Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA MBERE

“Naho yapfuye, aracavuga”

“Naho yapfuye, aracavuga”

1. Ni igiki catuma umuryango wa Adamu na Eva udashobora kwinjira muri wa murima wa Edeni, kandi ni igiki Abeli yipfuza cane kuruta ibindi?

ABELI yaritegereza ingene umukuku wiwe w’intama urisha utekanye ku nkike y’umusozi. Mu nyuma, kumbure yaca atereza amaso hirya kure y’izo ntama akabona umuco uca ibibatsi. Yari azi yuko aho hantu hariyo inkota yaka umuriro yaguma izunguruka ubudahengeshanya kugira ngo izibire inzira yaja muri wa murima wa Edeni. Abavyeyi biwe bari barigeze kuba muri uwo murima, ariko baba bo canke abana babo ntivyari bigikunda ko binjirayo. Numere nk’uwubona mu bwenge akayaga ko ku mugoroba kariko gahuhera ku mushatsi wiwe igihe araramuye amaso araba mw’ijuru, ariko ariyumvira ivyerekeye Umuremyi wiwe. Vyoba vyokwigeze bishoboka ko abantu basubiza hamwe n’Imana? Ico nyene ni co Abeli yipfuza cane kuruta ibindi.

2-4. Ni mu buryo ubuhe Abeli agira ico atubwira muri iki gihe?

2 Hariho ico Abeli akubwira muri iki gihe. Woba umwumva? Hari aho wovuga yuko ivyo bidashoboka. Kanatsinda, uwo muhungu agira kabiri wa Adamu amaze igihe kirekire cane apfuye. N’ibisigarira vyiwe vyarasangutse, ubu hakaba haciye ibinjana hafi 60 asubiye mu mukungugu. Ku bijanye n’abapfuye, Bibiliya ivuga iti: “Nta co bazi namba.” (Umus. 9:5, 10) N’ikindi kandi, nta na hamwe muri Bibiliya dusanga amajambo Abeli yavuze. None yogira ico atubwira gute?

3 Ku bijanye na Abeli, intumwa Paulo yahumekewe n’Imana kuvuga ati: “Biciye [ku] . . . kwizera, naho yapfuye, aracavuga.” (Soma Abaheburayo 11:4.) Ubona Abeli avuga biciye ku ki? Biciye ku kwizera. Abeli ni we muntu wa mbere yagaragaje iyo kamere y’akaroruhore. Yaragaragaje ukwizera bimwe bikomeye ku buryo akarorero yasize kagifise ico katwigisha, kakatubera icitegererezo gikomeye twokurikiza. Nitwagira ico twigiye ku kwizera kwa Abeli tukongera tukakwigana, ni nk’aho rero Abeli azoba ariko aragira ico atubwira.

4 Ni igiki none twokwigira kuri Abeli no ku kwizera kwiwe kandi ata bintu vyinshi Bibiliya imuvugako? Reka tubirabe.

Yabayeho mu gihe c’“ishingwa ry’isi”

5. Amajambo Yezu yavuze ko Abeli yabayeho mu gihe c’ “ishingwa ry’isi” asobanura iki? (Raba kandi akajambo k’epfo.)

5 Abeli yavutse haciye igihe gito abantu batanguye kubaho. Mu nyuma, Yezu yavuze ko Abeli yabayeho mu gihe c’“ishingwa ry’isi.” (Soma Luka 11:50, 51.) Iyo si Yezu yavuze biboneka ko isobanura abantu bashobora gucungurwa bagakurwako igicumuro. Naho Abeli yagize kane mu bantu babayeho, bisa n’uko ari we muntu wa mbere Imana yabonye ko abereye gucungurwa. * Mu vy’ukuri, Abeli yakuriye ahantu harangwa utwosho tubi.

