Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU Y’UBUZIMA

Naragiraniye amahoro n’Imana hamwe na mawe

Naragiraniye amahoro n’Imana hamwe na mawe

MAWE yambajije ati: “Urakenyeye uhebe gusenga ba sokuruza bawe? Ntuzi ko ari bo ukesha ubuzima? Ntushaka kubakengurukira? Ushobora gute guheba imigenzo warazwe na ba so na ba sogokuruza? Igihe wanse gutera iteka ba sokuruza bacu ni nk’aho uba uvuze ko ugusenga kwacu ari ubujuju.” Vyaciye vyanka ko yigumya, araturikisha ararira.

Sinatahura ko ari mawe yariko avuga ukuraho. Wanashaka, ni we yari yasavye ko banyigisha Bibiliya naho yabigize kugira ntiyiteranye n’Ivyabona bari bamusavye ko bomwigisha. Kubera ko nari namye ndamugamburukira, ico gihe vyarangoye kwanka gukurikiza iyo mpanuro yiwe. Ariko rero nabwirijwe kumwankira kuko nashaka guhimbara Yehova. Iyo atampa inkomezi sinari kubishobora.

NCIKA UMUKIRISU

Cokimwe n’abandi bantu benshi bo mu Buyapani, twari ababuda. Ariko haciye amezi abiri gusa niga n’Ivyabona vya Yehova, nari maze kujijuka ko Bibiliya ari ukuri. Igihe numva ko mfise Dawe wo mw’ijuru, naciye nipfuza cane kumumenya. Twe na mawe twaraganira duhimbawe ivyo nariko ndiga. Naratanguye kwitaba amakoraniro yo ku wa mungu ku Ngoro y’Ubwami. Maze kumenya vyinshi ku vyerekeye ukuri, narabwiye mawe ko ntazosubira kugira uruhara mu migenzo y’ababuda. Ubwo nyene naciye mbona ahindutse. Yavuze ati: “Kugira umuntu wo mu muryango adakunda ba sokuru bacu ni ibara.” Yaciye ansaba ngo mpagarike kwiga Bibiliya no kwitaba amakoraniro. Sinari bwigere nibaza ko mawe yovuga ibintu nk’ivyo! Wamengo si wa wundi nari nsanzwe nzi.

Mu Banyefeso ikigabane ca 6 haranyeretse yuko Yehova ashaka ko ngamburukira abavyeyi banje. Dawe yarashigikiye mawe. Mu ntango, nibaza yuko ndabumvirije na bo bonyumvirije maze amahoro akagaruka mu muryango. Uretse n’ivyo, ibibazo bitanga uburenganzira bwo kuja mu mashure yisumbuye vyari vyegereje, nkaba nari nkeneye kuvyitegurira. Narabwiye abavyeyi banje ko nomaze amezi atatu ntitaba amakoraniro, mugabo nsezeranira Yehova ko nzosubira kwitaba amakoraniro ico kiringo kirangiye.

Iyo ngingo nari mfashe ntiyari ibereye ku bw’imvo zibiri. Ubwa mbere, niyumviriye ko urwo nakunda Yehova rutohindutse muri ayo mezi atatu. Ariko sinatevye gutangura kwicwa n’ikigoyi co mu vy’impwemu maze ndushiriza kuja kure ya Yehova. Ubwa kabiri aho kunyumviriza, mawe na dawe barushirije kumpata ngo mpebe ikintu cose gifitaniye isano n’ugusenga kw’ukuri.

NARARWANIJWE MAZE NDAFASHWA

Ku Ngoro y’Ubwami, nari narahuye n’ababa bariko bararwanywa mu muryango benshi. Bari baransubirije umutima mu nda ko Yehova yompaye inkomezi. (Mat. 10:34-37) Bambwiye yuko ari jewe notumye umuryango wacu uronka ubukiriro. Ku bw’ivyo, naratanguye gusengana ubwira, ndondera kumenya ukuntu nokwiheka kuri Yehova.

Mu muryango, nararwanijwe mu buryo bwinshi. Mawe yaragerageza kunyinginga no kumfasha kuzirikana. Akenshi naguma nihoreye. Mvuze, twese twaca turanda imitsi kuko umwe wese yaba arondera kujijura uwundi. Iyo nubahiriza ukuntu mawe yiyumva be n’ivyo yemera, hari aho vyari gushobora kworosha ibintu. Abavyeyi banje bararushirije kunshinga udukorwa tw’i muhira kugira sindenge irembo. Rimwe na rimwe baranyugaranira hanze canke bakarya ntibansigire namba.

