Urugo rwanyu rurashobora kugira agahimbare

Urashobora kugira agahimbare mu mubano wanyu no mu rugo rwanyu ukurikije ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya.

Intangamarara

Murashobora kugira agahimbare mu mubano wanyu no mu muryango wanyu mukurikije impanuro ngirakamaro zishingiye kuri Bibiliya ziri muri aka gatabu.

IGIHIMBA CA 1

Nimwisunge Imana kugira muronke agahimbare mu mubano

Hariho ibibazo bibiri vyoroshe bishobora kubafasha kuryohora umubano wanyu.

IGIHIMBA CA 2

Nimwirinde guhemukiranira

Kudahemukira uwo mwubakanye vyoba birimwo n’ibindi uretse gusa kwirinda kurenga ibigo?

IGIHIMBA CA 3

Ingene mwotorera umuti ingorane

Muvyifashemwo neza, murashobora gutuma umubano wanyu ukomera ukarangwamwo agahimbare aho gutuma ugoyagoya ukarangwamwo umubabaro.

IGIHIMBA CA 4

Ingene mwokoresha neza amahera

Kwizigiranira no kuvugana ukuri bifasha iki?

IGIHIMBA CA 5

Ingene mwoguma mwumvikana n’incuti zanyu

Urashobora gutera iteka abavyeyi bawe utarinze guhungabanya umubano wanyu.

IGIHIMBA CA 6

Ingene uruyoya ruhindura umubano

Kuronka ikibondo vyoba bishobora gukomeza ubucuti ufitaniye n’uwo mwubakanye?

IGIHIMBA CA 7

Ingene mwoha indero umwana wanyu

Gutoza indero ntibisobanura gusa gushinga amategeko no guhana.

IGIHIMBA CA 8

Igihe urugo rwanyu rushikiwe n’ivyago

Nurondere imfashanyo ukeneye.

IGIHIMBA CA 9

Nimusenge Yehova uko mugize umuryango

Ni igiki cotuma ugusenga kwo mu muryango kurushiriza kubahimbara?