6. Abeli yari afise abavyeyi bameze gute?

6 Naho abantu bari bamaze igihe gito babayeho, bari bahanzwe n’ibintu bibabaje. Abavyeyi ba Abeli, ari bo Adamu na Eva, biboneka ko bari bezabeza kandi ko bari bafise inguvu. Ariko rero, bari barakoze ikosa rikomeye mu buzima, kandi ivyo bari babizi neza. Mu ntango bari abantu batunganye, bafise icizigiro co kubaho ibihe bidahera. Mu nyuma, baragararije Yehova Imana, bituma birukanwa mw’Iparadizo babamwo muri wa murima wa Edeni. Kubera ko bashize ivyipfuzo vyabo bwite imbere y’ibindi vyose, bakabishira n’imbere y’ineza y’uruvyaro rwabo, baratakaje ugutungana hamwe n’ubuzima budahera.​—Ita. 2:15–3:24.

7, 8. Eva yavuze iki igihe Kayini yavuka, kandi ni igiki ashobora kuba yari afise mu bwenge?

7 Igihe Adamu na Eva birukanwa muri uwo murima wa Edeni, ubuzima ntibwaboroheye. Ariko rero, igihe bavyara umwana wabo wa mbere, baciye bamwita Kayini, bisobanura ngo “Icavyawe,” kuko igihe Eva yamuvyara yavuze ati: “Mvyaye umuhungu mfashijwe na Yehova.” Ayo majambo Eva yavuze asa n’ayerekana yuko ashobora kuba yari afise mu bwenge umuhango Yehova yari yaratanze mu murima wa Edeni, aho yavuze ko hari umugore yogize “uruvyaro” rwohavuye rukuraho wa mubisha yahenda Adamu na Eva. (Ita. 3:15; 4:1) None Eva yoba yariyumviriye ko ari we nya mugore yari yaravuzwe be n’uko Kayini ari we yobaye nya “ruvyaro” rwasezeranywe?

8 Niba yaravyiyumviriye, yarihenze cane. Vyongeye, niba we na Adamu barateye ico ciyumviro muri Kayini uko yagenda arakura, mu vy’ukuri nta co bamufashije kugira ngo atsinde agatima k’ubwibone karanga abantu badatunganye. Mu nyuma, Eva yaravyaye uwundi mwana, mugabo nta majambo yo kumuhayagiza bamuvuzeko. Bamwise Abeli, ibishobora kuba bisobanura ngo “Impemu zisohotse,” canke “Ubusa.” (Ita. 4:2) Kubona baramwise iryo zina, vyoba vyerekana ko ata vyinshi bari bamwitezeko nk’ivyo bari biteze kuri Kayini? Nta wubizi.

9. Ni igiki abavyeyi muri iki gihe bashobora kwigira ku bavyeyi bacu ba mbere?

9 Hariho ibintu bitari bike abavyeyi bo muri iki gihe bashobora kwigira kuri abo bavyeyi bacu ba mbere. Bavyeyi, ivyo muvuga n’ivyo mukora vyoba bizotuma abana banyu batsimbataza ubwibone, agatima ko kurondera kuba agakomeye be n’ubwikunzi? Canke mwoba muzobigisha gukunda Yehova Imana no kurondera kugiranira ubucuti na we? Ikibabaje ni uko abavyeyi bacu ba mbere batashikije iryo banga bari bajejwe. Naho ari ukwo, hari hakiriho icizigiro ku ruvyaro rwabo.

Ivyafashije Abeli gutsimbataza ukwizera

10, 11. Kayini na Abeli bakora ibikorwa bwoko ki, kandi ni kamere iyihe Abeli yatsimbataje?

10 Uko nya bahungu babiri bagenda barakura, birashoboka ko Adamu yabamenyereje gukora ibikorwa vyotunga umuryango. Kayini yabaye umurimyi, Abeli na we aba umwungere.

