URURIRIMBO RWA 24
Nimuze ku musozi wa Yehova
-
1. Raba umusozi
Urut’iyindi yose
Ni wo musozi
Wa Yehova twirukira.
Abantu baraza
Baturuts’iyo kure,
Bagatumirana
Kandi bakamwumvira.
Hageze k’umuto
Ab’ihanga ry’ubushobozi.
Turagwira kuko
Agum’aduh’ubuyobozi.
Kand’abant’isinzi
Baraza kumusenga,
Bakamuraganira
Kumushigikira.
-
2. Yezu yategetse
Ko tugenda kwigisha.
Bose ya nkuru nziza
Turayibabwira.
Krist’ubu kw’aganza,
Bose nibamwumvire.
Abumv’ijwi ryiwe
Ni bo babon’inzira.
N’akamwemwe basha
Ko rya sinzi ryongerekana!
Twese turafasha
Iyo nkur’ikamenyekana.
Dutumire duti:
‘Nimuze ku musozi
Wa Yehova kandi
Muce muhigumira.’
(Raba kandi Zab. 43:3; 99:9; Yes. 60:22; Ivyak. 16:5.)