Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ingene wobeshwaho na bike

Ingene wobeshwaho na bike

 Woba ubwirizwa kubeshwaho na bike kubera ubukene bwaguteye? Indwara z’ibiza, ivyago vy’ivyaduka, ingorane z’ivya politike n’intambara birashobora gutuma haduka ubukene. Igihe bishitse ivyo wahora ukora kugira uronke ikikubeshaho bigahagarara, urata umutwe. Naho biri ukwo, Bibiliya irimwo ivyiyumviro vyogufasha kubeshwaho na bike.

1. Niwemere ko ivyawe vyahindutse.

 Ico Bibiliya ivuga: “Narize . . . kugira umurengera no gukena.”​—Abafilipi 4:12.

 Naho amahera woba uronka ubu yoba ari make ugereranije n’ayo wahora uronka, urashobora kumenyera ubwo buzima bushasha. Niwemanga ko ibintu vyahindutse maze ugahuza n’uko ibintu bisigaye vyifashe, wewe n’umuryango wawe ntimuzoteba kumenyera.

 Nurondere kumenya nimba hari imfashanyo iriko iratangwa na Leta canke amashirahamwe y’abagiraneza. Usanze hari iyiriko iratangwa, nugire ico ukoze udatebaganye kuko akenshi usanga ivyo bimara akanya gato.

2. Nimusenyere ku mugozi umwe n’umuryango wawe.

 Ico Bibiliya ivuga: “Imigambi irapfa ahatagira ikiyago c’akabanga, mugabo mu bajanama indiri haragira igishitsweko.”​—Imigani 15:22.

 Nimuganire n’uwo mwubakanye hamwe n’abana uko ibintu bisigaye vyifashe. Ivyo vyofasha umwe wese muri mwebwe gutahura ko mukeneye kugira ivyo muhinduye no gushigikira ayo mahinduka. Musenyeye ku mugozi umwe, mukirinda gusesagura, bizotuma mushobora gukoresha neza utwo duke muronka.

3. Niwandike ukuntu muzokoresha amahera.

 Ico Bibiliya ivuga: ‘Niwicare uharure ivyosohoka.’​—Luka 14:28.

 Igihe amahera winjiza yagabanutse, biba bihambaye cane ko umenya ukuntu ukoresha n’ayo makeyi usigaye uronka. Nuhere ku kwandika ayo wizigiye kuzokwinjiza ku kwezi ufatiye ku kuntu ibintu bisigaye vyifashe. Ubukurikira, niwandike ayo musanzwe musohora buri kwezi naho uzi ko ivyo vyoshobora guhinduka. Mu rutonde rw’ayo muzosohora, nushiremwo ayo ushobora kuzokoresha ku bw’ibintu vyoba mutavyiteze.

 Impanuro: Igihe wandika amahera ukoresha, ntiwibagire gushiramwo ayo mugura utuntu dutoduto. Wotangara ubonye amahera utuntu mwene utwo dutwara. Nk’akarorero, hari umuntu yigeze guharura amahera akoresha buri mwaka. Yaratangaye asanze yahora akoresha amahera atari make mu kugura amabazoka.

4. Nugure ibikenewe, kandi ugire ivyo uhinduye.

 Ico Bibiliya ivuga: “Mwiyemeze neza ibihambaye kuruta ibindi ivyo ari vyo.”​—Abafilipi 1:10.

 Nugereranye amahera winjiza n’ayo usohora, uce uraba ibintu woheba canke wogabanya kugira ayo make winjiza akubesheho. Ehe nk’ibintu bimwebimwe wohindura:

  •   Uburyo bwo kwiyunguruza. Nimba ufise imiduga myinshi, ubona gute ugurishije umwe? Nimba ufise umuduga uzimvye, ubona gute uwuhinduye ukagura uwubayabaye? Ubona gute ugiye uripakiza canke ukagenda n’ikinga, gutyo ntibibe ngombwa ko utunga umuduga?

  •   Uburyo bwo kwinezereza. Woba wogabanya amashene ya televiziyo canke antene za satelite ukoresha? Woba woronka ibizimbutse kuruta?

  •   Amatara n’amazi. Nuganire n’umuryango wawe ukuntu mwogabanya amazi, umuyagankuba canke ibintu mukoresha mu guteka. Kuzimya amatara no kutiyoga amazi menshi womenga nta co bivuze, ariko biragabanya amahera mukoresha.

  •   Ibifungurwa. Nimuze murateka aho kuja kurya mw’iresitora. Nimugire urutonde rw’ivyo muteka, kandi nimba bishoboka musume ivyo muzokoresha igihe kinini. Nimuteke vyinshi icarimwe kugira muze murashusha gusa. Nimugire urutonde rw’ivyo musuma kugira mwirinde kugura ivyo mutategekanije. Nimugure ibifungurwa vyeze muri ico gihe kubera ko ukunze gusanga biba bizimbutse. Nimwirinde kugura ibifungurwa ataco bimarira umubiri. Nimutere umurima w’imboga.

  •   Ivyambarwa. Nugure impuzu igihe gusa ushaka gusubiriza iyaheze, ntushake kuza uragura ibigezweho vyose. Nurondere kugura ibintu igihe bakoroye ibiciro kandi urondere kubigurira ahantu hazimbutse. Igihe ikirere cifashe neza, niwanikire impuzu ku zuba aho gukoresha imashini yumutsa.

  •   Ivyo mutegekanya kuzogura. Imbere y’uko ugura ikintu, niwibaze uti: ‘Ubwo ndafise amahera yo kukigura? Noba ndagikeneye vy’ukuri?’ Nimba wipfuza guhindura ivyuma mukoresha, nk’amatelefone n’imiduga ubona worindira gato? Canke na ho, ubona wogurisha ibintu utagikeneye? Ivyo bizotuma ubuzima bworoha kandi uzoronka n’utundi duhera.

 Impanuro: Igihe amahera winjiza agabanutse bukwi na bukwi, vyoshobora no gutuma wiyumvira ivyo guheba ibintu vyakwiziziye kandi vyahora bigutwara amahera menshi, nko kunywa itabi, gukina akamari no kunywa inzoga nyinshi. Ivyo bizotuma amahera usohora agabanuka vyongere bitume urushiriza kugira amagara meza.

5. Niwihatire kurushiriza kumenya Imana.

 Ico Bibiliya ivuga: “Hahiriwe abazi ko bakeneye ivy’impwemu.”​—Matayo 5:3.

 Bibiliya itanga iki ciyumviro cumvikana kigira giti: “Ubukerebutsi bu[ra]kingira umuntu nk’uko amahera akingira umuntu; mugabo akarusho k’ubumenyi ni uko ubukerebutsi buzigamira ubuzima benebwo.” (Umusiguzi 7:12) Ubwo bukerebutsi buri muri Bibiliya, kandi benshi basanze kubushira mu ngiro bibarinda amaganya adakenewe ku bijanye n’amahera.​—Matayo 6:31, 32.