11 Ariko rero, Abeli yarakoze n’ikindi kintu gihambaye cane kuruta ukuba umwungere. Uko imyaka yagiye irarengana, yagiye aratsimbataza ukwizera, iyo ikaba ari kamere y’akaroruhore Paulo yahavuye agira ico ayivuzeko. Iyumvire na we ico kintu! Abeli nta wundi muntu yariho yari kwigirako ibijanye n’ukwizera. None vyagenze gute ngo atsimbataze ukwizera Yehova Imana? Rimbura ibi bintu bitatu bikomeye ashobora kuba yarashingiyeko ukwizera kwiwe.

12, 13. Ni gute kwihweza ivyo Yehova yaremye bishobora kuba vyarafashije Abeli gukomeza ukwizera kwiwe?

12 Ivyo Yehova yaremye. Ni ivy’ukuri yuko Yehova yari yaravumye ubutaka, bigatuma bumera ibitovu n’amahwa bitorohereza uburimyi. Naho ari ukwo, isi yabandanije kuronsa umuryango wa ba Abeli ibifungurwa bikwiye. Vyongeye, Imana ntiyari yaravumye ibikoko, inyoni n’amafi, imisozi, ibiyaga, inzuzi, amabahari, ikirere, ibicu, izuba, ukwezi n’inyenyeri. Aho Abeli yatereza ijisho hose, yarabona ibimenyamenya vyerekana urukundo, ubukerebutsi n’ukumera neza bigera kure biranga Yehova Imana, wa Muremyi w’ibintu vyose. (Soma Abaroma 1:20.) Ata gukeka, kuba Abeli yarazirikana kuri ivyo bintu abigiranye ugukenguruka vyarakomeje ukwizera kwiwe.

Ivyaremwe ni kimwe mu bintu bikomeye vyafashije Abeli kwizera Umuremyi wiwe munyarukundo

13 Abeli mu vy’ukuri yarafata umwanya wo kuzirikana ku bintu vy’impwemu. Numere nk’uwumubona mu bwenge ariko aritwararika ibitungwa vyiwe. Kuba umwungere vyasaba gukomeza amaguru. Ivyo bitungwa bisanzwe bitagorana yarabijana ku misozi, mu myonga, akabijabukana inzuzi, arondera ahari ubwatsi buremvye kuruta ahandi, ibinogo bimeze neza vy’amazi y’ibitungwa vyiwe, be n’ahantu hameze neza vyoruhukira. Mu vyo Imana yaremye vyose, intama ni vyo biremwa vyasa n’ibikeneye gufashwa kuruta ibindi, nk’aho umengo vyaremwe ku buryo bikenera umuntu abiyobora akongera akabikingira. Abeli yoba na we nyene yarabona ko akeneye kuyoborwa, gukingirwa no kwitwararikwa n’Imana y’ubukerebutsi n’ububasha biruta ivy’uwundi muntu uwo ari we wese? Nta gukeka yuko mu masengesho yatura yashiramwo ivyiyumviro nk’ivyo, kandi ivyo vyaratumye ukwizera kwiwe kubandanya gukomera.

14, 15. Imihango Yehova yatanze yatumye Abeli aronka ibintu ibihe vyo kuzirikanako?

14 Imihango Yehova yatanze. Adamu na Eva bategerezwa kuba bariganiye abahungu babo ibintu vyabaye muri wa murima wa Edeni bigatuma birukanwa muri wo. Ku bw’ivyo, Abeli yari afise ibintu vyinshi vyo kuzirikanako.

