Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | SHETANI YOBA ABAHO?

Shetani yoba ari ikibi gusa kiri mu muntu?

Shetani yoba ari ikibi gusa kiri mu muntu?

Biroroshe cane kuvuga yuko Shetani avugwa muri Bibiliya ari ikintu kibi cose kiri mu muntu. Ariko mu vy’ukuri, ivyo vyoba ari vyo Bibiliya yigisha? Nimba Shetani ari ikibi gusa kiri mu muntu, ni kubera iki Bibiliya yerekana Shetani ariko aravugana na Yezu Kristu be n’Imana Mushoboravyose ubwayo? Raba uturorero tubiri tw’ingene bavuganye.

SHETANI AVUGANA NA YEZU

Igihe Yezu yatangura igikorwa ciwe co kwigisha, Shetani yaramugerageje incuro zitatu. Ubwa mbere, Shetani yaragerageje kwosha Yezu ngo akoreshe ububasha yahawe n’Imana mu buryo buranga ubwikunzi kugira ngo yivune inzara. Ubukurikira, yarahigishije Yezu ngo ashire mu kaga ubuzima bwiwe kugira yerekane ko ahambaye. Ubwa nyuma, Shetani yabwiye Yezu ko yomuha ubwami bwose bwo kw’isi aramutse amwunamiye akamusenga. Yezu yaramiriye kure ivyo bigeragezo vyose birimwo amayeri, akoresheje Ijambo ry’Imana.Matayo 4:1-11; Luka 4:1-13.

None Yezu yariko avugana na nde? Yoba yariko avugana n’ikibi cari muri we? Bibiliya ivuga yuko Yezu “[ya]gejejwe mu mice yose cokimwe natwe, mugabo ntiyagira igicumuro.” (Abaheburayo 4:15) Yongerako iti: “Nta gicumuro yakoze, eka kandi nta buhendanyi bwabonetse mu kanwa kiwe.” (1 Petero 2:22) Yezu yagumye ari umuntu atagira akanenge. Ntiyigeze ahemuka. Ntiyaretse ngo hagire ikibi na kimwe gicumbika muri we. Birumvikana rero ko Yezu atariko avugana n’ikibi cari muri we. Yariko avugana n’ikiremwa kibaho koko.

Muri ico kiganiro Shetani yagiranye na Yezu, harimwo ibindi bintu vyerekana ko Shetani abaho koko.

  • Niwibuke ko Shetani yemereye Yezu ubwami bwose bwo kw’isi aramutse amusenze. (Matayo 4:8, 9) Iyo Shetani aza kuba atabaho, yari gushobora gute guha Yezu ubwo bwami yamwemereye? Vyongeye, Yezu ntiyahakanye yuko Shetani afise ububasha bwo kubutanga.

  • Shetani abonye ko Yezu amunaniye, yaciye “[a]mureka kugeza aronse akandi karyo keza.” (Luka 4:13) None ubona twovuga ko Shetani ari ikibi gusa, canke ni umwansi adateshwa ngo ate?

  • Yezu amaze kugeragezwa, ‘abamarayika baraje, batangura kumukorera.’ (Matayo 4:11) Abo bamarayika baremesheje Yezu bongera baramufasha, boba bari ibiremwa bifise ubwenge bibaho koko? Nimba bari ibiremwa bibaho koko, kubera iki twovuga yuko Shetani atari ikiremwa kibaho vy’ukuri?

 SHETANI AVUGANA N’IMANA

Akarorero ka kabiri kerekeye inkuru y’umugabo umwe yubaha Imana yitwa Yobu. Iyo nkuru iravuga ibiganiro bibiri vyabaye hagati ya Shetani n’Imana. Muri ivyo biganiro uko ari bibiri, Imana yarashimye Yobu kubera ko yari intahemuka. Shetani yavuze ko Yobu akorera Imana abitumwe n’ubwikunzi. Yerekanye ko Yobu akorera Imana kubera ivyo imuha. Ni nk’aho Shetani yashaka kwerekana ko azi Yobu kurusha uko Imana imuzi. Yehova yararetse Shetani aratwara Yobu ivyo atunze n’abana biwe, aratuma mbere akikwa n’amagara. * Vyarabonetse ko Yehova yavuze ukuri ku vyerekeye Yobu, Shetani na we aragaragara ko ari umubeshi. Imana yarahezagiye Yobu kubera ukudahemuka kwiwe.Yobu 1:6-12; 2:1-7.

