Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IBIKURUBIKURU VYARANZE UMWAKA UHEZE

Kwihutisha ubwubatsi bw’Ingoro z’Ubwami

Kwihutisha ubwubatsi bw’Ingoro z’Ubwami

ESE ukuntu bihimbaye kwibonera ingene Yehova yihutisha igikorwa co gukwiragiza ugusenga kw’ukuri kw’isi yose! (Yes. 60:22) Ivyo bituma hakenerwa Ingoro z’Ubwami nyinshi. Kw’isi yose, ingoro zirenga 13.000 ni zo zikeneye kwubakwa canke gusanurwa.

Kugira ngo Inama Nyobozi yihutishe ico gikorwa itarinze gusesagura, yaragize ibintu ihinduye mu nzego zitandukanye zijejwe ubwubatsi. Baherutse gushiraho Urwego rwo kw’isi yose rujejwe imigero n’ubwubatsi ku cicaro gikuru i Brooklyn muri New York. Urwo rwego ruriko rurakora rwivuye inyuma mu kuraba Ingoro z’Ubwami zikeneye kwubakwa canke gusanurwa imbere y’izindi, maze rugaca rwihutisha ivyo bikorwa. Urwego rw’akarere rujejwe imigero n’ubwubatsi rwo kw’ishami ryo muri Ostralaziya, iryo mu Buraya bwo hagati, iryo muri Afrika y’Epfo n’iryo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika rurahagarikira ibikorwa vy’ubwubatsi mu karere rukoreramwo, mu ntumbero yo kwubaka Ingoro z’Ubwami mu buryo bunyaruka kandi ku mahera make. Urwo rwego kandi ruramenyereza amashami yo mu karere rukoreramwo kubungabunga inyubakwa z’ishirahamwe ziri mu vyibare vyayo. Ku biro vy’ishami na ho, usanga hariho Urwego rw’igihugu rujejwe imigero n’ubwubatsi ruhagarikira ibikorwa vyo kwubaka no kubungabunga Ingoro z’Ubwami n’iz’amateraniro.

Muri Nzero 2015, abakurambere bose bo muri Amerika barakurikiranye biciye ku buhinga bwa none inama ijanye n’uburyo bushasha bwo gutegura imigero y’Ingoro z’Ubwami, kuzubaka no kuzibungabunga. Ng’ibi ivyo babwiwe:

  • Kwubaka: Imigero n’ibikoresho bizoba bihuye n’akarere ingoro yubakwamwo kandi bishingiye ku buyobozi bwatanzwe na Komite nshingwasohora y’Inama Nyobozi. Zizoba ari inyubakwa zoroshe kubungabunga kandi zikomeye, ariko zikaba ziryoheye ijisho kandi zitazimvye.

  • Kubungabunga: Mw’ishengero rimwerimwe ryose, abavukanyi bazokwigishwa kubungabunga ibibanza vyo gusengeramwo kugira birambe.

Ni ivy’ukuri ko kwubaka no kubungabunga inyubakwa zo gusengeramwo bisaba akazi kenshi. Ariko rero, abasavyi b’Imana bashize hamwe utwigoro bizofasha kunyarutsa igikorwa no gukoresha neza intererano abavukanyi batanga.