15 Yehova yari yaravuze ko ubutaka bwovumwe. Abeli aravye amahwa n’ibitovu, yaca abona neza ingene ayo majambo yarangutse. Yehova yari yaravuze kandi ko Eva yogize ububabare mu gihe c’ukwibungenga no kwibaruka. Uko barumuna ba Abeli bavuka, nta gukeka ko yaca abona ko ayo majambo na yo nyene yariko araranguka. Yehova yari yarabonye imbere y’igihe yuko Eva yokeneye bimwe birenze urugero gukundwa no kwitwararikwa n’umugabo wiwe, Adamu na we akamuganza. Ico kintu kibabaje na co nyene Abeli yaraciboneye n’amaso yiwe. Muri ivyo bintu vyose, Abeli yarabonye ko ijambo rya Yehova ari iryo kwizigirwa koko. Ni co gituma Abeli yari afise imvo zumvikana zo kwizera umuhango Imana yatanze werekeye “uruvyaro” rwotunganije ibibi vyatanguriye muri Edeni.​—Ita. 3:15-19.

16, 17. Ni igiki Abeli ashobora kuba yarigiye ku bakerubi ba Yehova?

16 Abasavyi ba Yehova. Naho ata muntu n’umwe Abeli yashobora kurabirako akarorero keza, abantu si bo biremwa vyonyene vyari bifise ubwenge kw’isi muri ico gihe. Igihe Adamu na Eva birukanwa muri uwo murima, Yehova yaritwararitse ivy’uko uwo mugabo n’umugore be n’uruvyaro rwabo batohonyoza ikirenge muri iyo Paradizo. Kugira ngo Yehova arinde ubwinjiriro bwa nya murima, yahashize abakerubi, abo bakaba ari abamarayika bo ku rwego rwo hejuru, ahashira n’inkota yaka umuriro yaguma izunguruka.​—Soma Itanguriro 3:24.

17 Iyumvire ukuntu vyagendera ako gahungu Abeli kabonye nya bakerubi bari bafise ishusho y’abantu. Kabaravye, kaca kabona ko bafise ububasha ntangere. Iyo “nkota” yaguma yaka umuriro, ikaguma izunguruka, na yo nyene yari iteye ubwoba. Uko Abeli yagenda arakura, yoba yarigeze abona abo bakerubi barambiwe bagaca bata ikirindiro? Habe namba. Ijoro n’umurango, umwaka ku wundi, gushika haciye imyaka myinshi, ivyo biremwa bifise ubwenge n’ububasha vyagumye kuri ico kirindiro. Ukwo ni ko Abeli yamenye ko Yehova Imana afise abasavyi bagororotse kandi b’intahemuka. Abo bakerubi Abeli yarashobora kubabonamwo ukudahemuka n’ukugamburukira Yehova, ivyo akaba ata muntu n’umwe yashobora kubibonamwo mu bagize umuryango wiwe. Nta gukeka yuko akarorero k’abo bamarayika kakomeje ukwizera kwiwe.

Mu buzima bwiwe bwose, Abeli yarabonye ko abakerubi bari abasavyi ba Yehova badahemuka kandi bagamburuka

18. Ni ibintu vyinshi ibihe dufise vyodufasha kugira ukwizera muri iki gihe?

18 Uko Abeli yazirikana ku bintu vyose Yehova yahishuye ku biyerekeye biciye ku vyaremwe, akazirikana no ku mihango yatanze be no ku karorero k’abasavyi bayo b’abamarayika, ni ko ukwizera kwiwe kwagenda kurarushiriza gukomera. Akarorero kiwe karatwigisha ibintu bitari bike, si ko none? Urwaruka canecane rurashobora guhumurizwa no kumenya yuko rushobora kwizera koko Yehova Imana, naho abo mu muryango iwabo boba batavyitaho. Kubera yuko muri kino gihe dukikujwe n’ibintu bitangaje Imana yaremye, tukagira na Bibiliya yuzuye be n’uburorero bwinshi bw’abantu bagaragaje ukwizera, turafise rero ibintu vyinshi vyodufasha kugira ukwizera.

