ngo ‘Nimba igikorwa c’Ubwami kibujijwe ku mugaragaro, kizobandanya mu kinyegero.’ (Imig. 28:28) Ico gihe, ibisohokayandikiro vyacu nka vyose vyacapurirwa mu bibanza vyihishije vyo mu kuzimu. Ico nokwita ibiro vyanje vya mbere kari akazu ko mu kuzimu kari munsi y’inzu mukuru wanje Dmitry yabamwo. Vyarashika nkamara indwi zibiri zuzuye ntavuye muri ako kazu. Igihe itara rya peteroli ryaba rizimye kubera ribuze umwuka ogisijeni, naca ndyama hasi nkarindira gushika uwo mwuka ugarutse mu cumba.

Amashusho ya ka kazu ko mu kuzimu kari munsi y’inzu, ako Nikolai yakoreramwo mu kinyegero mu gucapura ibisohokayandikiro

“Umusi umwe, umuvukanyi twakorana yarambajije ati: ‘Nikolai, ubwo warabatijwe?’ Naho nari maze imyaka 11 nkorera Yehova, sinari bwabatizwe. Twarayaze rero ico kintu maze muri iryo joro ndabatirizwa mu kiyaga mfise imyaka 26. Inyuma y’imyaka itatu, narashinzwe irindi banga ryo kuba mu bagize Komite y’igihugu. Ico gihe, abavukanyi bacidegemvya baragenwa kugira basubirire ababa bafashwe maze igikorwa c’Ubwami kikabandanya.”

INGORANE ZO GUKORERA MU KINYEGERO

“Igikorwa co gucapurira mu kinyegero cari kigoye kuruta gupfungwa! Naramaze imyaka indwi ntashobora kwitaba amakoraniro y’ishengero kugira simfatwe n’igipolisi c’iperereza citwa KGB. Nabwirizwa rero kwibako mu vy’impwemu. Nabonana n’umuryango wanje igihe gusa naba ngiye kuwuraba, na vyo bikaba vyari imbonekarimwe. Ariko rero, baratahura uko ivyanje vyifashe kandi vyarandemesha. Kuba namana imyitwarariko nkaba kandi nari nkeneye kuguma niyubara, vyatumye nsigara ndi goyigoyi. Twabwirizwa kwama tugavye. Nk’akarorero umusi umwe ku mugoroba, hari abapolisi babiri baje muri ya nzu nabamwo. Naciye nca mw’idirisha ry’inyuma, niruka mw’ishamba. Ndiko ndaca mu murima umwe, narumvise amajwi ahuhuta ntari menyereye. Maze kwumva urwamwo rw’inkoho, naciye ntahura ko ayo majwi yari ay’amasasu! Umwe mu bariko baranyirukako yarakorotse ava kw’ifarasi maze aguma andasira inyuma yayo gushika amasasu amuheranye. Urusasu rumwe rwaramfashe mu kiganza. Maze kwiruka ibilomero bitanu, nahavuye ndarusimba mu kwinyegeza mw’ishamba. Mu nyuma igihe nariko ndacirwa urubanza, bambwiye ko bari bandashe incuro 32!

“Kubera ko namaze igihe kinini mu kuzimu, nari narabenjutse. Ivyo vyatuma baca bamenya ivyo nahora nkora. Naciye rero nza ndamara umwanya munini ushoboka ku kazuba. Vyongeye, kuba mu kuzimu vyarageramiye amara yanje. Igihe kimwe mbere vyaranse ko nitaba inama ihambaye yari kuduhuza n’abandi bavukanyi kubera nariko ndava amaraso mu mazuru no mu kanwa.”

NIKOLAI AFATWA

Aha yari mw’ikambi y’ibikorwa vy’umuruho muri Mordoviya mu 1963

“Ku wa  26 Nzero 1957 narafashwe. Haciye amezi atandatu, Sentare nkuru ya Ukraine yaramenyesheje urwo nari nakatiwe: Nari naciriwe urwo gupfa bandashe. Mugabo kubera ko igihano co kwicwa cari carakuweho muri ico gihugu, naciye ncirwa urwo gupfungwa imyaka 25. Uko twari umunani, twese hamwe twaciriwe kumara imyaka 130 mu makambi y’ibikorwa vy’umuruho. Twarungitswe mu makambi y’i Mordoviya, tukaba twasanzeyo Ivyabona nka 500. Twarakoranira hamwe mu mpisho mu migwi mitomito kugira twige Umunara w’Inderetsi. Umurinzi umwe amaze kwihweza bimwebimwe mu binyamakuru vyacu vyari vyarafashwe, yavuze ati: ‘Nimwabandanya kubisoma, ntimuzotsindwa!’ Imisi yose twarakora nk’abikorera, akenshi tugakora ibirengeye ivyo badusavye. Yamara, umukuru w’ikambi yavuze yidoga ati: ‘Igikorwa mukora ng’aha si co gihambaye kuri twebwe. Ico dukeneye ni uko mudushigikira mudahemuka.’”

“Imisi yose twarakora nk’abikorera, akenshi tugakora ibirengeye ivyo badusavye”

UGUTUNGANA KWIWE NTIKWAGABANUTSE

Ingoro y’Ubwami y’i Velikiye Luki

Igihe Nikolai yarekurwa akava muri ya kambi y’ibikorwa vy’umuruho mu 1967, yarafashije mu gutunganya amashengero muri Estoniya be n’i Saint-Pétersbourg mu Burusiya. Mu ntango z’umwaka wa 1991, rwa rubanza sentare yamucira mu 1957 rwarafuswe kubera ko ata kibi camwagiriye. Ico gihe Ivyabona benshi bari barafashwe nabi cane n’abategetsi, barambitswe izera. Mu 1996, Nikolai yarimukiye mu gisagara ca Velikiye Luki muri Pskov Oblast, nko ku bilometero 500 uvuye i Saint-Pétersbourg. Yaraguze inzu ntoyi, maze mu 2003 Ingoro y’Ubwami irubakwa muri iryo tongo ryiwe. Ubu hikoraniriza amashengero abiri ateye imbere.

Twe n’umunega wanje dukorera ku biro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova mu Burusiya. Muri Ntwarante 2011, Nikolai yaraje kuturamutsa ubwa nyuma hasigaye amezi makeyi ngo apfe. Ivyo yatubwiye vyaradukoze ku mutima cane igihe yavuga aca ibibatsi mu maso ati: “Nisunze ivyo mbona vyose, noshobora kuvuga ko ari nk’aho wa musi ugira indwi wo kuzunguruka Yeriko wamaze gutangura.” (Yos. 6:15) Yari afise imyaka 85. Naho atorohewe na gato mu buzima, yavuze ati: “Emwe, ndahimbawe kubona narafashe ingingo yo gukorera Yehova nkiri muto! Sinigeze nicuza!”