Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Amabara agira ico akoze gute kuri wewe?

Amabara agira ico akoze gute kuri wewe?

Igihe uriko uraraba irya n’ino, amaso yawe arakorana n’ubwonko bwawe mu kwegeranya amakuru. Nk’akarorero, urabonye icamwa hafi yawe, uciye wibaza nimba wogifungura canke utogifungura. Uritegereje kw’ijuru, uciye ubona ko imvura itaza kurwa kuri uwo musi. Urasomye amajambo uriko urabona muri iki kinyamakuru, uciye ugerageza kuyatahura. Mu vy’ukuri, muri ivyo bintu vyose, amabara aba ariko aragira ico akoze kuri wewe. Uti gute?

Ibara ry’ico camwa wabonye riratuma ubona ko gihiye canke kidahiye be n’uko coba kibereye kuribwa. Uko ijuru be n’ibicu bisa, biratuma umenya ukuntu ikirere cifashe. Uko usoma amajambo ari muri iki kiganiro, amaso yawe aroroherwa kubera ko ivyandiko bifise ibara ritandukanye n’ibara ry’urupapuro. Ni vyo, ubwenge bwawe burakunda kwisunga amabara kugira ngo busuzume amakuru uronka mu kwihweza ibiri hirya no hino yawe, ivyo bikaba kumbure biba utabiciye n’ikanda. Ariko kandi amabara aragira ico akoze ku kuntu wiyumva iyo ubonye ikintu.

AMABARA ARAGIRA ICO AKOZE KU KUNTU TWIYUMVA

Iyo uriko uragendagenda mu mangazini, urabona hirya no hino yawe ibintu bitandukanye vyateguwe ku buryo bikwegera amaso yawe. Ubimenya utabimenya, abahaya ibidandazwa barahitamwo bitonze amabara canke uruvange rw’amabara bakoresha bafatiye ku vyo abantu bipfuza, ku vyo abagabo canke abagore bakunda no ku myaka y’umuntu. Abakora ivyo gushariza amazu, guhingura imideri y’impuzu n’abanyatugenegene na bo nyene barazi ko amabara ashobora kugira ico ahinduye ku kuntu umuntu yiyumva iyo abonye ikintu.

Abantu boshobora guha amabara insobanuro itandukanye bivanye n’imico be n’imigenzo bakuriyemwo. Nk’akarorero, abantu bamwebamwe bo muri Aziya babona ko ibara ritukura rifitaniye isano n’ukugira amahirwe be n’ukuryoherwa; ariko mu mihingo imwimwe yo muri Afrika, iryo bara rifitaniye isano n’ukugandara. Ariko rero, hariho amabara usanga abantu babona kumwe naho boba bakuriye ahantu hatandukanye. Reka dusuzume amabara atatu, turabe n’ingene agira ico akoze kuri wewe.

IRITUKURA: Rirakwegera cane amaso. Ibara ritukura rirakunda gukoreshwa ku bintu bifitaniye isano n’inguvu, intambara canke akaga. Ni ibara rigira ico rihinduye cane ku kuntu umuntu yiyumva, kandi rirashobora gutuma umubiri wiwe unyarutsa guhingura ivyo yafunguye, rigatuma ahema anyarutsa, amaraso yiwe na yo akarushiriza kwiruka mu mubiri.

Muri Bibiliya, ijambo ry’igiheburayo ryahinduwe ngo “gitukura” rikomoka kw’ijambo risobanura “amaraso.” Bibiliya irakoresha ibara ritukuriye canke ry’agahama mu kudondora ishusho y’intibagirwa y’umumaraya w’umwicanyi yambaye impuzu isa n’umuyugubwe n’iyisa n’agahama agendera “ku gikoko c’ibara ry’agahama . . . cuzuye amazina y’ukurogota ku Mana.”—Ivyahishuwe 17:1-6.