Igituma ikimazi ca Abeli cashimwe cane

19. Mu nyuma, Abeli yahavuye atahura ikintu c’ukuri ikihe gihambaye?

19 Uko Abeli yarushiriza kwizera Yehova, yaripfuje kuronka ukuntu yogaragaza ukwo kwizera mu bikorwa. Ariko none, umuntu buntu yari gushobora guha iki Umuremyi w’isi n’ijuru? Mu vy’ukuri, Imana nta kintu na kimwe yari ikeneye ko abantu bayiha canke bayifasha. Ariko Abeli yahavuye atahura iki kintu c’ukuri gihambaye: Aramutse ahaye Yehova ikintu ciza kuruta ibindi vyose mu vyo yari afise, akabigirana agatima keza, yoshoboye gutuma Umuvyeyi wiwe munyarukundo ahimbarwa.

Abeli yatanze ikimazi abigiranye ukwizera; ariko Kayini we si ukwo

20, 21. Kayini na Abeli umwe wese yashikaniye Yehova ishikanwa irihe, kandi Yehova yayakiriye gute?

20 Abeli yateguye gutanga ku ntama zo mu mukuku wiwe. Yarahisemwo intama nzizanziza, ni ukuvuga iz’uburiza, n’ibihimba vyazo yabona ko ari vyiza kuruta ibindi. Ico gihe, Kayini na we nyene yarateguye ishikanwa ryo gushikanira Imana mu vyimburwa vyiwe kugira ngo imurabe ryiza, imuhezagire. Ariko agatima Kayini yabitanganye kari gatandukanye n’aka Abeli. Iryo tandukaniro ryigaragaje igihe batanga amashikanwa yabo.

21 Abo bahungu bompi ba Adamu bashobora kuba barakoresheje ibicaniro n’umuriro kugira ngo batange amashikanwa yabo, kumbure bakayatangira aho ba bakerubi babona, bano bakaba ari bo gusa baserukira Yehova kw’isi ico gihe. Yehova yarerekanye ingene yakiriye ayo mashikanwa. Dusoma duti: “Yehova araba ryiza Abeli n’ishikanwa ryiwe.” (Ita. 4:4) Bibiliya ntivuga ukuntu Imana yerekanye ko yamuravye ryiza.

22, 23. Kubera iki Yehova yaravye ryiza ishikanwa rya Abeli?

22 Ni kubera iki none Imana yaravye ryiza Abeli? Vyoba vyavuye kw’ishikanwa yatanze? Abeli yatanze igitungwa gihumeka kiva amaraso y’agaciro, ano akaba agereranya ubuzima. None Abeli yoba yaratahura ko mwene ico kimazi cari gifise agaciro cane? Haciye imyaka amajana inyuma y’aho, Imana yarakoresheje ikimazi c’umwagazi w’intama utagira akanenge kugira ngo kigereranye ikimazi c’Umwana wayo atunganye, ari we “Mwagazi w’intama w’Imana,” amaraso y’uwo akaba yohavuye aseswa ata co azira. (Yoh. 1:29; Kuv. 12:5-7) Ariko rero, Abeli ntiyari azi canke ngo atahure ingene Yehova mu nyuma yokoresheje ibimazi.

23 Ico tuzi tudakeka coco ni iki: Abeli yatanze vyizavyiza mu vyo yari afise. Yehova ntiyaravye ryiza gusa ivyo Abeli yatanze, ariko na we ubwiwe yaramuravye ryiza. Ishikanwa Abeli yatanze, yaritanze abitumwe n’urukundo yakunda Yehova be no kuba yaramwizera koko.

24. (a) Kubera iki twovuga ko ishikanwa rya Kayini ubwaryo ritari ribi? (b) Ni mu buryo ubuhe Kayini yari ameze nk’abantu benshi b’iki gihe?

