Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IGIHIMBA CA 23

Inkuru nziza ikwiragira hirya no hino

Inkuru nziza ikwiragira hirya no hino

Paulo aragira ingendo zo kwamamaza, aciye ku butaka no mu kiyaga

INYUMA y’aho Paulo abereye umukirisu, yaramamaje inkuru nziza yerekeye Ubwami bw’Imana abishashaye, kandi ivyo vyatumye uwo yahora arwanya abandi, aba ari we akenshi arwanywa bimwe bikaze. Iyo ntumwa y’ubwira yaragize ingendo zitari nke zo kwamamaza, iragendera uturere twa kure cane kugira ngo ikwiragize inkuru nziza yerekeye Ubwami buzoshitsa umugambi Imana yari ifitiye abantu mu ntango.

Igihe Paulo yari mu rugendo rwiwe rwa mbere rwo kwamamaza, i Lisitira yarakijije umugabo yari yavutse ari ikimuga. Amasinzi y’abantu yaciye atangura gusemerera avuga yuko ngo Paulo be n’uwo bari bafadikanije urugendo, ari we Barunaba, ari imana. Abo bagabo babiri barashoboye bigoranye kubuza abo bantu kubashikanira ibimazi. Ariko mu nyuma, ayo masinzi y’abantu nyene bohejwe n’abansi ba Paulo, baramuteye amabuye bamusiga bibaza ko yapfuye. Paulo yararokotse ico gitero kandi mu nyuma yarasubiye muri ico gisagara gukomeza abigishwa akoresheje amajambo aremesha.

Hari abakirisu b’Abayuda bahazutse ku bijanye n’uko abizera batari Abayuda babwirizwa gukurikiza amabwirizwa agize Itegeko rya Musa. Paulo yaragiye i Yeruzalemu kugira ngo ature ico kibazo intumwa be n’abagabo b’inararibonye. Abo bagabo bamaze kwihweza bitonze ico Ivyanditswe bivuga kandi bayobowe n’impwemu nyeranda y’Imana, barandikiye amashengero maze bayahimiriza kwirinda gusenga ibigirwamana, kurya amaraso n’ibinizwe, no kwirinda ubusambanyi. Mwene ayo mabwirizwa vyari “ibintu vya nkenerwa,” ariko kuyumvira ntivyasaba gukurikiza Itegeko rya Musa.​—Ibikorwa 15:28, 29.

Ku rugendo rwiwe rwo kwamamaza rwa kabiri, Paulo yaragendeye igisagara ca Beroya, ubu hakaba ari mu Bugiriki bwa none. Abayuda baba muri ico gisagara barakiranye umushasharo iryo jambo, bagasuzuma Ivyanditswe ku musi ku musi kugira ngo barabe ko ivyo yabigisha ari ivy’ukuri. N’ico gihe nyene, ukurwanywa kwaratumye ava muri ico gisagara, aca aja i Atene. Paulo ari imbere y’umugwi w’Abanyatene b’incabwenge, yarashikirije insiguro ikomeye y’akarorero mu bijanye no kuvugana ubugenge, ugutahura be n’ubujijutsi.

Paulo arangije urugendo rwo kwamamaza rwa gatatu, yaragiye i Yeruzalemu. Igihe yagendera urusengero rwaho, hari Abayuda batanguje umugumuko, barondera kumwica. Abasoda b’Abaroma barahaserutse maze barasambisha Paulo. Kubera ko Paulo yari afise ubwenegihugu bw’Uburoma, yahavuye aja kwiregura imbere ya Buramatari w’Umuroma yitwa Felisi. Nta kintu na kimwe Abayuda batanze cemeza ko ivyo barega Paulo ari ivy’ukuri. Kugira ngo Paulo abuze uwundi Buramatari w’Umuroma yitwa Fesito kumuha Abayuda, yavuze ati: “Nungururije kwa Sezari!” Fesito yasubijeyo ati: “Kwa Sezari ni ho uzoja.”​—Ibikorwa 25:11, 12.

Paulo yaciye ajanwa n’ubwato mu Butaliyano kugira ngo arenguke imbere y’intahe. Kubera ko ubwato bwabasabiyeko kuri urwo rugendo, yaciye amara urushana rwose mw’izinga rya Malita. Igihe amaherezo yashika i Roma, yagumyeho imyaka ibiri yose aba mu nzu yari apanze. Naho nyene iyo ntumwa y’umwete udasanzwe yari irinzwe n’abasoda, yarabandanije kubwira abamugendera bose ivyerekeye Ubwami bw’Imana.

—Bivugwa mu Bikorwa 11:22–28:31.