Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

URURIRIMBO RWA 139

Niwibone mw’isi nshasha

Niwibone mw’isi nshasha

(Ivyahishuwe 21:1-5)

  1. 1. Niwibone, nanj’umbone,

    Mw’isi nshasha y’akaroruhore.

    Use nk’aho ubibona:

    Kwiberah’ata co winona.

    Nta mubisha azohaba;

    Hazoganz’Imana Segaba.

    Ubuzima buzoba bwiza, ncuti.

    Tuzoca twikora

    mu gahogo duti:

    (ICITABIRIZO)

    “Yehov’ukoze ibishimisha!

    Ehe vyose wabigize bisha!

    Mu mutima twuzuy’akanyamuneza;

    Ni wewe gusa dukwiye gushemeza.”

  2. 2. Ibon’ubu, nanj’umbone;

    Eh’isi nshash’ir’imbere yawe.

    Nta co wumva, nta c’ubona

    Cogutera kugir’ubwoba.

    Nk’uko yari yaravuze,

    Ihema ryayo ryadupfutse.

    Igir’ikangure abari mu mva;

    Bazoza turirimbe

    twivuy’inyuma:

    (ICITABIRIZO)

    “Yehov’ukoze ibishimisha!

    Ehe vyose wabigize bisha!

    Mu mutima twuzuy’akanyamuneza;

    Ni wewe gusa dukwiye gushemeza.”