Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

URURIRIMBO RWA 24

Nimuze ku musozi wa Yehova

Nimuze ku musozi wa Yehova

(Yesaya 2:2-4)

  1. 1. Raba umusozi

    Urut’iyindi yose

    Ni wo musozi

    Wa Yehova twirukira.

    Abantu baraza

    Baturuts’iyo kure,

    Bagatumirana

    Kandi bakamwumvira.

    Hageze k’umuto

    Ab’ihanga ry’ubushobozi.

    Turagwira kuko

    Agum’aduh’ubuyobozi.

    Kand’abant’isinzi

    Baraza kumusenga,

    Bakamuraganira

    Kumushigikira.

  2. 2. Yezu yategetse

    Ko tugenda kwigisha.

    Bose ya nkuru nziza

    Turayibabwira.

    Krist’ubu kw’aganza,

    Bose nibamwumvire.

    Abumv’ijwi ryiwe

    Ni bo babon’inzira.

    N’akamwemwe basha

    Ko rya sinzi ryongerekana!

    Twese turafasha

    Iyo nkur’ikamenyekana.

    Dutumire duti:

    ‘Nimuze ku musozi

    Wa Yehova kandi

    Muce muhigumira.’