Mawe yarituye abandi kugira bamufashe urugamba. Yarabibwiye umwigisha wanje, uno akaba ata co yabivuzeko. Yaranjanye ku mukoresha wiwe ku kazi kugira agerageze kunjijura yuko amadini yose ata co amaze. Igihe mawe yaba ari i muhira, yaratelefona incuti zitandukanye akazinginga n’amarira ariko ngo zimufashe. Ivyo vyarambabaza, mugabo ku makoraniro abakurambere barandemesha kuzirikana kuri abo bantu bose mawe yariko arabwira inkuru nziza atabiciye n’ikanda.

Mu nyuma, narashikiwe n’ikigeragezo co kuja muri kaminuza. Abavyeyi banje bashaka ko nja muri kaminuza kuko biyumvira yuko vyotumye ndonka akazi keza. Imitwe yari ishushe cane ku buryo bitari gukunda ko tuganira ivy’ico kibazo duturuye. Naciye rero nandikira mawe na dawe amakete menshi kugira ndabasigurire imigambi yanje. N’ishavu n’akantu, dawe yanteye ubwoba ati: “Nimba wiyumvira ko ushobora kuronka akazi, uce ukaronka ejo nyene; atari aho uzoce umvira mu nzu.” Naratuye ico kibazo Yehova mw’isengesho. Bukeye ndi mu ndimiro, abavukanyikazi babiri ata n’umwe agishije inama uwundi, baranyemereye akazi ko kwigisha abana babo. Ivyo ntivyanezereje dawe, aca arahagarika buhere kumvugisha maze atangura kumbona nk’akanuka. Mawe yavuze ko yopfuma abona ndi mayibobo aho kumbona ndi Icabona ca Yehova.

Yehova yaramfashije kubogora ivyiyumviro no kumenya ico nokora

Vyarashika nkibaza nimba Yehova yaripfuza ko ndwanya ivyipfuzo vy’abavyeyi banje gushika kuri urwo rugero. Mugabo gusenga cane no kuzirikana ku vyanditswe vyo muri Bibiliya bivuga ibijanye n’urukundo rwa Yehova, vyaramfashije kubona urwo ruhamo nk’uko ruri koko no gutahura yuko ku ruhande rumwe ruterwa n’uko abavyeyi banje banyitwararika cane. Yehova yaramfashije kubogora ivyiyumviro no kumenya ico nokora. Vyongeye, uko narushiriza kugira uruhara mu ndimiro ni ko narushiriza kubukunda. Emwe, nahavuye nishingira umugambi wo gukora ubutsimvyi.

MBA UMUTSIMVYI

Igihe abavukanyikazi bamwebamwe bamenya ko nipfuza gukora ubutsimvyi, bampanuye ko norindira gushika abavyeyi banje baturuye. Narasenze nsaba ubukerebutsi, ndagira ubushakashatsi, ndasuzuma imvo zituma nkora ibintu nongera ndabibwira abavukanyi n’abavukanyikazi bahumuye. Nashitse ku ciyumviro c’uko nkeneye guhimbara Yehova. Vyongeye, kuba ndaretse gukora ubutsimvyi nticari icemeza c’uko abavyeyi banje bociye bahindura ivyiyumviro.

Naratanguye gukora ubutsimvyi ndi mu mwaka wa nyuma w’amashure yisumbuye. Maze igihe gito ndabukora, narishingiye umugambi wo gukorera aho abamamaji bakenewe kuruta. Mugabo mawe na dawe ntibashaka ko mva i muhira. Naciye rero ndindira gushika nkwije imyaka 20. Mu nyuma, kugira mawe ntahagarike umutima cane, narasavye ibiro vy’ishami ko vyondungika gukorera mu bumanuko bw’Ubuyapani ahari incuti.

