Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

NIWIYEGEREZE IMANA

Yehova yoba vy’ukuri akwitwararika?

Yehova yoba vy’ukuri akwitwararika?

“Mu bintu ndiko ndagerageza gutsinda bimbuza kwiyegereza Imana, ico novuga ko kingora kurusha ibindi ni ukwumva ko ata co maze.” Ivyo vyavuzwe n’umukenyezi umwe yabona ko ata kintu na kimwe cotuma Yehova amwitwararika. Nawe kwoba ari ukwo wiyumva? Nimba wiyumva gutyo, hari aho wokwibaza uti: ‘Yehova yoba vy’ukuri yitwararika abasavyi biwe umwumwe wese ukwiwe?’ Emwe, cane nyene! Ivyo turabibonera mu majambo Yezu yavuze.—Soma Yohani 6:44.

None Yezu, we arusha abandi bose kumenya ukuntu Yehova ameze be n’ivyo agomba, yabivuzeko iki? (Luka 10:22) Yezu yasiguye ati: “Nta muntu ashobora kuza kuri jewe kiretse Data yandungitse amukwegereye.” Nta wushobora rero kuba umuyoboke wa Kristu n’umusavyi wa Data wa twese wo mw’ijuru Yehova, Yehova ubwiwe atamukwegereye. (2 Abatesalonika 2:13) Hamwe twotahura ico ayo majambo Yezu yavuze asigura, twoca rero tuyabonamwo ikimenyamenya gikomeye c’uko Imana itwitwararika umwe wese ukwiwe.

Kuvuga yuko Yehova adukwegera bisobanura iki? Irivuga ry’ikigiriki ryahinduwe ngo “gukwega” rirakoreshwa kandi ahavuga ibijanye no gukwega urusenga rwuzuye amafi. (Yohani 21:6, 11) Yehova yoba none adukwega tutabishaka, akaduhata ngo tumukorere? Habe na buhoro. Kubera ko Yehova yaduhaye ubushobozi bwo kwihitiramwo, ntaduhata ngo tumwugururire umutima wacu. (Gusubira mu vyagezwe 30:19, 20) Umuhinga umwe yabivuze muri ubu buryo ati: “Umutima w’umuntu ni nk’umuryango utagira igitasha c’inyuma. Wugururirwa imbere, ntiwugururirwa inyuma.” Yehova arasesa imitima y’abantu amamiliyaridi bari kw’isi arondera abafise agatima kabereye. (1 Ngoma 28:9) Iyo abonye umuntu nk’uyo, aca akora ikintu gikora ku mutima. Ico kintu ni igiki?

Yehova arakwegera umutima w’umuntu afise “agatima kabereye,” akawugurura yengenga. (Ivyakozwe 13:48) Ivyo abigira mu buryo bubiri: biciye ku butumwa bwiza buri muri Bibiliya, ubudushikira umwe wese ku giti ciwe, akongera akabigira biciye ku mpwemu yiwe nyeranda. Igihe Yehova abonye umuntu afise umutima wakira neza ukuri kwo muri Bibiliya, aca akoresha impwemu yiwe kugira ngo ifashe uwo muntu gutahura ukwo kuri no kugushira mu ngiro. (1 Abakorinto 2:11, 12) Tudafashijwe n’Imana, ntitwopfa tubaye abayoboke nyakuri ba Yezu n’abasavyi ba Yehova bamwiyeguriye.

“Umutima w’umuntu ni nk’umuryango utagira igitasha c’inyuma. Wugururirwa imbere, ntiwugururirwa inyuma”

None amajambo ya Yezu ari muri Yohani 6:44 atwigisha iki ku vyerekeye Yehova Imana? Yehova akwegera abantu kubera ko aba yabonye ikintu ciza mu mitima yabo, akitwararika umwumwe wese ku giti ciwe. Igihe wa mukenyezi twavuga mu ntango yatahura ukwo kuri kweza umutima, vyaramuremesheje. Avuga ati: “Nta rindi teka ryoza riruta kuba umusavyi wa Yehova. Nimba Yehova yarampisemwo ngo mbe umusavyi wiwe, ntegerezwa rero kuba ndi n’agaciro mu nyonga ziwe.” Weho bite? Kumenya yuko Yehova yitwararika abasavyi biwe umwe wese ku giti ciwe, ntibica none bituma wipfuza kumwugururira umutima wawe?

Aho tukuremesheje gusoma muri Rusama

Luka 22-24Yohani 1-16