24 Ariko ntivyagenze ukwo kuri Kayini. Yehova “ntiyara[vye] ryiza namba Kayini n’ishikanwa ryiwe.” (Ita. 4:5) Ishikanwa Kayini yatanze ubwaryo nta co ryari ritwaye, kuko Itegeko Imana yahaye Abisirayeli mu nyuma ryabemerera gutanga ku vyimburwa vyabo. (Lew. 6:14, 15) Ku vyerekeye Kayini, Bibiliya ivuga yuko “ibikorwa vyiwe vyari bibi.” (Soma 1 Yohani 3:12.) Cokimwe n’abandi bantu benshi b’iki gihe, biboneka ko Kayini yiyumviriye yuko kugira agashusho k’uko ayobokera Imana bihagije. Ivyo yakoze ntivyatevye kwerekana ko atizera Yehova koko be n’uko atamukunda.

25, 26. Yehova yaburiye gute Kayini, ariko Kayini yakoze iki?

25 Aho Kayini aboneye ko Yehova atamuravye ryiza, yoba yararondeye kugira ico yigiye ku karorero ka Abeli? Habe namba. Ahubwo yagiriye akazikira mwene wabo. Yehova yarabonye ivyariko biraba mu mutima wa Kayini, maze abigiranye ukwihangana aca aragerageza kumufasha kuzirikana. Yaraburiye Kayini yuko inyifato yiwe yotumye akora icaha gikomeye, yongera amubwira ko aramutse ahinduye iyo ngendo yiwe ‘yoshizwe hejuru.’​—Ita. 4:6, 7.

26 Kayini ntiyumviye iyo mburi. Yaciye asaba uwo mwene wabo yamwizigira ngo bajane mu gahinga. Bagezeyo, Kayini yaciye agurukira kuri Abeli aramugandagura. (Ita. 4:8) Twovuga rero ko Abeli ari we muntu wa mbere yagiriwe nabi azira ukwizera kwiwe, aba abaye umumaratiri wa mbere. Naho yapfuye, ivyiwe ntivyagarukiye aho.

27. (a) Kubera iki twemera tudakeka ko Abeli ari mu bazozuka? (b) Twokwizigira gute ko umusi uri izina tuzobonana na Abeli?

27 Mu buryo bw’ikigereranyo, amaraso ya Abeli yaratakambiye Yehova Imana ngo ashitse ubutungane, ayahore. Kandi Imana yaritwararitse gushitsa ubutungane, irahana uwo mubisha Kayini kubera ikibi yakoze. (Ita. 4:9-12) N’igihambaye kuruta, inkuru ivuga ivy’ukwizera kwa Abeli iri n’ico itwigisha muri kino gihe. Imyaka yabayeho, iyishobora kuba yabaye nk’ijana, yabaye mike uravye iyo abantu bo muri ico gihe bamara; ariko iyo myaka Abeli yayikoresheje neza. Yapfuye azi yuko Umuvyeyi wiwe wo mw’ijuru Yehova yamukunda kandi ko yamushima. (Heb. 11:4) Turashobora kwemera tudakeka rero ko Abeli ari ahatagira inkomanzi kuko Yehova aguma amwibuka, akaba arindiriye kuzozuka ngo abe mw’Iparadizo ng’aha kw’isi. (Yoh. 5:28, 29) Woba none uzohurirayo na we? Birashoboka niba wiyemeje kwumviriza ico Abeli akubwira no kwigana ukwizera kwiwe kudasanzwe.

^ ing. 5 Imvugo ngo “ishingwa ry’isi” irimwo iciyumviro co guterera hasi imbuto, bikaba bifitaniye isano n’ukurondoka. Iyo mvugo igomba rero kwerekeza ku ruvyaro rwa mbere rw’abantu. Ni kubera iki none ivy’ “ishingwa ry’isi” Yezu yavyerekeje kuri Abeli aho kuvyerekeza kuri Kayini, kandi ari we muntu wa mbere yatanguye kuvuka? Ingingo Kayini yafashe be n’ivyo yakoze kwari ukugarariza Yehova Imana n’ibigirankana. Cokimwe n’abavyeyi biwe, biboneka ko atari mu gitigiri c’abacunguwe ngo bazozurwe.