Igihe nari muri ico gikorwa, narahimbawe no kwibonera abantu benshi nigisha Bibiliya babatizwa. Ico gihe, narize icongereza mfise intumbero yo kwagura umurimo wanje. Mw’ishengero narimwo hariho abavukanyi babiri b’abatsimvyi badasanzwe. Narabona umwete bafise be n’ukuntu bafasha abandi. Ivyo vyatumye nishingira umugambi wo kuzoba umutsimvyi adasanzwe. Muri ico gihe, mawe yararwaye araremba incuro zibiri. Ku ncuro yose, narasubira i muhira kumwitwararika. Ivyo vyaramutangaje vyongera birahindura gatoyi ukuntu yahora abona ibintu.

IMIHEZAGIRO YAGUMA IKURAKURANWA

Haciye imyaka indwi, nararonse ikete rivuye kwa Atsushi, akaba yari umwe muri ba bavukanyi b’abatsimvyi badasanzwe mpejeje kuvuga. Yavuze yuko yariko ariyumvira kwubaka urwiwe be n’uko yashaka kumenya uko ivyanje vyifashe hamwe n’ukuntu mbona ico ciyumviro. Sinari bwigere nishiramwo Atsushi, eka kandi sinibaza ko yari yaranyishizemwo. Inyuma y’ukwezi, naramwishuye yuko nipfuza ko tworushiriza kumenyana. Twasanze hari ibintu vyinshi duhuriyeko. Twempi twashaka kubandanya umurimo w’igihe cose kandi twari twiteguriye kuja mu muce uwo ari wo wose w’umurimo. Twahavuye twubakana. Ese ukuntu nahimbawe no kubona mawe na dawe be n’izindi ncuti nyinshi bitaba ubugeni bwacu!

Nepal

Budakeye na kabiri, igihe twari abatsimvyi basanzwe, Atsushi yaragenywe ngo abe umusubirizi w’umucungezi w’umuzunguruko. Ntitwatevye kwironkera iyindi mihezagiro. Twaragenywe ngo tube abatsimvyi badasanzwe, mu nyuma na ho turungikwa mu gikorwa co kugendera amashengero. Igihe twari duhejeje kugendera amashengero yose yo muri uwo muzunguruko ari bwo bwa mbere, twararonse telefone ivuye ku biro vy’ishami. Batubajije bati: “Mwoba mwokwemera kurungikwa mu gikorwa co kugendera amashengero muri Népal?”

Gukorera mu bihugu bitari bike vyaranyigishije vyinshi ku vyerekeye Yehova

Naribajije ukuntu abavyeyi banje bovyakiriye bumvise ko ngira nimukire iyo umwana arira nyina ntiyumve. Naciye ndabaterefona. Dawe yaranyitavye, maze aca ambwira ati: “Uzoja ahantu heza cane.” Indwi imwe imbere y’aho, umwe mu bagenzi biwe yari yamuhaye igitabu kivuga ivyerekeye Népal, kandi yari yabonye ko ari ahantu heza ho gutembera.

Magingo twari duhimbawe no gukorera Yehova turi muri abo bantu bo muri Népal bakundana, twarironkeye uwundi muhezagiro. Umuzunguruko twagendera warongeweko igihugu ca Bangladesh kiri hafi cane y’igihugu ca Népal, mugabo kikaba gitandukanye na co mu mice myinshi. Umurimo wo mu ndimiro wari ugizwe n’imice itandukanye. Haciye imyaka itanu, twarasabwe gusubira mu Buyapani, ubu akaba ari ho turangurira igikorwa co kugendera amashengero duhimbawe.

Gukorera mu Buyapani, muri Népal no muri Bangladesh vyaranyigishije ibintu vyinshi ku vyerekeye Yehova! Kimwe cose muri ivyo bihugu usanga gifise kahise be n’imico kama cisangije. Kandi muri kimwekimwe cose, usanga buri muntu yimereye ukwiwe. Nariboneye ukuntu Yehova yitwararika abantu umwe wese ku giti ciwe, akabemera, akabafasha akongera akabahezagira.

Ku ruhande rwanje, Yehova yarampezagiye arandonsa ubumenyi bumwerekeye, igikorwa nkora be n’umunega mukirisu yimereye neza. Imana yaramfashije gufata ingingo zibereye, ubu nkaba mfitaniye na yo be n’umuryango wanje ubucuti bwiza. Yehova yaratumye twe na mawe dusubira kuba abagenzi somambike. Ndakenguruka cane kuba naragiraniye amahoro n’Imana hamwe na mawe.

Turahimbarwa cane n’igikorwa co kugendera amashengero