Muri ivyo biganiro vyabaye hagati ya Yehova Imana na Shetani, Yehova yoba yariko aravugana n’ikibi cari muri we? Bibiliya ivuga iti: “Nayo Imana y’ukuri, inzira yayo ntigira akanenge.” (2 Samweli 22:31) Ijambo ry’Imana rivuga kandi riti: “Mweranda, mweranda, mweranda ni Yehova Imana, Mushoboravyose.” (Ivyahishuwe 4:8) Ikintu ceranda ni ikintu gityoroye, kizira igicumuro. Yehova aratunganye, ntagira akanenge. Nta kibi na kimwe comuranga.

Ikiganiro cabaye hagati ya Shetani n’Imana caragize ingaruka ku buzima bwa Yobu

Naho ari ukwo, hari aboharira bavuga ko Yobu atabayeho, ko iyo nkuru ari umugani gusa. Ivyo vyoba vyumvikana? Hariho iyindi mirongo yo muri Bibiliya yerekana ko Yobu yabayeho vy’ukuri. Nk’akarorero, muri Yakobo 5:7-11, Yobu aravugwa ko ari akarorero keza karemesha abakirisu kwihanganira ibihe bigoye, kakabibutsa kandi ko Yehova aha impera abihangana. Ako karorero koba kamaze iki nimba Yobu n’ukwo kuntu yatewe na Shetani ari ibintu bitabayeho vy’ukuri? Ikigeretseko, muri Ezekiyeli 14:14, 20, havuga ko Yobu, Nowa na Daniyeli bari abagororotsi. Cokimwe na Nowa be na Daniyeli, Yobu yarabayeho vy’ukuri, akaba yari afise ukwizera gukomeye. Nimba Yobu yarabayeho vy’ukuri, ntiwumva none ko uwamuteje ivyago ategerezwa na we nyene kuba yarabayeho?

Bibiliya rero iratomora ko Shetani abaho vy’ukuri naho ataboneka. Urashobora guca wibaza uti: ‘Jeho n’abanje yoba yotugirira nabi?’

BITE HO MURI IKI GIHE CACU?

Dufate ko inkozi z’ikibi zije kuba mu karere ubamwo. Biragaragara ko umutekano wanyu wogeramirwa, n’inyifato runtu igatituka. Ubu na ho niwiyumvire ikintu gisa n’ico: Shetani n’ibiremwa bitaboneka vyitwa amadayimoni vyagararije Imana nka we, ng’abo bakororewe kw’isi. Vyoca bigenda gute? Iyumvire ivyo uhora ubona canke wumva mu makuru y’aho iwanyu n’ayo mu makungu:

  • Woba ubona ingene ubukozi bw’ikibi butagira ishingiro burushiriza kwiyongera, naho kw’isi yose ata ko batagira ngo bagerageze kubutuza?

  • Woba ubona ingene ibintu vyo kwinezereza birimwo ivy’amashetani birushiriza kwiyongera, naho abavyeyi badasiba gusemerera?

  • Woba ubona ingene abantu baguma bonona ibidukikije, naho haguma hagirwa utwigoro two kubikingira?

  • Woba ubona ko hari ikitagenda neza mu kibano, ko hariho ikintu gituma abantu bakora ibintu bizokwega akarambaraye?

Raba uwo Bibiliya ivuga ko ari we nyanduruko y’izo ngorane zose. Ivuga iti: “Ca gisato kinini kiraririzwa hasi, ya nzoka yo mu ntango, iyitwa Mubesheranyi na Shetani, umwe azimiza isi yose; araririzwa kw’isi, n’abamarayika biwe bararirizanywa na we. . . . Haragowe isi n’ikiyaga, kuko Shetani amanutse kuri mwebwe, afise ishavu ryinshi, azi ko afise igihe gito.” (Ivyahishuwe 12:9, 12) Abantu benshi bamaze gusuzuma ibimenyamenya, baratahuye ko Shetani ari ikiremwa kitaboneka kitugeramiye, kikaba kigira akosho gakomeye cane kw’isi.

Hari aho wohagarika umutima wibaza ingene wokwikingira, kandi ivyo birumvikana. Ikiganiro gikurikira kirakwereka ico wokora.

^ par. 12 Yehova ni izina ry’Imana nk’uko rihishurwa muri Bibiliya.