IRY’URWATSI RUTOTO: Rituma umuntu yiyumva mu buryo butandukanye n’ukuntu yiyumva iyo abonye ibara ritukura, kuko ryoryo rituma aturura, rigatuma n’umubiri wiwe utanyarutsa guhingura ivyo yafunguye. Ibara ry’urwatsi rutoto ni ibara riruhura, kenshi rikaba ribonwa ko rifitaniye isano n’ugutekana. Turumva turuhuriwe iyo turavye ubusitani be n’imisozi bitotahaye. Inkuru yo mw’Itanguriro ivuga ivy’irema yerekana ko Imana ari yo yahaye umuntu ivyatsi bitoto be n’ibimera bitotahaye.—Itanguriro 1:11, 12, 29, 30.

 IRYERA: Akenshi ribonwa ko rifitaniye isano n’umuco, ukudatera akaga n’ukutandura. Rirafitaniye isano kandi n’umutima mwiza, kuba intungane no gutyoroka. Ni ryo bara rivugwa cane muri Bibiliya kuruta ayandi. Mu vyo abamenyeshakazoza beretswe, babonye abantu n’abamarayika bambaye ivyera, ivyo bikaba bishimika ku kugororoka n’ukutandura mu vy’Imana. (Yohani 20:12; Ivyahishuwe 3:4; 7:9, 13, 14) Amafarasi yera agenderako abambaye impuzu z’ilino zera zisukuye agereranya intambara igororotse. (Ivyahishuwe 19:14) Imana irakoresha ibara ryera kugira ngo ishimike ku vy’uko ifise umutima ukunze wo guharira ibicumuro. Ivuga iti: “Naho ibicumuro vyanyu vyoba bimeze nk’agahama, bizogirwa ivyera derere.”—Yesaya 1:18.

AMABARA ARADUFASHA KWIBUKA

Uburyo Bibiliya ikoresha amabara burerekana ko Imana itahura ingene amabara agira ico akoze ku kuntu abantu biyumva. Nk’akarorero, igitabu ca Bibiliya c’Ivyahishuwe kiravuga ibintu biriko birashikira abantu muri iki gihe, ushizemwo n’intambara, ikigoyi be n’urupfu ruterwa n’amapfa be n’ibiza. Kugira ngo tugume tuvyibuka, hari iyerekwa rimwe rikomeye ritubwira ivy’abagendera ku mafarasi, atari amafarasi asanzwe, ahubwo amafarasi y’amabara afise ico asobanura.

Ubwa mbere, hariho ifarasi yera derere, iyigereranya intambara igororotse Kristu Yezu arwana. Hakurikira ifarasi y’ibara ry’umuriro, iyigereranya intambara ziba hagati y’amahanga. Iyo na yo ikurikirwa n’ifarasi yirabura iteye ubwoba, iyigereranya ikigoyi. Haca hakurikira “ifarasi ibenjutse; izina ry’uwuyicayeko [ni] Rupfu.” (Ivyahishuwe 6:1-8) Ibara ry’ifarasi imwimwe yose muri izo rirashobora gutuma twiyumva mu buryo buhuye n’ico iyo farasi igereranya. Biroroshe ko tuguma twibuka ayo mafarasi y’amabara atandukanye be n’ico asobanura ku bijanye n’igihe turimwo.

Hariho ahantu henshi Bibiliya ikoresha amabara mu kuvuga ibintu bikomeye vy’ikigereranyo. Ni vyo, Uwaremye umuco, amabara be n’amaso y’umuntu arakoresha amabara abigiranye ubuhanga mu kwigisha, akadondora ibintu abasomyi bashobora gutahura no kwibuka. Amabara arafasha ubwenge bwacu kwegeranya amakuru no kuyasuzuma. Amabara aragira ico akoze ku kuntu twiyumva. Amabara arashobora kudufasha kwibuka ibintu bihambaye. Amabara ni ingabirano iranga urukundo twahawe n’Umuremyi ituma turyohererwa ubuzima.