Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

URURIRIMBO RWA 146

‘Vyose vyabaye bishasha’

‘Vyose vyabaye bishasha’

(Ivyahishuwe 21:1-5)

  1. 1. Erega bwa Bwami bwaratanguye!

    Ubu ivyo twarabitahuye.

    Mw’ijur’umwansi yaratujijwe.

    Kw’is’igomba ry’Imana rishitswe.

    (ICITABIRIZO)

    Munezerwe, bene wacu:

    Iman’ibana n’abantu.

    Nta ntuntu tuzoba tukigira,

    Nta rupfu, mbere nta n’amarira.

    Yavuz’iti: ‘Ndabigize bisha.’

    Ukwo n’ukuri gusa.

  2. 2. Rabe Yeruzalemu Nshasha kandi

    Na wa mugen’arac’ibibatsi.

    Ni wa Mwagazi yateguriwe.

    Yehov’azoba we muco wiwe.

    (ICITABIRIZO)

    Munezerwe, bene wacu:

    Iman’ibana n’abantu.

    Nta ntuntu tuzoba tukigira,

    Nta rupfu, mbere nta n’amarira.

    Yavuz’iti: ‘Ndabigize bisha.’

    Ukwo n’ukuri gusa.

  3. 3. Ni ’gisagar’ubon’ugahimbarwa

    Kandi ntikizigera cugarwa.

    Kizokayanganir’amahanga.

    Ubu twisung’umuco gitanga.

    (ICITABIRIZO)

    Munezerwe, bene wacu:

    Iman’ibana n’abantu.

    Nta ntuntu tuzoba tukigira,

    Nta rupfu, mbere nta n’amarira.

    Yavuz’iti: ‘Ndabigize bisha.’

    Ukwo n’ukuri gusa.